1 Samweli 1:1-28

1  Hari umugabo umwe w’i Ramatayimu-zofimu+ ho mu karere k’imisozi ka Efurayimu+; yitwa Elikana+ mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Zufi+, Umwefurayimu.  Yari afise abagore babiri: umwe yitwa Hana, uwundi na we Penina. Nuko Penina aronka abana, mugabo Hana nta bana yari afise+.  Uwo mugabo yama ava mu gisagara ciwe ku mwaka ku mwaka akaduga i Shilo+ gukubita inkoro hasi+ imbere ya Yehova nyen’ingabo* no kumushikanira ikimazi. Aho ni ho abahungu babiri ba Eli, Hofuni na Finehasi+, bari abaherezi ba Yehova+.  Nuko hashika umusi aho Elikana ashikana ikimazi, maze aha imigabane Penina umugore wiwe, n’abahungu biwe bose n’abakobwa biwe bose+.  Mugabo Hana amuha umugabane umwe. Ariko Hana ni we yakunda+, mugabo Yehova yari yarugaye igitereko ciwe+.  Umukeba wiwe na we yaramubabaza+ bimwe bikomeye kugira ngo amubuze amahoro, kuko Yehova yari yarugaye igitereko ciwe.  Ukwo ni ko Penina yagira ku mwaka ku mwaka+, igihe cose yaduga ku nzu ya Yehova+. Ukwo ni ko yababaza Hana, ku buryo yarira, ntarye.  Nuko Elikana umugabo wiwe amubwira ati: “Hana, kubera iki urira, kandi kubera iki utarya? Kubera iki umutima wawe umerewe nabi+? Mbega sinkurutira abahungu cumi+?”  Maze Hana arahaguruka bamaze kurya ng’aho i Shilo bakamara no kunywa, mu gihe Eli umuherezi yari yicaye ku ntebe iruhande y’igishimaryango c’urusengero+ rwa Yehova. 10  Kandi yari adundumiwe mu mutima+; atangura rero gusenga Yehova+ no kurira cane+. 11  Hanyuma agira indagano+, ati: “Ewe Yehova nyen’ingabo, niwitegereza koko amarushwa y’umushumbakazi+ wawe, ukanyibuka+ koko, kandi ntiwibagire umushumbakazi wawe, ugaha vy’ukuri umushumbakazi wawe umwana w’umuhungu, nzomuha Yehova imisi yose y’ubuzima bwiwe, kandi nta rumosho ruzogera ku mutwe wiwe+.” 12  Mu gihe yariko asenga umwanya muremure+ imbere ya Yehova, Eli yariko yihweza umunwa wiwe. 13  Ariko Hana yariko avugira mu mutima wiwe+; iminwa yiwe ni yo gusa yakubita, ijwi ryiwe ntiryumvikane. Mugabo Eli amufata nk’uwaborewe+. 14  Eli amubwira rero ati: “Uzogeza ryari kwigenza nk’uwaborewe+? Ikureko uwo muvinyu wawe.” 15  Hana aca arishura, ati: “Oya mukama wanje! Ndi umugore atuntuye ku mutima; sinanyoye umuvinyu canke inzoga iboreza, ahubwo ndiko nsuka umutima wanje imbere ya Yehova+. 16  Ntufate umushumbakazi wawe nk’umugore w’imburakimazi+, kuko gushika ubu navuze ndabitumwe n’ubwinshi bw’amaganya yanje n’akababaro kanje+.” 17  Maze Eli arishura, ati: “Genda amahoro+, Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye+.” 18  Na we avuga ati: “Umusukukazi wawe nagire ubutoni mu maso yawe+.” Nuko uwo mugore aragenda hanyuma ararya+, kandi mu maso hiwe ntihasubira kuboneka amaganya+. 19  Maze bavyuka kare mu gitondo, bakubita inkoro hasi imbere ya Yehova, hanyuma basubira inyuma, baja iwabo i Rama+. Nuko Elikana aryamana+ na Hana umugore wiwe, maze Yehova aramwibuka+. 20  Nuko haciye umwaka, Hana aribungenga hanyuma avyara umuhungu araheza amwita+ Samweli, kuko yavuga ati: “Yehova ni we namusavye+.” 21  Mu nyuma, nya mugabo Elikana adugana n’urugo rwiwe rwose gushikanira Yehova ikimazi ca buri mwaka+ n’ishikanwa ryiwe ry’indagano+. 22  Ariko Hana ntiyaduga+, kuko yari yabwiye umugabo wiwe ati: “Aka gahungu kakimara gucuka+, nzokajana ata kabuza, gaseruke imbere ya Yehova, kabeyo gushika igihe kitagira urugero*+.” 23  Elikana umugabo+ wiwe aca amubwira ati: “Kora ivyo ubona ko ari vyiza mu maso yawe+. Guma i muhira gushika ugacukije. Gusa, Yehova ashitse ijambo ryiwe+.” Nya mugore rero aguma i muhira, abandanya kwonsa umuhungu wiwe gushika amucukije+. 24  Nuko akimara kumucutsa, aramudugana, hamwe n’ishūri imaze imyaka itatu, na efa* imwe y’ifu n’umubindi munini w’umuvinyu+, maze yinjira mu nzu ya Yehova i Shilo+. Kandi nya gahungu kari kumwe na we. 25  Maze bakerera nya shūri baraheza bazanira Eli+ ako gahungu. 26  Hana aca avuga ati: “Ntunga mukama wanje! Ndahiye ukubaho kwawe+ mukama wanje, ndi wa mugore yari ahagararanye nawe muri iki kibanza kugira asenge Yehova+. 27  Nasenga ku bijanye n’aka gahungu, kugira Yehova ampe ico namusaba+. 28  Nanje, ndamutije Yehova+. Imisi yose azobaho, azoba uwahawe Yehova.” Nuko Elikana yunamira Yehova ng’aho+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Efa yari ingero yangana n’amalitiro 22.