1 Petero 5:1-14
5 Abagabo b’inararibonye bo muri mwebwe rero ndabahimiriza gutya, kuko na jewe ndi umugabo w’inararibonye+ hamwe na bo nkaba n’icabona+ c’imibabaro ya Kristu, n’uwusangira na bo ubuninahazwa bugiye guhishurwa+:
2 Muragire+ ubusho bw’Imana+ mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze+; mutabitumwe n’ugukunda inyungu mbi+, ahubwo mubishashaye;
3 atari nko mu gukandamiza+ abari intoranwa y’Imana+, ahubwo mu kubera uburorero ubusho+.
4 Kandi wa mukuru w’abungere+ niyashirwa ahabona, muzoronka rwa rugori rudakabirana+ rw’ubuninahazwa+.
5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.
6 Mwicishe bugufi rero munsi y’ukuboko kw’ububasha kw’Imana, kugira ngo ibashire hejuru igihe kigeze+;
7 muterere amaganya+ yanyu yose kuri yo, kuko ibababara+.
8 Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso+. Umwansi wanyu Shetani* agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa+.
9 Mugabo mumurwanye+ mukomeye mu kwizera, muzi yuko iyo mibabaro nyene ishikira umuryango wose wa bene wanyu mw’isi+.
10 Mugabo, mumaze kubabazwa akanya gatoya+, ya Mana y’ubuntu ata wari abukwiriye bwose, imwe yabahamagarira ubuninahazwa bwayo bw’ibihe bidahera+ mu bumwe+ na Kristu, ubwayo izorangiza ukumenyerezwa kwanyu, ibashikamishe+, ibakomeze+.
11 Ubushobozi bube ubwayo+ ibihe vyose. Amen.
12 Biciye kuri Silivano+, mwene wacu w’umwizigirwa, nk’uko ndamufata, ndabandikiye muri make+ ngo ntange indemesho, nshinge n’intahe ndabigiranye ubwira yuko ubu ari bwo buntu nyakuri ata wari abukwiriye bw’Imana; mubuhagararemwo mushikamye+.
13 Umwe ari i Babiloni+ yatowe nkamwe, arabaramutsa, na Mariko+ umuhungu wanje arabaramutsa.
14 Muramukanishe ugusomana kw’urukundo+.
Mwese abunze ubumwe na Kristu mugire amahoro+.
Amakuru yiyongereye
^ Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.