Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 14:1-52

14  Umusi umwe, Yonatani+ mwene Sauli abwira umusuku yatwara ibirwanisho vyiwe ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’Abafilisitiya bari hariya hakurya.” Mugabo ntiyabimenyesha se+.  Sauli yaba ku mubari wa Gibeya+, munsi y’igiti c’ikomamanga kiri i Miguroni; abantu bari kumwe na we bari nk’abagabo amajana atandatu+.  (Ahiya mwene Ahitubu+, Ahitubu mwene wabo na Ikabodi+, Ikabodi wa Finehasi+, Finehasi wa Eli+, umuherezi wa Yehova i Shilo+, yambara efodi+.) Abantu ntibari bazi ko Yonatani yagiye.  Hagati rero y’utuyira Yonatani yarondera kugira ngo ajabuke gutera ikirindiro+ c’Abafilisitiya, hari urutare rumeze nk’iryinyo hakuno be n’urutare rumeze nk’iryinyo hakurya; urutare rumwe rwitwa Bozezi, urundi na rwo rukitwa Sene.  Rimwe muri ayo menyo ryari rimeze nk’inkingi mu buraruko, aharabana na Mikimashi+, irindi na ryo rikaba mu bumanuko, aharabana na Geba+.  Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.”  Uwo amutwaza ibirwanisho aca amubwira ati: “Nukore ikiri mu mutima wawe cose. Nuje iyo wipfuza. Ehe ndi kumwe nawe nk’uko umutima wawe uri+.”  Maze Yonatani avuga ati: “Ehe tugira tujabuke tuje iyo abo bagabo bari, tubiyereke.  Nibatubwira bati: ‘Nimuhagarare gushika duhuye namwe!’, duca duhagarara aho turi, ntitubandanye kuduga iyo bari. 10  Mugabo nibavuga bati: ‘Nimuduge muturwanye!’, duce tuduga, kuko Yehova atabura kubatanga mu kuboko kwacu; ico ni co kiza kutubera ikimenyetso+.” 11  Nuko abo babiri biyereka ikirindiro c’Abafilisitiya. Maze Abafilisitiya bavuga bati: “Ehe Abaheburayo basokorotse mu binogo bari binyegejemwo+.” 12  Nuko abagabo bo kuri nya kirindiro bishura Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho bati: “Nimuduge iyo turi, ico tubamenyesha+!” Yonatani aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: “Duga inyuma yanje, kuko Yehova atabura kubatanga mu kuboko kwa Isirayeli+.” 13  Nuko Yonatani abandanya kuduga agendera ku maboko+ n’amaguru, uwumutwaza ibirwanisho ari inyuma yiwe; maze Abafilisitiya batangura kugwa imbere ya Yonatani+, uwumutwaza ibirwanisho na we akaza arabicira inyuma yiwe+. 14  Ukwo gusasika inganda kwa mbere, ukwo Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho bagize muri bo, guhitana abagabo nka mirongo ibiri, babicira ahantu hababa igice c’ihegitari y’umurima. 15  Nuko haba ukujugumira+ mw’ikambi mu gahinga no mu bantu bose bo kuri nya kirindiro; za ngabo z’abasahuzi+ zirajugumira na zo nyene, maze isi itangura kunyiganyiga+, ivyo biraheza bicika ukujugumira kuvuye ku Mana+. 16  Inderetsi za Sauli zari i Gibeya+ ha Benyamini zirabibona, kandi ehe, umuvurungano waja irya n’ino+. 17  Nuko Sauli abwira abantu bari kumwe na we ati: “Ndabinginze muharure, murabe uwasohotse avuye muri twebwe.” Baharūye, basanga Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho atari ho bari. 18  Sauli abwira rero Ahiya+ ati: “Niwigize hafi isandugu y’Imana y’ukuri+!” (Kuko isandugu y’Imana y’ukuri uwo musi yari kumwe na bene Isirayeli+.) 19  Sauli akiriko aravugana na nya muherezi+, wa muvurungano wari mw’ikambi y’Abafilisitiya urabandanya, urushiriza gukomera. Maze Sauli abwira uwo muherezi ati: “Kurayo ukuboko kwawe.” 20  Gutyo Sauli n’abantu bose bari kumwe na we barahamagarwa+. Baraza rero gushika ku rugamba, maze basanga inkota y’umwe wese yarabishijwe kuri mugenziwe+; nya mukinagizo uba uwukomeye cane. 21  Maze Abaheburayo bari barabaye ab’Abafilisitiya+ imbere y’aho kandi bakaba bari baraduganye na bo mw’ikambi irya n’ino, na bo nyene bashaka kwerekana ko bari kumwe na Isirayeli yari kumwe na Sauli na Yonatani. 22  N’abagabo bose ba Isirayeli bari binyegeje+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu bumva ko Abafilisitiya bahunze, na bo nyene batangura kuboma inyuma mu rugamba. 23  Yehova atangura gukiza Isirayeli kuri uwo musi+, kandi urugamba ruragenda rurenga i Beti-aveni+. 24  Abagabo ba Isirayeli bari bamerewe nabi kuri uwo musi, yamara Sauli arahiza abantu+ ati: “Aravumwe umuntu aza kugira ico ariye imbere yo ku mugoroba, gushika nihoye+ abansi banje!” Nuko ntihagira n’umwe mu bantu agira ico ahonja+. 25  Maze abo mu gihugu bose binjira mw’ishamba, ico gihe hasi mw’ishamba hakaba hari ubuki+. 26  Abantu binjiye mw’ishamba, babona ubuki buriko buratonyanga+, mugabo ntihagira n’umwe ashira ukuboko ku munwa wiwe, kuko abantu batinya ya ndahiro+. 27  Nayo Yonatani, igihe se yarahiza abantu ntiyumva+; atuma rero isonga ry’inkoni yari mu kuboko kwiwe, arikoza mu kimamara c’ubuki araheza agarukana ukuboko ku munwa wiwe, maze amaso yiwe atangura guca ibibatsi+. 28  Umwe muri nya bantu aca avuga ati: “So wawe yarahije abantu ashimitse ati: ‘Aravumwe umuntu aza kurya umukate uyu musi+!’” (Abantu batangura kuruha+.) 29  Ariko Yonatani avuga ati: “Dawe yakwegeye igihugu ugukumirwa+. Ndabinginze murabe ingene amaso yanje yaciye ibibatsi kubera nahonjeje ubu buki bukeyi+. 30  Hari akantu iyo abantu baza kurya+ uno musi kw’isahu baronse ry’abansi babo+! Kuko ubu ugusasika Abafilisitiya kutabaye ugukomeye+.” 31  Kuri uwo musi, babandanya kwica Abafilisitiya kuva i Mikimashi+ gushika i Ayaloni+, maze abantu bararuha cane+. 32  Nuko abantu bagurukira kuri nya sahu n’umunoho n’akantu+, bafata intama n’inka n’inyana bazitsinda hasi barazikerera, batangura kuziryana n’amaraso+. 33  Nuko Sauli abwirwa ngo: “Ehe abantu bariko bacumura kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+.” Aca avuga ati: “Mwahemutse. Imbere ya vyose nimutembagarize ibuye rinini aho ndi.” 34  Inyuma y’ivyo, Sauli avuga ati: “Nimukwiragire mu bantu, mubabwire muti: ‘Umwe wese muri mwebwe azane hafi yanje ishūri yiwe, kandi umwe wese azane intama yiwe; muzikererere muri iki kibanza muheze murye, ntimucumure kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+.’” Nuko iryo joro abantu bose begeza hafi umwe wese ishūri yiwe yari mu kuboko kwiwe, bazikererera ng’aho. 35  Sauli yubakira rero Yehova igicaniro+. Ico kiba ari co atanguriyeko kwubakira Yehova ibicaniro+. 36  Mu nyuma Sauli avuga ati: “Tumanuke dukurikire Abafilisitiya mw’ijoro maze tubasahure gushika bukeye+, kandi ntidusigaze n’umwe muri bo+.” Na bo bavuga bati: “Nukore ikintu cose ubona ko ari ciza mu maso yawe.” Maze umuherezi avuga ati: “Twegere ng’aha Imana y’ukuri+.” 37  Nuko Sauli atangura gusiguza Imana ati: “Manuke nkurikire Abafilisitiya+? Urabatanga mu kuboko kwa Isirayeli+?” Mugabo ntiyamwishura kuri uwo musi+. 38  Sauli avuga rero ati: “Nimwegere hano+, mwebwe mwese abakurubakuru b’abantu+, maze musuzume neza mubone ukuntu iki gicumuro cashitse uyu musi. 39  Kuko, ndahiye ukubaho kwa Yehova we Murokozi wa Isirayeli, n’iyo hoba ari muri Yonatani umuhungu wanje, arapfa ata kabuza+.” Mugabo ntihagira n’umwe amwishura mu bantu bose. 40  Abandanya kubwira Isirayeli yose ati: “Mwebwe muherere ku ruhande rumwe, nanje na Yonatani umuhungu wanje duherere ku rundi ruhande.” Abantu baca babwira Sauli bati: “Nukore ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+.” 41  Maze Sauli abwira Yehova ati: “Ewe Mana ya Isirayeli, nutange Tumimu*+!” Nuko Yonatani na Sauli barafatwa, abantu na bo barera+. 42  Sauli rero avuga ati: “Nimugire ubupfindo+ kugira hafatwe ingingo hagati yanje na Yonatani umuhungu wanje.” Nuko Yonatani arafatwa. 43  Maze Sauli abwira Yonatani ati: “Mbwira: Wakoze iki+?” Yonatani rero amubwira ati: “Mu vy’ukuri nahonjeje ubuki bukeyi kw’isonga ry’inkoni iri mu kuboko kwanje+. Ndi hano! Nimpfe!” 44  Nuko Sauli avuga ati: “Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, niwagenda udapfuye+, Yonatani.” 45  Mugabo abantu babwira Sauli bati: “Mbega Yonatani arapfa, ari we yashikije ubu bukiriro bukomeye+ muri Isirayeli? Ni ibitokwiyumvirwa+! Turahiye ukubaho kwa Yehova+, hakagira n’agashatsi na kamwe+ ko ku mutwe wiwe gakorokera hasi; kuko yakoranye n’Imana uyu musi+.” Gutyo abantu bacungura+ Yonatani, ntiyapfa. 46  Sauli aca arareka gukurikira Abafilisitiya, maze Abafilisitiya baja ahantu habo+. 47  Nuko Sauli akomeza ingoma yiwe kuri Isirayeli+; atangura kurwanya abansi biwe bose irya n’ino, arwanya Mowabu+ na bene Amoni+ na Edomu+ n’abami ba Zoba+ n’Abafilisitiya+; kandi aho yahindukirira hose yarahashitsako urubanza+. 48  Abandanya kuba intwari+ kandi atangura kwica Amaleki+ no kurokora Isirayeli mu kuboko kw’abayisahura. 49  Bene Sauli bari Yonatani+ na Ishivi na Maliki-shuwa+; nayo amazina y’abakobwa biwe babiri, uwavutse ubwa mbere yitwa Merabu+, umuto na we akitwa Mikali+. 50  Umugore wa Sauli yitwa Ahinowamu umukobwa wa Ahimayazi; umukuru w’ingabo ziwe yitwa Abuneri+ mwene Neri, sewabo wa Sauli. 51  Kishi+ yari se wa Sauli, Neri+ se wa Abuneri na we akaba yari mwene Abiyeli. 52  Intambara yo kurwanya Abafilisitiya ibandanya kuba iyikomeye mu misi yose ya Sauli+. Igihe Sauli yaba abonye umugabo wese w’umunyenkomezi canke umuntu wese w’intwari, yaramwiyegereza+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.