1 Samweli 11:1-15
11 Maze Nahashi Umwamoni+ araduga hanyuma arakambika ngo atere Yabeshi+ muri Gileyadi. Abagabo bose b’i Yabeshi baca babwira Nahashi bati: “Nugirane isezerano natwe kugira ngo tugukorere+.”
2 Mugabo Nahashi Umwamoni ababwira ati: “Nimwemera iki kintu ni ho nzorigirana namwe: nimwemera nkabanogora+ ijisho ryanyu ry’iburyo ryose, nanje nzotegerezwa kubishira kuri Isirayeli yose biyibere iceyi+.”
3 Abagabo b’inararibonye ba Yabeshi na bo bamubwira bati: “Nuduhe ikiringo c’imisi indwi; tuzorungika intumwa mu karere kose ka Isirayeli, hanyuma nimba ata wo kudukiza+ ariyo, tuzoca ata kabuza dusohoka tuze kuri wewe.”
4 Amaherezo nya ntumwa zishika i Gibeya+ ha Sauli ziraheza zivugira nya majambo mu matwi y’abantu, maze abantu bose batangura gushira ijwi hejuru no kurira+.
5 Mugabo ehe, Sauli yariko araza akurikiye ubusho avuye mu gahinga, maze Sauli avuga ati: “Abantu bafise ingorane iyihe ko barira?” Batangura kumwiganira amajambo y’abagabo b’i Yabeshi.
6 Sauli yumvise ayo majambo impwemu+ y’Imana itangura gukorera kuri we, ishavu ryiwe rica rirarurumba cane+.
7 Afata rero amashūri abiri, ayahimbaguramwo ibihimba maze abirungika mu karere kose ka Isirayeli+ biciye mu kuboko kw’intumwa, avuga ati: “Uwo muri twebwe wese atazosohoka ngo akurikire Sauli na Samweli, uku ni ko amasho yiwe azogirirwa+!” Nuko ubwoba+ buvuye kuri Yehova+ bugwa ku bantu ku buryo basohoka nk’umuntu umwe+.
8 Maze abaharurira+ i Bezeki, bene Isirayeli bagera ku bihumbi amajana atatu, abagabo ba Yuda na bo ibihumbi mirongo itatu.
9 Babwira rero izo ntumwa zari zaje bati: “Ibi ni vyo muri bubwire abagabo ba Yabeshi muri Gileyadi: ‘Ejo hazoba ubukiriro ku bwanyu izuba niryakara+.’” Nuko nya ntumwa ziza kubimenyesha abagabo ba Yabeshi, na bo baranezerwa.
10 Abagabo ba Yabeshi bavuga rero bati: “Ejo tuzosohoka tuze aho muri, namwe muze mutugirire ibintu vyose mubona ko ari vyiza mu maso yanyu+.”
11 Ku musi ukurikira, Sauli+ ashira abantu mu migwi itatu+; hanyuma binjira hagati mw’ikambi mw’iterama ryo mu gitondo+ maze bica Abamoni+ gushika ku murango izuba rikaze. Habonetse bakeyi basigaye, barashwiragizwa, ntihasigara muri bo babiri bari kumwe+.
12 Abantu rero babwira Samweli bati: “Ni nde avuga ngo: ‘Mbega Sauli ni we yoba umwami wo kutuganza+?’ Nimutange abo bantu tubice+.”
13 Mugabo Sauli avuga ati: “Nta muntu ari bwicwe kuri uyu musi+, kuko uno musi Yehova yashikije ubukiriro muri Isirayeli+.”
14 Mu nyuma Samweli abwira abantu ati: “Ingo tuje i Gilugali+ kugira tunagurireyo ingoma+.”
15 Abantu bose rero baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere ya Yehova aho i Gilugali. Hanyuma batangira ibimazi vy’ugusangira ng’aho imbere ya Yehova+; nuko Sauli n’abagabo ba Isirayeli bose bahagirira umunezero mwinshi+.