Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 22:1-23

22  Nuko Dawidi aragenda avuye ng’aho+, ahungira+ mw’isenga+ ry’i Adulamu+; bene wabo be n’inzu ya se yose baravyumva, baca bamanuka ng’aho iyo ari.  Maze abagabo bose bari mu marushwa+ n’abagabo bose bari bafise amadeni+ be n’abagabo bose badundumiwe ku mutima+ bakoranira kuri we+, araheza aba umukuru wabo+; yari kumwe n’abagabo nk’amajana ane.  Mu nyuma Dawidi ava ng’aho aja i Mizipe muri Mowabu, abwira umwami wa Mowabu+ ati: “Ndakwinginze dawe na mawe+ babane namwe gushika menye ico Imana izongirira.”  Nuko abacumbikira imbere y’umwami wa Mowabu, babandanya kubana na we imisi yose Dawidi yari ahantu hadashikwa+.  Mu nyuma Gadi+ umuhanuzi abwira Dawidi ati: “Ntugume uba ahantu hadashikwa. Genda, winjire mu gihugu ca Yuda+.” Nuko Dawidi aragenda, yinjira mu kibira ca Hereti.  Sauli yumva ko Dawidi n’abagabo bari kumwe na we bubuwe, igihe Sauli yari yicaye i Gibeya munsi y’igiti c’umukwaju+ ahantu hakirurutse, afise icumu+ ryiwe mu kuboko, abasuku biwe na bo bahagaze irya n’ino yiwe.  Maze Sauli abwira abasuku biwe bari bahagaze irya n’ino yiwe ati: “Ndabinginze mwumvirize yemwe Babenyamini. Mbega mwene Yese+ na we nyene azobaha mwese imirima be n’imirima y’imizabibu+? Mbega azobagena mwese kuba abakuru b’ibihumbi+ n’abakuru b’amajana?  Kuko mwese mwangīriye umugambi mubi; kandi nta n’umwe abihishurira ugutwi kwanje+ igihe umuhungu wanje agiranye isezerano+ na mwene Yese; nta n’umwe muri mwebwe anyumvira ikibabarwe ngo ahishurire ugutwi kwanje yuko umuhungu wanje yahagurukirije umusuku wanje kundwanya ari nk’uwubunze, nk’uko biri uyu musi.”  Dowegi+ Umwedomu, uwari yashizwe hejuru y’abasuku ba Sauli, aca arishura, avuga ati: “Narabonye mwene Yese aza i Nobu kwa Ahimeleki+ mwene Ahitubu+. 10  Uno amusiguriza+ Yehova; kandi yaramuhaye impamba+, amuha na ya nkota+ ya Goliyati Umufilisitiya.” 11  Umwami aca atuma guhamagara Ahimeleki mwene Ahitubu umuherezi n’inzu ya se yose, abaherezi bari i Nobu+. Nuko bose baza ku mwami. 12  Sauli rero avuga ati: “Ndakwinginze wumvirize, yewe mwene Ahitubu!” Na we ati: “Ndi hano mukama wanje.” 13  Sauli abandanya kumubwira ati: “Kubera iki mwangīriye umugambi mubi+, wewe na mwene Yese, mu kumuha imikate n’inkota, kandi agasigurizwa Imana, kugira ngo ahagurukire kundwanya ari nk’uwubunze, nk’uko nyene biri uyu musi+?” 14  Ahimeleki aca yishura umwami, ati: “Mbega ni nde mu basuku bawe bose ameze nka Dawidi+, umuntu w’umwizigirwa+, akaba n’umukwe+ w’umwami n’umukuru w’abacungera ubuzima bawe kandi aterwa iteka mu nzu yawe+? 15  Mbega uno musi ni ho ntanguye kumusiguriza+ Imana? Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe! Umwami ntagire ikintu na kimwe yegeka ku musuku wiwe no ku nzu yose ya dawe, kuko muri ivyo vyose umusuku wawe ata kintu na kimwe yari azi, ari gitoyi canke kinini+.” 16  Mugabo umwami avuga ati: “Urapfa ata kabuza+ Ahimeleki, mwe n’inzu ya so yose+.” 17  Umwami aca abwira abirutsi+ bari bahagaze irya n’ino yiwe ati: “Hindukire mwice abaherezi ba Yehova, kuko ukuboko kwabo na kwo nyene kuri kumwe na Dawidi no kubera ko bari bazi yuko ariko arahunga, ntibaheza ngo babihishurire ugutwi kwanje+!” Mugabo abasuku b’umwami ntibashaka gutuma ukuboko kwabo ngo bagurukire ku baherezi ba Yehova+. 18  Amaherezo umwami abwira Dowegi+ ati: “Wewe nuhindukire, ugurukire kuri abo baherezi!” Buno nyene Dowegi Umwedomu+ arahindukira, agurukira kuri nya baherezi; kuri uwo musi yica+ abagabo mirongo umunani na batanu bambara efodi+ y’ilino. 19  Na Nobu+ igisagara c’abaherezi, agikubitisha ubugi bw’inkota, akubitisha ubugi bw’inkota umugabo n’umugore, umwana n’uwonka, ishūri n’indogobwa n’intama. 20  Ariko umuhungu umwe wa Ahimeleki mwene Ahitubu, uwitwa Abiyatari+, anyaga amagara, arahunga kugira ngo akurikire Dawidi. 21  Maze Abiyatari abwira Dawidi ati: “Sauli yishe abaherezi ba Yehova.” 22  Dawidi aca abwira Abiyatari ati: “Nari nzi neza kuri urya musi+, kubera ko Dowegi Umwedomu ari ho yari, yuko atobuze kubibwira Sauli+. Ni jewe nakwegeye abo mu nzu ya so bose. 23  Nugumane nanje. Ntutinye, kuko uwo wese arondera ubuzima bwanje arondera ubuzima bwawe, kuko uri umuntu akeneye gukingirwa nanje+.”

Amakuru yiyongereye