1 Samweli 21:1-15
21 Mu nyuma, Dawidi ashika i Nobu+ kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki+ atangura kujugumira abonanye na Dawidi maze amubwira ati: “Kubera iki uri wenyene, ata muntu n’umwe muri kumwe+?”
2 Dawidi aca abwira Ahimeleki umuherezi ati: “Umwami ubwiwe yantegetse ku bijanye n’ikintu kimwe+, hanyuma ambwira ati: ‘Ntihagire n’umwe agira ico amenya ku bijanye n’ico kintu ngutumye kandi ngutegetse.’ Kandi numvikanye n’abasore ko duhurira aha n’aha.
3 Ubu rero, nimba hari imikate itanu ufise, nuyimpe, canke umpe icoba kihari cose+.”
4 Mugabo nya muherezi yishura Dawidi ati: “Nta mikate isanzwe iri mu kuboko kwanje, mugabo hari imikate myeranda+; nya basore bakire gusa kuba n’imiburiburi baririnze abagore+.”
5 Nuko Dawidi yishura nya muherezi ati: “Mugabo abagore bagumijwe kure yacu nk’ubwa mbere, igihe naja ku rugamba+, kandi imibiri ya nya basore iracari myeranda, naho nya gikorwa ubwaco ari igisanzwe. Hari akantu uyu musi umuntu niyaba mweranda mu mubiri wiwe!”
6 Nuko nya muherezi amuha ivyari vyeranda+, kuko ata mikate yari ihari kiretse imikate yerekanwa* yari yakuwe imbere ya Yehova+, kugira hashirweho imikate mishasha ku musi wo kuyikuraho.
7 Kandi umwe mu basuku ba Sauli yari ng’aho uwo musi, akaba yari yagumijwe+ imbere ya Yehova; izina ryiwe ryari Dowegi+ Umwedomu+, umukuru w’abungere ba Sauli+.
8 Dawidi yongera kubwira Ahimeleki ati: “Nta co woba ufise hano, ari icumu canke inkota? Kuko ntatwaye mu kuboko kwanje inkota yanje canke ibirwanisho vyanje, kubera yuko nya kintu c’umwami cari icihutirwa.”
9 Uwo muherezi aca avuga ati: “Inkota ya Goliyati+ Umufilisitiya, umwe wicira mu kiyaya co hasi ca Ela+, ng’irya, izingiwe mu mutamana, inyuma ya efodi+. Nimba ushaka kuyitwarira, nuyitware, kuko ata kindi kiri hano kiretse yo.” Dawidi abandanya kuvuga ati: “Nta yindi imeze nka yo. Yimpe.”
10 Nuko Dawidi arahaguruka, abandanya guhunga+ kuri uwo musi kubera Sauli; amaherezo ashika kwa Akishi umwami wa Gati+.
11 Maze abasuku ba Akishi bamubwira bati: “Mbega uyo si Dawidi umwami+ wa ca gihugu? Mbega uyo si we baguma bitabira n’intambo+, ngo:‘Sauli yishe ibihumbi,Dawidi na we ibihumbi mirongo+’?”
12 Dawidi ashira ayo majambo ku mutima, aratinya+ cane kubera Akishi umwami wa Gati.
13 Nuko yigira+ umusazi mu maso yabo+, atangura kwigira nk’uwudakomeye mu mutwe ari mu kuboko kwabo, aguma aharagura ku miryango y’irembo yongera arekura urukonda rugatembera ku bwanwa bwiwe.
14 Amaherezo Akishi abwira abasuku biwe ati: “Murabona ko uyu mugabo ari umusazi. Kubera iki none mumunzaniye?
15 Mbega ndakenye abasazi, muko munzanira uyu ngo yifate nk’umusazi iruhande yanje? Uyu yonyinjirira mu nzu?”
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.