1 Samweli 29:1-11
29 Nuko Abafilisitiya+ bakoraniriza hamwe amakambi yabo yose i Afeki, mu gihe Abisirayeli bari bakambitse iruhande y’imbizi yari i Yezireyeli+.
2 Abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya bariko bagenda ari amajanajana n’ibihumbihumbi; Dawidi n’abantu biwe bagenda babakurikiye, bari kumwe na Akishi+.
3 Maze abaganwa b’Abafilisitiya bavuga bati: “Abo Baheburayo+ bo ni ibiki?” Akishi aca abwira nya baganwa b’Abafilisitiya ati: “None uyu si Dawidi umusuku wa Sauli umwami wa Isirayeli, uwumaranye nanje ng’aha umwaka umwe canke ibiri+, nanje nkaba ntasanze+ ikintu na kimwe muri we kuva umusi yata akomokera iwanje gushika n’uyu musi?”
4 Nuko abaganwa b’Abafilisitiya baramurakarira; abaganwa b’Abafilisitiya baca bamubwira bati: “Subiza inyuma uwo mugabo+, asubire ahantu hiwe wamugeneye; ntamanukane natwe ku rugamba, kugira ngo ntahave acika uwuturwanya+ mu rugamba. Mbega uyu muntu yokwitoneshesha iki ku mukama wiwe? Mbega ntiyokwitoneshesha imitwe y’aba bagabo bacu?
5 Uyu none si Dawidi, umwe baguma bitabira mu ntambo bati: ‘Sauli yishe ibihumbi, Dawidi na we ibihumbi mirongo+’?”
6 Nuko Akishi+ ahamagara Dawidi maze amubwira ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, uragororotse; kandi ugusohoka n’ukugaruka kwawe+ mw’ikambi uri kumwe nanje, kwabaye kwiza mu maso yanje+; kuko ata bubi nasanze muri wewe kuva umusi waza iwanje gushika n’uyu musi+. Mugabo mu maso y’abatware b’urunani+, nturi mwiza.
7 Ubu rero nusubire inyuma ugende amahoro, kugira ngo ntuhave ukora ikintu na kimwe kibi mu maso y’abatware b’urunani b’Abafilisitiya.”
8 Ariko Dawidi abwira Akishi ati: “None nakoze iki+, kandi ni igiki wasanze mu musuku wawe kuva umusi naza imbere yawe gushika n’uyu musi+, ku buryo ntoza ngo ndwanye koko abansi b’umukama wanje umwami?”
9 Akishi aca arishura, abwira Dawidi ati: “Ndazi neza yuko wabaye mwiza mu maso yanje, nk’umumarayika w’Imana+. Gusa, abaganwa b’Abafilisitiya ni bo bavuze ngo: ‘Ntadugane natwe ku rugamba.’
10 Ubu rero, uvyuke kare mu gitondo kumwe n’abasuku b’umukama wawe bazananye nawe; muze muvyuke kare mu gitondo mumaze kubona ko bukeye. Maze mugende+.”
11 Dawidi avyuka rero kare, we n’abantu biwe, kugira agende mu gitondo+, asubire mu gihugu c’Abafilisitiya; Abafilisitiya na bo baduga i Yezireyeli+.