Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 27:1-34

27  Nayo bene Isirayeli hakurikijwe igitigiri cabo, abakuru b’amazu ya ba sekuru+ n’abakuru+ b’ibihumbi n’ab’amajana+ n’abarongozi babo bakorera+ umwami mu bintu vyose vy’imice y’abinjira n’abasohoka ku kwezi ku kwezi, mu mezi yose y’umwaka, umuce umwumwe wose wari ugizwe n’ibihumbi mirongo ibiri na bine.  Uwagaba umuce wa mbere w’ukwezi kwa mbere yari Yashobeyamu+ mwene Zabidiyeli; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine.  Bamwe muri bene Perezi+ umukuru w’abakuru bose b’imigwi y’abakora igikorwa bari ab’ukwezi kwa mbere.  Uwagaba umuce w’ukwezi kugira kabiri yari Dodayi+ Umwahohi+, Mikiloti akaba ari we yari indongozi; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine.  Umukuru w’umugwi w’abakora igikorwa ugira gatatu ku bw’ukwezi kugira gatatu yari Benaya+ mwene Yehoyada+ umukuru w’abaherezi; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine.  Uwo Benaya+ yari umugabo w’umunyenkomezi muri bamwe mirongo itatu+ akaba kandi yagaba abo mirongo itatu; uwari umukuru w’umuce wiwe yari Amizabadi umuhungu wiwe.  Uwugira kane ku bw’ukwezi kugira kane yari Asaheli+, mwene wabo na Yowabu+, mu nyuma ziwe na ho Zebadiya umuhungu wiwe; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine.  Umukuru agira gatanu ku bw’ukwezi kugira gatanu yari Shamuhuti+ Umwizirahiya; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine.  Uwugira gatandatu ku bw’ukwezi kugira gatandatu yari Ira+ mwene Ikeshi+ Umunyatekowa+; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 10  Uwugira indwi ku bw’ukwezi kugira indwi yari Helezi+ Umupeloni+ wo muri bene Efurayimu; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 11  Uwugira umunani ku bw’ukwezi kugira umunani yari Sibekayi+ Umuhusha wo mu Bazera+; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 12  Uwugira icenda ku bw’ukwezi kugira icenda yari Abi-ezeri+ Umunyanatoti+ wo mu Babenyamini; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 13  Uwugira cumi ku bw’ukwezi kugira cumi yari Maharayi+ Umunyanetofa wo mu Bazera+; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 14  Uwugira cumi na rimwe ku bw’ukwezi kugira cumi na rimwe yari Benaya+ Umunyapiratoni wo muri bene Efurayimu+; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 15  Uwugira cumi na kabiri ku bw’ukwezi kugira cumi na kabiri yari Heludayi+ Umunyanetofa, wo kuri Otiniyeli; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 16  Abagaba imiryango ya Isirayeli+: mu Barubeni: Eliyezeri mwene Zikiri ni we yari indongozi; mu Basimeyoni: Shefatiya mwene Mayaka; 17  kuri Lewi: Hashabiya mwene Kemuweli; kuri Aroni: Zadoki+; 18  kuri Yuda: Elihu+, umwe muri bene wabo na Dawidi+; kuri Isakari: Omuri mwene Mikaheli; 19  kuri Zebuloni: Ishimaya mwene Obadiya; kuri Nafutali: Yerimoti mwene Aziriyeli; 20  muri bene Efurayimu: Hosheya mwene Azaziya; mu gice c’umuryango wa Manase: Yoweli mwene Pedaya; 21  mu gice c’umuryango wa Manase c’i Gileyadi: Ido mwene Zekariya; kuri Benyamini: Yayasiyeli mwene Abuneri+; 22  kuri Dani: Azareli mwene Yerohamu. Abo ni bo bari abaganwa+ b’imiryango ya Isirayeli. 23  Ariko Dawidi ntiyaharura igitigiri c’abari bafise imyaka iva kuri mirongo ibiri kuja munsi, kuko Yehova yari yarasezeranye gutuma Isirayeli ingana n’inyenyeri zo mu majuru+. 24  Yowabu+ mwene Zeruwiya yari yatanguye guharūra, mugabo ntiyarangiza+; ku bw’ivyo Isirayeli irarakarirwa+, maze ico gitigiri nticaja mu nkuru y’ivyo mu misi y’Umwami Dawidi. 25  Uwari ajejwe amatunga y’umwami+ yari Azimaveti mwene Adiyeli. Uwari ajejwe amatunga mu gihugu hagati+, mu bisagara+ no mu bigwati no mu minara yari Yonatani mwene Uziya. 26  Uwari ajejwe abakora igikorwa co mu mirima+, ku bwo kurima ubutaka, yari Eziri mwene Kelubu. 27  Uwari ajejwe imirima y’imizabibu+ yari Shimeyi Umunyarama; uwari ajejwe ivyari mu mirima y’imizabibu ku bw’ibigega vy’umuvinyu yari Zabidi Umunyasifumoti. 28  Uwari ajejwe imirima y’imyelayo n’ibiti vy’imisukomora+ vyari muri Shefela*+ yari Bayali-hanani Umunyagederi; uwari ajejwe ibigega vy’amavuta+ yari Yowasi. 29  Uwari ajejwe amasho yarisha i Sharoni+ yari Shiturayi Umunyasharoni; uwari ajejwe amasho mu biyaya vyo hasi yari Shafati mwene Adulayi. 30  Uwari ajejwe ingamiya+ yari Obili Umwishimayeli+; uwari ajejwe indogobwa z’ingore yari Yehideya Umunyameronoti. 31  Uwari ajejwe imikuku yari Yazizi Umuhaguri. Abo bose bari abakuru b’ibintu vyegukira Umwami Dawidi. 32  Yonatani+, umuhungwabo wa Dawidi, yari umujanama, umugabo w’umunyabwenge+, akaba ari na we yari umunyamabanga; Yehiyele mwene Hakimoni+ yari ajejwe abana b’umwami+. 33  Ahitofeli+ yari umujanama+ w’umwami; Hushayi+ Umwaruki+ yari umugenzi w’umwami+. 34  Mu nyuma za Ahitofeli haza Yehoyada mwene Benaya+ be na Abiyatari+; Yowabu+ yari umukuru w’ingabo z’umwami.

Amakuru yiyongereye

Canke, “mu ntara yo hasi.”