1 Ngoma 29:1-30
29 Nuko Dawidi umwami abwira ishengero+ ryose ati: “Salomo umuhungu wanje, uwo Imana yatoye+, aracari muto+ kandi nta nkomezi aragira, mugabo igikorwa ni kinini; kuko iyo ngoro atari iy’umuntu+, ariko ni iya Yehova Imana.
2 Nk’uko ububasha+ bwanje bwose buri, narateguriye+ inzu y’Imana yanje inzahabu+ ku bw’ibizokorwa mu nzahabu, n’ifeza ku bw’ibizokorwa mw’ifeza, n’umujumpu ku bw’ibizokorwa mu mujumpu, n’ivyuma+ ku bw’ibizokorwa mu vyuma, n’ibiti+ ku bw’ibizokorwa mu biti; amabuye ya onigisi+, n’amabuye azoshirishwaho ubudongo bukomeye, n’utubuye two gushariza, n’amabuye yose y’agaciro, n’amabuye ya alabasitironi* menshi.
3 Vyongeye, kubera ko mpimbarwa+ n’inzu y’Imana yanje, haracariho ibintu bidasanzwe, binyegukira+: inzahabu n’ifeza; ndabitanze ku bw’inzu y’Imana yanje, vyiyongere ku vyo nateguriye iyo nzu nyeranda+ vyose:
4 italanto ibihumbi bitatu z’inzahabu, z’inzahabu y’i Ofiri+, n’italanto ibihumbi indwi z’ifeza ityoroye, ku bwo gupfuka impome za nya mazu;
5 inzahabu ku bw’ibizokorwa mu nzahabu, n’ifeza ku bw’ibizokorwa mw’ifeza no ku bw’igikorwa cose kizokorwa n’ukuboko kw’abahinguzi b’utugenegene. None ni nde yitanze abikunze kugira ngo uyu musi yuzuze ukuboko kwiwe ingabirano igenewe Yehova+?”
6 Maze abaganwa+ b’amazu ya ba sekuru+ n’abaganwa+ b’imiryango ya Isirayeli, n’abakuru b’ibihumbi+ n’ab’amajana+, n’abakuru b’igikorwa+ c’umwami baritanga babikunze.
7 Nuko batanga ku bw’igikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri inzahabu iciye italanto ibihumbi bitanu, n’amadariki* ibihumbi cumi, n’ifeza iciye italanto ibihumbi cumi, n’umujumpu uciye italanto ibihumbi cumi n’umunani be n’ivyuma biciye italanto ibihumbi ijana+.
8 Amabuye ayo ari yo yose abantu bari bafise bayatanga ku bw’itunga ry’inzu ya Yehova ryari rijejwe Yehiyele+ Umugerishoni+.
9 Nuko abantu banezerezwa no kubona bariko batanga amashikanwa yo ku bushake, kuko bashikanira Yehova n’umutima ukwiye amashikanwa atangwa ku bushake+; mbere na Dawidi umwami ubwiwe anezerwa akanyamuneza kenshi+.
10 Maze Dawidi ahezagira+ Yehova mu maso y’ishengero ryose+, ati: “Uragahezagirwa+, ewe Yehova Mana ya Isirayeli+ data, kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.
11 Ubukuru+ n’ubushobozi+ n’ubwiza+ n’ukuba agahebuza+ n’iteka+ ni ivyawe, ewe Yehova; kuko ikintu cose mu majuru no mw’isi ari icawe+. Ubwami ni ubwawe+, ewe Yehova, wewe mukuru ari hejuru ya vyose*+.
12 Ubutunzi+ n’ubuninahazwa+ biriho kubera wewe, kandi uganza vyose+; mu kuboko kwawe hari ububasha+ n’ubushobozi+, kandi mu kuboko kwawe hari ubushobozi bwo gutuma bose baba abahambaye+ n’ubwo kubaha inkomezi+.
13 None rero, ewe Mana yacu, turagukengurukiye+ kandi turashemeje+ izina ryawe ryiza+.
14 “Yamara, jewe ndi nde+ kandi abantu banje ni bande, kugira ngo tugumane ububasha bwo gutanga amashikanwa atangwa ku bushake nk’aya+? Kuko vyose biva kuri wewe+, kandi ivyo mu kuboko kwawe bikaba ari vyo tuguhaye.
15 Kuko turi ba kavamahanga imbere yawe tukaba n’inyambukira+ nka ba sogokuruza bacu bose. Imisi yacu kw’isi imeze nk’igitutu+, kandi nta cizigiro kiriho.
16 Ewe Yehova Mana yacu, uwu murengera wose twateguye kugira tukwubakire inzu yitirirwa izina ryawe ryeranda uva mu kuboko kwawe, kandi wose ni uwawe+.
17 Ndazi neza, ewe Mana yanje, yuko usuzuma umutima+, kandi yuko uhimbarwa n’ubugororotsi+. Jewe, mu kugororoka kw’umutima wanje ni ho ntanze ibi bintu vyose ndabikunze; none rero mpimbawe no kubona aba bantu bawe bari hano bagushikanira amashikanwa babikunze.
18 Ewe Yehova Mana ya Aburahamu na Izahaki na Isirayeli ba sogokuruza bacu+, nuzigame ivyo gushika igihe kitagira urugero nk’impengamiro y’ivyiyumviro vy’umutima w’abantu bawe+, werekeze umutima wabo kuri wewe+.
19 Salomo umuhungu wanje na we umuhe umutima ukwiye+ kugira ngo agumye amabwirizwa yawe+ n’ibishingantahe vyawe+ n’ingingo nyobozi zawe+, kugira ngo akore vyose, no kugira ngo yubake iyo ngoro+ nagiriye imyiteguro+.”
20 Hanyuma Dawidi abwira ishengero ryose+ ati: “Nimuhezagire+ rero Yehova Imana yanyu.” Nuko ishengero ryose rihezagira Yehova Imana ya ba sekuruza babo, barunama+, bakubita inkoro hasi+ imbere ya Yehova n’imbere y’umwami.
21 Nuko ku musi ukurikira uwo musi, babandanya gushikanira+ Yehova ibimazi no gushikanira Yehova amashikanwa aturirwa+: bashikana ibimasa igihumbi, impfizi z’intama igihumbi, imyagazi y’intama y’amasuguru igihumbi n’amashikanwa y’ikinyobwa+ yavyo, egome, ibimazi vyinshi ku bwa Isirayeli yose+.
22 Kuri uwo musi babandanya kurîra no kunywera imbere ya Yehova n’umunezero mwinshi+; vyongeye, bimika ubugira kabiri Salomo mwene Dawidi ngo abe umwami+ bongera bamurobanuriza amavuta Yehova ngo abe indongozi+, barobanura na Zadoki+ ngo abe umuherezi.
23 Salomo rero yicara ku ntebe y’ubwami ya Yehova+ ari umwami mu kibanza ca Dawidi se wiwe; araroranirwa+, kandi Abisirayeli bose baramugamburukira.
24 Nayo abaganwa bose+ n’abagabo b’abanyenkomezi+ be n’abahungu b’Umwami Dawidi+, bayobokera Salomo umwami.
25 Yehova abandanya kugira Salomo uwuhambaye bihebuje+ mu maso ya Isirayeli yose, no gushira kuri we iteka rya cami ritari bwabe ku mwami n’umwe yamwitangiye imbere mu kuganza Isirayeli+.
26 Nayo Dawidi mwene Yese, aganza Isirayeli yose+;
27 imisi yaganje Isirayeli yabaye imyaka mirongo ine+. I Heburoni yaganje imyaka indwi+, i Yeruzalemu na ho aganza imyaka mirongo itatu n’itatu+.
28 Amaherezo arapfa yisaziye neza+, ahaze imisi n’ubutunzi+ n’ubuninahazwa+; nuko Salomo umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe+.
29 Nayo ivya Dawidi umwami, ivya mbere n’ivya nyuma, ehe vyanditswe mu majambo ya Samweli rubonyi+ no mu majambo ya Natani+ umuhanuzi no mu majambo ya Gadi+ umubonyi,
30 hamwe n’ingoma yiwe yose n’ubushobozi bwiwe be n’ibihe+ vyari vyaraciye kuri we no kuri Isirayeli no ku bwami bwose bw’ibihugu+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Idariki cari igiceri c’inzahabu c’Abaperesi capima amagarama 8,4.
^ Ijambo ku rindi ni “wewe kandi widuza bwa mukuru hejuru ya vyose.”