Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 7:1-40

7  Kandi bene Isakari bari Tola+ na Puwa+, Yashubu na Shimuroni+: bane.  Bene Tola na bo bari Uzi na Refaya na Yeriyeli na Yahimayi na Ibusamu na Shemuweli, bakaba bari abakuru b’inzu ya ba sekuruza. Abo kuri Tola bari abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi, hakurikijwe abamuka kuri bo. Igitigiri cabo mu misi ya Dawidi+ cari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’amajana atandatu.  Mwene* Uzi yari Izirahiya; bene Izirahiya na bo bari Mikaheli, Obadiya, Yoweli, Ishiya, na [?]*: batanu, bose bakaba bari abakuru.  Kandi hamwe na bo, hakurikijwe abamuka kuri bo, nk’uko inzu ya ba sekuruza babo yari, hari abasirikare bo mu ngabo bo kurwana intambara: abagabo ibihumbi mirongo itatu na bitandatu; kuko bari bafise abagore benshi n’abahungu benshi+.  Bene wabo bo mu miryango yose ya Isakari bari abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+: ibihumbi mirongo umunani n’indwi, hakurikijwe iyandikwa rifatiye ku mamuko yabo bose+.  Bene Benyamini+ bari Bela+ na Bekeri+ na Yediyayeli+: batatu.  Bene Bela+ na bo bari Eziboni na Uzi na Uziyeli na Yerimoti na Iri: batanu, bano bakaba bari abakuru b’inzu ya ba sekuruza, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi; iyandikwa ryabo rifatiye ku mamuko+ ryerekanye ko bari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri na mirongo itatu na bane.  Bene Bekeri na bo bari Zemira na Yowasi na Eliyezeri na Eliyowenayi na Omuri na Yeremoti na Abiya na Anatoti na Alemeti, abo bose bakaba bari bene Bekeri.  Iyandikwa ryabo rifatiye ku mamuko+ hakurikijwe abamuka kuri bo, ku bijanye n’abakuru b’inzu ya ba sekuruza babo, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi, ryerekanye yuko bari ibihumbi mirongo ibiri n’amajana abiri. 10  Bene Yediyayeli+ bari: Bilihani; bene Bilihani na bo bari Yewushi na Benyamini na Ehudi na Kenayana na Zetani na Tarushishi na Ahishahari. 11  Abo bose bari bene Yediyayeli, hakurikijwe abakuru ba ba sekuruza babo, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+: bari ibihumbi cumi n’indwi n’amajana abiri baja mu ngabo kurwana intambara. 12  Abashupimu+ n’Abahupimu+ bari bene Ire+; Abahushimu bari bene Aheri. 13  Bene Nafutali+ bari Yahiziyeli+ na Guni+ na Yezeri na Shalumu*+, bene Biluha+. 14  Bene Manase+ bari Asiriyeli, uwavyawe n’incoreke yiwe y’Umusiriyakazi. (Iyo ncoreke yavyaye Makiri+ se wa Gileyadi. 15  Makiri aronkera umugore Hupimu na Shupimu; mushiki wabo yitwa Mayaka.) Uwugira kabiri yitwa Zelofehadi+, mugabo Zelofehadi avyara abakobwa gusa+. 16  Mu nyuma Mayaka umugore wa Makiri avyara umuhungu maze amwita Pereshi; kandi mwene wabo yitwa Shereshi; abahungu biwe na bo bari Ulamu na Rekemu. 17  Mwene Ulamu yari Bedani. Abo ni bo bari bene Gileyadi umuhungu wa Makiri, Makiri mwene Manase. 18  Mushikiwe yari Hamoleketi. Uno yibaruka Ishihodi na Abi-ezeri+ na Mahila. 19  Bene Shemida bari Ahiyani na Shekemu na Liki na Aniyamu. 20  Bene Efurayimu+ bari Shutela+, na Beredi mwene Shutela, na Tahati mwene Beredi, na Eleyada mwene Tahati, na Tahati mwene Eleyada, na 21  Zabadi mwene Tahati, na Shutela mwene Zabadi, na Ezeri be na Eleyadi. Nuko abagabo b’i Gati+ bari bavukiye muri ico gihugu bica Ezeri na Eleyadi kuko bari bamanutse kubatwara ibitungwa. 22  Maze Efurayimu se amara imisi myinshi agandaye+, bene wabo na bo bakaguma baza kumuhoza. 23  Mu nyuma aryamana n’umugore wiwe, ku buryo uno yibungenga+ maze akibaruka umuhungu. Mugabo amwita Beriya*, kuko yari mu vyago+ mu nzu yiwe. 24  Umukobwa wiwe yari Sheyera; uno yubaka Beti-horoni+, iyo hepfo+ n’iyo haruguru+, na Uzeni-sheyera. 25  Umuhungu wiwe na we yari Refa, be na Reshefu, uwa Reshefu akaba Tela, uwa Tela akaba Tahani, 26  uwa Tahani akaba Ladani, uwa Ladani akaba Amihudi, uwa Amihudi akaba Elishama, 27  uwa Elishama akaba Nuni+, uwa Nuni akaba Yehoshuwa*+. 28  Aho bigabira be n’aho baba hari aha: Beteli+ n’ibisagara bihakukira; mu buseruko yari Nayarani+, mu burengero ikaba Gezeri+ n’ibisagara bihakukira; na Shekemu+ be n’ibisagara bihakukira gushika i Gaza n’ibisagara bihakukira; 29  iruhande ya bene Manase: Beti-sheyani+ n’ibisagara bihakukira, Tayanaki+ n’ibisagara bihakukira, Megido+ n’ibisagara bihakukira, Dori+ n’ibisagara bihakukira. Muri ivyo bisagara ni ho bene Yozefu+ umuhungu wa Isirayeli baba. 30  Bene Asheri+ bari Imuna+ na Ishiva na Ishivi+ na Beriya+; Sera yari mushiki wabo. 31  Bene Beriya na bo bari Heberi na Malikiyeli, uno akaba yari se wa Birizayiti. 32  Nayo Heberi, avyara Yafileti na Shomeri na Hotamu, na Shuwa mushiki wabo. 33  Bene Yafileti bari Pasaki na Bimuhali na Ashuvati. Abo ni bo bari bene Yafileti. 34  Bene Shemeri bari Ahi na Rohuga, Yehuba na Aramu. 35  Bene Helemu mwene wabo bari Zofa na Imuna na Sheleshi na Amali. 36  Bene Zofa bari Suwa na Harineferi na Shuwali na Beri na Imura, 37  Bezeri na Hodi na Shama na Shilusha na Itirani na Beyera. 38  Bene Yeteri bari Yefune na Pisipa na Ara. 39  Bene Ula bari Ara na Haniyeli na Risiya. 40  Abo bose bari bene Asheri, abakuru+ b’inzu ya ba sekuruza babo, abagabo batowe, b’intwari+ kandi b’abanyenkomezi, abakuru b’abandi bakuru; banditswe mu ngabo ku bw’intambara hisunzwe amamuko yabo+. Igitigiri cabo cari abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “bene.”
Izina ntaryo mu gisomwa c’igiheburayo.
Mw’Itanguriro 46:24 no mu Guharūra 26:49 ni “Shilemu.”
Bisobanura ngo “hamwe n’ivyago.”
Canke, “Yoshuwa.”