Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 10:1-27

10  Samweli atora rero agakarabo+ k’amavuta, ayasuka ku mutwe wiwe maze aramusoma+, hanyuma avuga ati: “Mbega si kubera ko Yehova yakurobanuje amavuta ngo ube indongozi+ y’intoranwa yiwe+?  Niwagenda uvanye nanje uyu musi, uraza kubona abagabo babiri hafi y’imva ya Rasheli+ mu karere ka Benyamini i Zeluza, na bo barakubwira bati: ‘Za ndogobwa z’ingore waja kurondera zarabonetse, mugabo ubu so wawe yahevye ivya nya ndogobwa z’ingore+, ahagarika umutima ku biberekeye, mu kuvuga ati: “Ngira nte ku bijanye n’umuhungu wanje+?”’  Ubandanye uvuye ng’aho ugere kure, ushike ku giti kinini ca Tabori, maze ng’aho abagabo batatu baduze ku Mana y’ukuri i Beteli+ baraza guhura nawe, umwe atwaye utwagazi tw’impene+ dutatu, uwundi atwaye utumanyu dutatu tw’umukate tw’umuzingi+, uwundi na we atwaye umubindi munini w’umuvinyu+.  Maze barakubaza uko umerewe+ hanyuma baguhe imikate ibiri; uze kuyakira mu kuboko kwabo.  Inyuma y’ivyo ni ho uza kuja ku murambi w’Imana y’ukuri+, ahari ikirindiro+ c’Abafilisitiya. Niwashikayo, mu gisagara, urahura n’umugwi w’abahanuzi+ bamanutse bavuye mu kibanza gikirurutse+, bafise imbere yabo igicurarangisho c’imirya+ n’akagoma+ n’umwironge+ n’inanga+, mu gihe bazoba bariko bavuga bwa bahanuzi.  Maze impwemu+ ya Yehova ica itangura gukorera kuri wewe, nawe uravuga koko bwa muhanuzi+ uri kumwe na bo kandi urahindurwa ugirwe uwundi muntu.  Ivyo bimenyetso+ nivyagushikako, wigirire ico ukuboko kwawe gushoboye+, kuko Imana y’ukuri iri kumwe nawe+.  Kandi uze unyitangire imbere umanuke i Gilugali+; ehe nzomanuka nze aho uri gushikana ibimazi biturirwa, guhereza ibimazi vy’ugusangira+. Uze ugume urindiriye imisi indwi+ gushika nje aho uri, nanje nzokumenyesha koko ico ukwiye gukora.”  Nuko akimara guhindukiza urutugu ngo agende avanye na Samweli, Imana itangura guhindura umutima wiwe iwugira uwundi+; ivyo bimenyetso+ vyose birashika kuri uwo musi. 10  Nuko bava ng’aho baja kuri wa murambi, kandi ehe hari umugwi w’abahanuzi bariko baza guhura na we; ako kanya impwemu y’Imana itangura gukorera kuri we+, maze atangura kuvuga bwa muhanuzi+ hagati muri bo. 11  Abari bamuzi bose bamubonye, babona yariko avuga ubuhanuzi ari kumwe n’abahanuzi. Nuko abantu babwirana bati: “Ibi ni ibiki vyashikiye mwene Kishi? Mbega Sauli na we ari mu bahanuzi+?” 12  Maze umuntu umwe wo ng’aho arishura, ati: “Mugabo none, se yabavyaye ni nde?” Ni co gituma ivyo vyabaye imvugo y’akagani+ ngo: “Mbega Sauli na we ari mu bahanuzi?” 13  Amaherezo arangiza kuvuga bwa muhanuzi maze aja muri ca kibanza gikirurutse. 14  Mu nyuma, mwene wabo na se wa Sauli abwira Sauli n’umusuku wiwe ati: “Mbega mwagiye hehe?” Na we avuga ati: “Kurondera za ndogobwa z’ingore+; twagumye tuja kuraba, mugabo si ho zari. Hanyuma dushika aho Samweli ari.” 15  Sewabo na Sauli aca avuga ati: “Ndabinginze mumbwire: Samweli yababwiye iki?” 16  Sauli na we abwira sewabo ati: “Yaratubwiye ata kwihenda yuko za ndogobwa z’ingore zabonetse.” Mugabo ca kintu Samweli yari yavuze kijanye n’ingoma, ntiyakimubwira+. 17  Nuko Samweli akoraniriza abantu imbere ya Yehova i Mizipa+, 18  abwira bene Isirayeli ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze+: ‘Ni jewe naduganye Isirayeli ndayikuye mu Misiri, nkarokora mwebwe mu kuboko kwa Misiri+ no mu kuboko kw’ubwami bwose bwabahahaza+. 19  Mugabo mwebwe, uno musi mutaye Imana yanyu+ yaza irabakiza ikabakura mu mabi mwarimwo yose no mu marushwa yanyu yose, hanyuma muvuga muti: “Oya, ahubwo umwami ni we ukwiye kudushiriraho ngo atuganze.” Ubu rero nimuhagarare imbere ya Yehova mukurikije imiryango yanyu+ n’ibihumbi vyanyu.’” 20  Nuko Samweli yegeza hafi imiryango yose ya Isirayeli+, maze umuryango wa Benyamini uratorwa+. 21  Hanyuma yegeza hafi umuryango wa Benyamini akurikije imiryango yawo, maze hatorwa+ umuryango w’Abamatiri. Amaherezo Sauli mwene Kishi aratorwa+. Batangura kumurondera, mugabo ntibamuronka. 22  Ku bw’ivyo bongera gusiguza+ Yehova, bati: “Uwo mugabo yoba yaje ng’aha koko?” Yehova na we avuga ati: “Ehe yinyegeje+ mu mizigo.” 23  Nuko biruka kumukurayo. Igihe yahagarara hagati mu bantu, yari muremure kuruta abandi bantu bose kuva ku bitugu kuduga+. 24  Maze Samweli abwira abantu bose ati: “Mwabonye uwo Yehova yatoye+, yuko ata n’umwe ameze nka we mu bantu bose?” Nuko abantu bose batangura gusemerera bati: “Umwami nabeho+!” 25  Maze Samweli abwira abantu ivy’uburenganzira bujanye n’ingoma+, avyandika mu gitabu araheza agishira imbere ya Yehova. Hanyuma Samweli arungika abantu bose, umwe wese ku nzu yiwe. 26  Nayo Sauli, aja i muhira iwe i Gibeya+, maze abagabo b’intwari Imana yari yakoze ku mutima bajana na we+. 27  Ariko abantu b’imburakimazi+ bavuga bati: “Mbega uyu azodukiza gute+?” Nuko baramusuzugura+, ntibamuzanira ingabirano+. Mugabo we abandanya kumera nk’ikiragi+.

Amakuru yiyongereye