Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 26:1-25

26  Mu nyuma abagabo ba Zifu+ baza kuri Sauli i Gibeya+, bavuga bati: “Mbega Dawidi ntiyinyegeje ku murambi wa Hakila+, urabana na Yeshimoni+?”  Nuko Sauli arahaguruka+, amanuka mu gahinga ka Zifu ari kumwe n’abagabo ibihumbi bitatu+, abahizi bo muri Isirayeli, aja kurondera Dawidi muri ako gahinga ka Zifu.  Sauli akambika ku murambi wa Hakila, uwurabana na Yeshimoni, iruhande y’inzira, mu gihe Dawidi yaba mu gahinga. Nuko abona ko Sauli yari yamukurikiye muri ako gahinga.  Dawidi arungika rero abatasi+ kugira ngo amenye yuko Sauli yari yaje koko.  Mu nyuma Dawidi arahaguruka, aja nya hantu Sauli yari yakambitse, maze Dawidi abona ahantu Sauli yari yaryamye, be na Abuneri+ mwene Neri, umukuru w’ingabo ziwe; Sauli yari aryamye imbere mw’ikambi+, abantu na bo bakambitse irya n’ino yiwe.  Maze Dawidi abwira Ahimeleki Umuheti+ na Abishayi+ mwene Zeruwiya+, mwene wabo na Yowabu, ati: “Ni nde amanukana nanje iyo Sauli ari, mw’ikambi?” Abishayi aca avuga ati: “Jewe ndamanukana nawe+.”  Nuko Dawidi ajana na Abishayi mw’ijoro aho nya bantu bari; maze basanga Sauli aryamye imbere mw’ikambi asinziriye, icumu ryiwe rishinze hasi, hafi y’umutwe wiwe; Abuneri n’abantu, bari baryamye irya n’ino yiwe.  Maze Abishayi abwira Dawidi ati: “Uyu musi Imana itanze umwansi wawe mu kuboko kwawe+. Ubu rero, ndakwinginze undeke ndamutobekeranye n’isi rimwe gusa, nkoresheje icumu; sindamutobekeranya kabiri.”  Ariko Dawidi abwira Abishayi ati: “Ntumukureho: mbega ni nde yatumye ukuboko ngo agirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+ akaguma atagira ikimwagira+?” 10  Dawidi abandanya kuvuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, Yehova azomwikubitira+; canke umusi uri izina+ azopfa nk’abandi bose, canke azomanuka mu rugamba+ maze azimanganywe ata kabuza+. 11  Ni ibitokwiyumvirwa+ kuri jewe, nisunze uko Yehova abona ibintu+, ko notuma ukuboko kwanje+ ngo ngirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+! None rero ndakwinginze utore icumu riri hafi y’umutwe wiwe n’ikarabiya ry’amazi, duheze twigire.” 12  Nuko Dawidi atora nya cumu na nya karabiya ry’amazi hafi y’umutwe wa Sauli baraheza barigira; ntihagira uwubibona+ canke uwubimenya canke uwikangura, kuko bose bari basinziriye, kubera yuko itiro rirerire+ rivuye kuri Yehova ryari ryabahwikiye. 13  Maze Dawidi aja hakurya, ahagarara kw’isonga ry’umusozi nka hariya; ikirere cari hagati yabo cari kinini. 14  Dawidi atangura rero gutera akamo nya bantu na Abuneri mwene Neri, ati: “Mbega ntiwishura ga Abuneri?” Abuneri+ arishura rero, avuga ati: “Uri nde wewe uteye akamo umwami?” 15  Dawidi abandanya kubwira Abuneri ati: “Mbega nturi umugabo? Kandi ni nde ameze nkawe muri Isirayeli? Kubera iki none utarinze umukama wawe umwami? Kuko umwe mu bantu yinjiye kugira akureho umwami umukama wawe+. 16  Ico kintu wakoze si ciza. Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, mukwiye gupfa+, kuko mutarinze+ umukama wanyu, uwo Yehova yarobanuje amavuta+. Ubu rero, nimurabe aho icumu ry’umwami n’ikarabiya ry’amazi+ biri, bimwe vyari hafi y’umutwe wiwe.” 17  Sauli rero amenya ijwi rya Dawidi, avuga ati: “Iryo jwi ni iryawe ga mwananje Dawidi+?” Dawidi na we avuga ati: “Ni ijwi ryanje, mukama wanje umwami.” 18  Yongerako ati: “Kubera iki umukama wanje ariko yoma inyuma umusuku wiwe+? Nkako, nakoze iki? Kandi ni ububi ubuhe buri mu kuboko kwanje+? 19  Ubu rero ndakwinginze, umukama wanje umwami yumvirize amajambo y’umusuku wiwe: Nimba Yehova ari we yagusunikiye kundwanya, namotere ishikanwa ry’intete+. Mugabo nimba ari abana b’abantu+, baravumwe imbere ya Yehova+, kuko uyu musi banyirukanye ngo siniyumvemwo ko nifatanije n’intoranwa ya Yehova+, mu kuvuga bati: ‘Genda ukorere izindi mana+!’ 20  Ubu rero, ntureke ngo amaraso yanje akorokere hasi mu maso ya Yehova+; kuko umwami wa Isirayeli yasohotse kurondera imbaragasa imwe rudende+, nk’uko umuntu ahiga inkware ku misozi+.” 21  Nuko Sauli avuga ati: “Nacumuye+. Garuka mwananje Dawidi, kuko ntazosubira kukugirira nabi, kubera yuko ubuzima bwanje bwabaye ubw’agaciro+ mu maso yawe uyu musi. Ehe nakoze ivy’ubupfu, kandi nahuvye cane.” 22  Maze Dawidi arishura, ati: “Ng’iri icumu ry’umwami; umwe mu misore najabuke aritore. 23  Yehova ni we azokwishura umwe wese ubugororotsi+ bwiwe bwite n’ubwizigirwa bwiwe bwite, kuko Yehova uno musi yagutanze mu kuboko kwanje, nanje sinashaka gutuma ukuboko kwanje ngo ngirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+. 24  Kandi ehe, nk’uko ubuzima bwawe bwabaye ubuhambaye uyu musi mu maso yanje, abe ari ko ubuzima bwanje buba ubuhambaye mu maso ya Yehova+, kugira ngo andokore mu marushwa yose+.” 25  Sauli aca abwira Dawidi ati: “Uragahezagirwa, mwananje Dawidi. Emwe, uzokora ibintu bikomeye kandi uzotahukana intsinzi ata kabuza+.” Nuko Dawidi arigira; Sauli na we asubira ahantu hiwe+.

Amakuru yiyongereye