Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 13:1-23

13  Sauli yari afise imyaka [?]* igihe yatangura kuganza+; amara imyaka ibiri aganza Isirayeli.  Nuko Sauli yitorera abagabo ibihumbi bitatu muri Isirayeli; ibihumbi bibiri bari kumwe na Sauli i Mikimashi+ no mu karere k’imisozi ka Beteli, igihumbi na bo bakaba bari kumwe na Yonatani+ i Gibeya+ ha Benyamini; abantu basigaye arabarungika, umwe wese kw’ihema ryiwe.  Maze Yonatani yica ikirindiro+ c’Abafilisitiya+ cari i Geba+; Abafilisitiya baravyumva. Nayo Sauli, ategeka ko havuzwa inzamba+ mu gihugu cose ati: “Abaheburayo nibumve!”  Nuko Isirayeli yose yumva bivugwa ngo: “Sauli yishe ikirindiro c’Abafilisitiya, none ubu Isirayeli isigaye inuka+ mu Bafilisitiya.” Abantu barakorana rero kugira bakurikire Sauli i Gilugali+.  Abafilisitiya na bo bakoranira hamwe ngo barwanye Isirayeli, imikogote y’intambara+ ibihumbi mirongo itatu n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu n’abantu mu bwinshi bangana n’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; nuko baraduga maze batangura gukambika i Mikimashi, mu buseruko bwa Beti-aveni+.  Abagabo ba Isirayeli babona ko bageze habi+, kuko abantu bari basugerejwe cane; nuko abantu baja kwinyegeza mu masenga+ no mu myobo no mu bitare no mu bibanza vyo mu kuzimu no mu vyobo vy’amazi.  Mbere Abaheburayo bajabuka Yorodani+, baja mu gihugu ca Gadi+ n’ica Gileyadi. Mugabo Sauli yari akiri i Gilugali, kandi abantu bose bamukurikira bajugumira+.  Nuko abandanya kurindira imisi indwi, gushika kuri ca gihe cashinzwe Samweli yari yaravuze+, mugabo Samweli ntiyaza i Gilugali; kandi abantu bariko barasanzara bamuvako.  Amaherezo Sauli avuga ati: “Nimunzanire ikimazi giturirwa n’ibimazi vy’ugusangira.” Aca atangura gushikana ico kimazi giturirwa+. 10  Akirangiza gushikana nya kimazi giturirwa, ng’uwo Samweli arashika. Nuko Sauli arasohoka kumusanganira no kumuhezagira+. 11  Maze Samweli avuga ati: “Ivyo wakoze ni ibiki+?” Sauli na we avuga ati: “Nabonye yuko abantu bari bashwiragiye bakamvako+, be n’uko wewe ubwawe utaje mu misi yashinzwe+, kandi ko Abafilisitiya bariko bakoranira i Mikimashi+, 12  nca nibwira nti+: ‘Noneho Abafilisitiya bahava bamanuka kuntera i Gilugali ntaratakambira* Yehova.’ Naciye rero nigobera+, nshikana ikimazi giturirwa.” 13  Samweli aca abwira Sauli ati: “Wakoze ivy’ubupfu+. Ntiwagumije ibwirizwa+ rya Yehova Imana yawe, iryo yagutegetse+, kuko iyo uba warigumije, Yehova yoshimangiye ubwami bwawe kuri Isirayeli gushika igihe kitagira urugero. 14  Ubu rero ubwami bwawe ntibuzoramba+. Emwe, Yehova azokwironderera umuntu ahimbara umutima wiwe+; kandi Yehova azomushinga ibanga ryo kuba indongozi+ y’abantu biwe, kuko utagumije ico Yehova yagutegetse+.” 15  Maze Samweli arahaguruka, ava i Gilugali aduga i Gibeya ha Benyamini, Sauli na we atangura guharūra abantu bari bakiri kumwe na we, nk’abagabo amajana atandatu+. 16  Sauli na Yonatani umuhungu wiwe n’abantu bari bakiri kumwe na bo, baba i Geba+ ha Benyamini. Nayo Abafilisitiya, bari bakambitse i Mikimashi+. 17  Ingabo z’abasahuzi zarasohoka ikambi y’Abafilisitiya ziri mu migwi itatu+. Umugwi umwe wajana inzira ija i Ofura+, werekeza mu gihugu ca Shuwali, 18  uwundi mugwi wajana inzira ya Beti-horoni+, umugwi ugira gatatu na wo ukajana inzira ija ku rubibe ruraba mu mubande wa Zeboyimu, amaja mu gahinga. 19  Ico gihe nta mucuzi yaboneka mu gihugu cose ca Isirayeli, kuko Abafilisitiya bari baravuze bati: “Kugira ngo Abaheburayo ntibahingure inkota canke icumu+.” 20  Abisirayeli bose baza baramanuka ku Bafilisitiya kugira ngo umwe wese akarihishe ikirimisho ciwe canke isipiri yiwe canke ishoka yiwe canke agakero kiwe+. 21  Igiciro co gukarihisha cari pimu* ku birimisho no ku masipiri no ku bikoresho vy’amenyo atatu no ku mashoka no ku gukwikiza umuhunda w’inka+. 22  Nuko ku musi w’urugamba, ntihaboneka inkota+ canke icumu mu kuboko kw’umuntu n’umwe mu bari kumwe na Sauli na Yonatani; mugabo haboneka ikirwanisho ca Sauli+ n’ica Yonatani umuhungu wiwe. 23  Ico gihe ikirindiro+ c’Abafilisitiya carasohoka kikerekeza mu kanyuro k’i Mikimashi+.

Amakuru yiyongereye

Igitigiri nta kirimwo mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango.
Ijambo ku rindi ni “ntarorosha mu maso ha.”
Pimu yari ingero ya kera yapima nk’amagarama umunani y’ifeza.