Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 23:1-29

23  Mu nyuma baza kumenyesha Dawidi bati: “Ehe Abafilisitiya bariko barwanya Keyila+, kandi bariko barasahura ibiri ku mbuga z’ikubitiro+.”  Nuko Dawidi asiguza+ Yehova, ati: “Ngende nice abo Bafilisitiya?” Yehova na we abwira Dawidi ati: “Genda wice Abafilisitiya maze ukize Keyila.”  Ingabo za Dawidi zica zimubwira ziti: “Ehe dutinya turi ng’aha muri Yuda+, hari akantu nitwaja i Keyila kurwanya Abafilisitiya batonze urugamba+!”  Nuko Dawidi yongera kandi gusiguza Yehova+. Yehova rero amwishura ati: “Haguruka, umanuke i Keyila, kuko ntanze Abafilisitiya mu kuboko kwawe+.”  Dawidi ajana rero n’ingabo ziwe i Keyila, arwana n’Abafilisitiya maze atwara ibitungwa vyabo, mugabo bobo arabasasika bimwe bikomeye; Dawidi aba umukiza w’ababa i Keyila+.  Kandi igihe Abiyatari+ mwene Ahimeleki yahungira kuri Dawidi i Keyila, yamanukanye efodi+ mu kuboko.  Mu nyuma Sauli amenyeshwa ngo: “Dawidi yaje i Keyila+.” Maze Sauli avuga ati: “Imana yamugurishije mu kuboko kwanje+, kuko yiyugaranye mu kwinjira mu gisagara gifise imiryango n’igihindizo.”  Sauli ahamagaza rero abantu bose mu ntambara, kugira bamanuke i Keyila, ngo bugarize Dawidi n’abantu biwe.  Nuko Dawidi amenya yuko Sauli yariko ategura kumukorera ikibi+. Ku bw’ivyo abwira Abiyatari umuherezi ati: “Egeza hafi efodi+.” 10  Dawidi abandanya kuvuga ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, umusavyi wawe yumvise neza yuko Sauli ariko arondera kuza i Keyila guhonya igisagara kubera jewe+. 11  Mbega bene amatongo b’i Keyila bazontanga mu kuboko kwiwe? Mbega Sauli azomanuka, nk’uko umusavyi wawe yavyumvise? Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, ndakwinginze ubimenyeshe umusavyi wawe.” Yehova aca avuga ati: “Azomanuka+.” 12  Dawidi abandanya kuvuga ati: “None bene amatongo b’i Keyila bazontanga, jewe n’abantu banje, mu kuboko kwa Sauli?” Yehova na we avuga ati: “Bazogutanga+.” 13  Dawidi aca ahagurukana n’abantu biwe, abagabo nk’amajana atandatu+, barasohoka bava i Keyila maze babandanya kugendagenda aho bashobora kugendagenda hose. Sauli amenyeshwa yuko Dawidi yari yahunze akava i Keyila, gutyo aheba gusohoka. 14  Nuko Dawidi aba mu gahinga mu bibanza bigoye gushikamwo, aguma aba mu karere k’imisozi, mu gahinga ka Zifu+. Sauli yaguma amurondera+, mugabo Imana ntiyamutanga mu kuboko kwiwe+. 15  Dawidi abandanya gutinya, kuko Sauli yari yasohotse kumurondera mu gihe Dawidi yari mu gahinga ka Zifu i Horeshi+. 16  Yonatani mwene Sauli arahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, kugira ngo akomeze+ ukuboko kwiwe mu vyerekeye Imana+. 17  Hanyuma amubwira ati: “Ntutinye+; kuko ukuboko kwa Sauli dawe kutazokuronka, kandi wewe ubwawe uzoba umwami+ wa Isirayeli, nanje ubwanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; na Sauli dawe ivyo arabizi+.” 18  Maze abo babiri bapfundika isezerano+ imbere ya Yehova; nuko Dawidi abandanya kuba i Horeshi, Yonatani na we aja iwe. 19  Mu nyuma abagabo b’i Zifu+ baduga kwa Sauli i Gibeya+, bavuga bati: “Mbega Dawidi ntiyihishije+ hafi yacu mu bibanza bigoye gushikamwo, i Horeshi+, ku murambi wa Hakila+, uwuri ku ruhande rw’iburyo rwa Yeshimoni+? 20  Ubu rero, ewe mwami, nk’uko umutima wawe uhahamiye+ kumanuka, numanuke, natwe tuzomutanga mu kuboko kw’umwami+.” 21  Sauli aca avuga ati: “Muragahezagirwa na Yehova+, kuko mwangiriye impuhwe. 22  Ndabinginze mugende, mushishikare kandi gato, musuzume murabe aho ikibanza ciwe kiri, aho ashinga ikirenge—uwamubonye ng’aho wese—kuko bambwiye ko ari umunyarwenge koko+. 23  Murabe mwongere musuzume neza ku bijanye n’ahantu ho kwinyegeza hose yinyegeza; hanyuma muze, mugaruke aho ndi muzanye ikimenyamenya, nanje nzojana namwe; niyaba ari mu gihugu, nzomurondera rero nitonze mu bihumbi+ vyose vya Yuda.” 24  Nuko barahaguruka, baja i Zifu+ bitangiye imbere Sauli, mu gihe Dawidi n’abantu biwe bari mu gahinga ka Mawoni+ muri Araba+, mu bumanuko bwa Yeshimoni. 25  Mu nyuma Sauli azanana n’abantu biwe kumurondera+. Babimenyesheje Dawidi, aca amanuka ku rutare+ maze abandanya kuba mu gahinga ka Mawoni. Sauli avyumvise, yoma inyuma+ Dawidi muri ako gahinga ka Mawoni. 26  Amaherezo Sauli ashika hakuno y’umusozi, Dawidi n’abantu biwe na bo bari hakurya y’uwo musozi. Nuko Dawidi yihutira kugenda+ kubera Sauli; ico gihe Sauli n’abantu biwe bariko basugereza Dawidi n’abantu biwe ngo babacakire+. 27  Mugabo haza intumwa kuri Sauli, ivuga iti: “Niwihutire kugenda, kuko Abafilisitiya bagavye igitero mu gihugu!” 28  Sauli aca arahindukira areka kwoma inyuma Dawidi+, maze aja guhura n’Abafilisitiya. Ni co catumye bita aho hantu Urutare rw’Ukwigabura. 29  Maze Dawidi araduga avuye ng’aho, aja kuba mu bibanza bigoye gushikamwo i Eni-gedi+.

Amakuru yiyongereye