Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 28:1-25

28  Muri iyo misi, Abafilisitiya batangura gukorakoranya amakambi yabo kugira ngo ingabo zirwanye Isirayeli+. Nuko Akishi abwira Dawidi ati: “Urazi neza yuko uzosohokana nanje kugira tuje mw’ikambi, wewe n’abantu bawe+.”  Dawidi aca abwira Akishi ati: “Ni co gituma wewe ubwawe uzi ico umusuku wawe abwirizwa gukora.” Nuko Akishi abwira Dawidi ati: “Ni co gituma nzogushinga kuba uwurinda umutwe wanje nantaryo+.”  Kandi Samweli yari yarapfuye; Isirayeli yose yari yaramuborogeye iraheza imuhamba i Rama igisagara ciwe+. Nayo Sauli, yari yarakuye mu gihugu abavugana n’ibiremwa vy’impwemu be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+.  Mu nyuma Abafilisitiya bakoranira hamwe, baraza maze bashinga ikambi i Shunemu+. Nuko Sauli akoraniriza hamwe Isirayeli yose baraheza bashinga ikambi i Gilibowa+.  Sauli abonye ikambi y’Abafilisitiya aratinya, umutima wiwe utangura kujugumira cane+.  Naho Sauli yasiguza Yehova+, Yehova ntiyigera amwishura+, vyaba biciye mu ndoto+ canke kuri Urimu+ canke ku bahanuzi+.  Amaherezo Sauli abwira abasuku biwe ati: “Nimundonderere umugore yakanongoreye mu vyo kuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+, nzoheza ngende iwe ndamusiguze.” Nuko abasuku biwe bamubwira bati: “Urazi! Hariho umugore yakanongoreye mu vyo kuvugana n’ibiremwa vy’impwemu i Eni-dori+.”  Sauli ariyoberanya+ rero, yambara izindi mpuzu maze aragenda, ari kumwe n’abagabo babiri; bashika kuri nya mugore mw’ijoro+. Nuko Sauli avuga ati: “Ndakwinginze undagurire+ biciye ku vy’ukuvugana n’ibiremwa vy’impwemu, undugirize uwo nkurangira.”  Ariko nya mugore amubwira ati: “Ehe wewe ubwawe urazi neza ivyo Sauli yakoze, ingene yaranduye mu gihugu abavugana n’ibiremwa vy’impwemu be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+. Kubera iki none uriko ukora nk’uwutega umutego ubuzima bwanje kugira ngo unyicishe+?” 10  Buno nyene Sauli amurahira Yehova ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, nturi bwagirwe n’ikosa muri ivyo!” 11  Nya mugore aca avuga ati: “Ndakudugirize nde?” Na we avuga ati: “Ndugiriza Samweli+.” 12  Nya mugore abonye “Samweli*+,” atangura gusemerera n’ijwi ryiwe ryose; maze uwo mugore abandanya kubwira Sauli ati: “Kubera iki wampenze, kandi wewe ubwawe uri Sauli?” 13  Mugabo umwami amubwira ati: “Ntutinye; mugabo none ubonye iki?” Uwo mugore yongera kubwira Sauli ati: “Mbonye imana+ iduga iva mu kuzimu.” 14  Sauli aca amubwira ati: “Imeze gute?” Na we ati: “Ni umutama ariko aduga, kandi yambaye umwitero utagira amaboko+.” Sauli aca amenya yuko yari “Samweli+,” maze arunama mu maso hiwe hakora hasi, akubita inkoro hasi. 15  Nuko “Samweli” abwira Sauli ati: “Kubera iki wambujije amahoro mu gutuma nduzwa+?” Sauli aca avuga ati: “Ngeze habi rwose+, kuko Abafilisitiya bariko bandwanya, Imana na yo ubwayo ikaba yamvuyeko+, ntibe ikinyishura, vyaba biciye ku bahanuzi canke biciye mu ndoto+; ni co gituma ndaguhamagaye ngo umenyeshe ico ndi bukore+.” 16  “Samweli” abandanya kuvuga ati: “Unsiguriza iki none kandi Yehova ubwiwe yakuvuyeko+, akaba asigaye akurwanya+? 17  Yehova arigirira nk’uko yavuze biciye kuri jewe; Yehova arashikura ubwami mu kuboko kwawe+, abuhe mugenzawe Dawidi+. 18  Kubera ko utagamburutse ijwi rya Yehova+, ntushitse ishavu rirurumba ryiwe kuri Amaleki+, ni co gituma Yehova aza kukugirira ata kabuza ico kintu uyu musi. 19  Bisubiye, Yehova aragutangana na Isirayeli mu kuboko kw’Abafilisitiya+; kandi ejo wewe+ n’abahungu bawe+ muzoba muri kumwe nanje. N’ikambi ya Isirayeli, Yehova arayitanga mu kuboko kw’Abafilisitiya+.” 20  Sauli aca agwa hasi arambaraye, aratinya cane kubera amajambo ya “Samweli.” Vyongeye, ntihaba inkomezi muri we, kuko atari yariye ibifungurwa umurango wose n’ijoro ryose. 21  Uwo mugore aza rero kuri Sauli maze abona ko yari yabuze amahoro rwose. Nuko amubwira ati: “Ehe umusukukazi wawe yagamburutse ijwi ryawe, ndaheza nshira ubuzima bwanje mu kaga*+, ngamburuka amajambo wambwiye. 22  Ubu rero, ndakwinginze nawe ugamburuke ijwi ry’umusukukazi wawe; reka nshire imbere yawe ikimanyu c’umukate, uheze urye, kugira ngo ugire inkomezi muri wewe, kuko uza kwigira.” 23  Mugabo aranka, avuga ati: “Sindya.” Ariko abasuku biwe be na nya mugore baguma bamuhimiriza. Amaherezo agamburuka ijwi ryabo, arahaguruka avuye hasi, yicara ku buriri. 24  Kandi uwo mugore yari afise mu nzu inyana yadoheshejwe+. Nuko arayikerera*+ ningoga maze afata ifu, acumba igicumbe araheza acotsamwo udutsima tutarimwo umwambiro. 25  Hanyuma abihereza Sauli n’abasuku biwe, na bo bararya. Inyuma y’ivyo barahaguruka maze baragenda muri iryo joro+.

Amakuru yiyongereye

Iyi nkuru ishikiriza ico kintu nk’uko cabonywe n’uwo mugore avugana n’ibiremwa vy’impwemu, uwari yahenzwe n’idayimoni yigize Samweli.
Ijambo ku rindi ni “nshira ubuzima bwanje mu kiganza canje.”
Ijambo ku rindi ni “ayishikanako ikimazi.”