1 Petero 2:1-25

2  Nuko, mwiyambure ububi+ bwose n’ubuhendanyi bwose n’ubwiyorobetsi n’inzigo n’ubwoko bwose bw’ukwambika ibara abandi+,  kandi nka kurya kw’inzoya zikivuka+, nimurondere gucambirwa amata atavanze+ ya rya jambo, kugira ngo biciye kuri yo mukure mushikire ubukiriro+,  mukire kuba mwarahonjeje yuko Umukama ari umunyabuntu+.  Mu kuza kuri we nk’abaza kw’ibuye rizima+ ryatawe+ n’abantu+ koko, mugabo rikaba ari iryatowe n’Imana kandi ry’agaciro kuri yo+,  namwe ubwanyu nk’amabuye mazima, muriko murubakwa ngo mube inzu y’impwemu+ kugira ngo mucike ubuherezi bweranda, ngo mushikane ibimazi vyo mu buryo bw’impwemu+ vyemerwa ku Mana biciye kuri Yezu Kristu+.  Kuko Icanditswe kivuga ngo: “Ehe ndiko nshira i Siyoni ibuye, iryatowe, ibuye ry’umushinge rigumya imfuruka, ry’agaciro; kandi nta n’umwe aryizera azogenda ateterewe+.”  Ni uw’agaciro rero kuri mwebwe, kuko muri abemera; mugabo ku batemera, “rya buye nyene abubatsi bataye+ ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka+,”  riba n’“ibuye ritsitaza n’igitandara kigwisha+.” Abo batsitara kuko bagambararira rya jambo. Ico nyene ni co kandi bagenewe+.  Mugabo mwebwe muri “ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda+, igisata c’inyegu yiharijwe+, kugira ngo mumenyeshe hose kamere z’agahebuza+” z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco wiwe w’agatangaza+. 10  Kuko kera mutari igisata, mugabo ubu muri igisata c’Imana+; mwari abatari baragiriwe imbabazi, mugabo ubu muri abagiriwe imbabazi+. 11  Bakundwa, ndabahimiriza nka ba kavamahanga n’ingenzi+ ngo mugume mwirinda ivyipfuzo vy’umubiri+, ari na vyo nyene biguma birwanya ubuzima+. 12  Mugumane ingeso nziza mu mahanga+, kugira ngo mu kintu babavugamwo nabi nk’inkozi z’ibibi, bivuye ku bikorwa vyanyu vyiza+ bibonera, baninahaze Imana ku musi w’igendura ryayo+. 13  Ku bw’Umukama, muyobokere+ ikiremwa-muntu cose+: kwaba ukuyobokera umwami+ nka we mukuru 14  canke ba buramatari nk’abarungitswe na we kugira ngo bahane inkozi z’ikibi, mugabo bashimagize abakora iciza+. 15  Kuko uku ari ko ukugomba kw’Imana kuri, kugira ngo mu gukora iciza muzivye amajambo y’ukutamenya y’abantu b’imburabwenge+. 16  Mube nk’abantu bidegemvya+, yamara mufise umwidegemvyo wanyu, atari nk’igitwikiro co gupfuka ububi+, mugabo nk’abashumba b’Imana+. 17  Mutere iteka abantu b’uburyo bwose+, mukunde umuryango wose w’abavukanyi+, mutinye Imana+, mutere iteka umwami+. 18  Abakozi bo mu nzu nibayobokere+ ba shebuja mu gutinya kwose kubereye+, atari gusa ku bameze neza kandi bagira ibitegereka, ahubwo no ku bagoye gushimisha. 19  Kuko nimba umuntu arindirako mu bintu bituntuza kandi akababazwa ku karenganyo arondera kugira ijwi ryo mu mutima ryiza imbere y’Imana, ico ni ikintu gishimwa n’Imana+. 20  Kuko, mwokwihaya iki nimba mucumura mugakubitwa yamara mukavyihanganira+? Mugabo nimba mukora iciza mukababazwa+ yamara mukavyihanganira, ico ni ikintu gishimwa ku Mana+. 21  Nkako, iyo nzira ni yo mwahamagariwe, kuko na Kristu yababajwe ku bwanyu+, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe+. 22  Nta gicumuro yakoze+, eka kandi nta buhendanyi bwabonetse mu kanwa kiwe+. 23  Igihe yatukwa+, ntiyasubizayo igitutsi+. Igihe yababazwa+, ntiyahiga, mugabo yaguma yiha umwe+ aca imanza mu bugororotsi. 24  We ubwiwe yarikoreye ibicumuro vyacu+ mu mubiri wiwe bwite ku giti+, kugira ngo tuvavanure n’ibicumuro+ hanyuma tubereho gukora ivy’ubugororotsi. Kandi “mwakijijwe biciye ku bisebe vyiwe+.” 25  Kuko mwari nk’intama, muriko murazimira+; ariko ubu mwaragarutse kuri wa mwungere+ akaba n’umucungezi w’ubuzima bwanyu.

Utujambo tw'epfo