Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 26:1-32

26  Ivyerekeye imice y’abarinzi b’amarembo+: Mu Ba-Kora+: Meshelemiya+ mwene Kore wo muri bene Asafu.  Meshelemiya aronka abahungu: Zekariya imfura, Yediyayeli uwugira kabiri, Zebadiya uwugira gatatu, Yatiniyeli uwugira kane,  Elamu uwugira gatanu, Yehohanani uwugira gatandatu, Eliyeho-enayi uwugira indwi.  Obedi-edomu+ aronka abahungu: Shemaya imfura, Yehozabadi uwugira kabiri, Yowa uwugira gatatu, Sakari uwugira kane, Netaneli uwugira gatanu,  Amiyeli uwugira gatandatu, Isakari uwugira indwi, Pewuletayi uwugira umunani; kuko Imana yari yaramuhezagiye+.  Nuko Shemaya umuhungu wiwe avyarirwa abahungu babaye abatware b’inzu ya se, kuko bari abagabo babishoboye kandi b’abanyenkomezi.  Bene Shemaya: Otini na Refaheli na Obedi na Elizabadi, bene wabo bakaba bari abagabo babishoboye, ari bo Elihu na Semakiya.  Abo bose bari abo muri bene Obedi-edomu, bo n’abahungu babo be na bene wabo, abagabo babishoboye bafise inkomezi zo gukora igikorwa, bakaba bari mirongo itandatu na babiri begukira Obedi-edomu.  Meshelemiya+ aronka abahungu na bene wabo, bakaba bari abagabo babishoboye cumi n’umunani. 10  Hosa wo muri bene Merari aronka abahungu. Shimuri ni we yari umukuru, kuko naho atari imfura+, se wiwe yamugenye kuba umukuru+; 11  Hilikiya uwugira kabiri, Tebaliya uwugira gatatu, Zekariya uwugira kane. Abahungu ba Hosa na bene wabo, bose hamwe bari cumi na batatu. 12  Muri iyo mice y’abarinzi b’amarembo, abakuru bari bafise ibikorwa nk’uko bene wabo bari babifise+, vyo gukorera ku nzu ya Yehova. 13  Nuko bapfinda ubupfindo+, ku bw’umuto cokimwe no ku bw’uwuhambaye, hakurikijwe amazu ya ba sekuru+ yabo, ku bw’amarembo atandukanye. 14  Maze ubupfindo bwo mu buseruko buba ubwa Shelemiya+. Bapfinda ubupfindo ku bwa Zekariya+ umuhungu wiwe, umujanama+ yiyubara, maze ubupfindo bwiwe busohoka bwerekana mu buraruko+. 15  Ubwa Obedi-edomu bwerekana mu bumanuko, abahungu biwe+ na bo baronka ibigega+. 16  Ubwa Shupimu na Hosa+ bwerekana mu burengero, hafi y’Irembo Shaleketi, iruhande y’inzira y’ikirari iduga, umugwi wo kurinda+ ugatumberana n’uwundi mugwi wo kurinda+; 17  mu buseruko hari Abalewi batandatu; mu buraruko bane ku musi+; mu bumanuko bane ku musi; ku bw’ububiko+ na ho, babiribabiri; 18  ku bw’ibaraza mu burengero, bane iruhande y’inzira y’ikirari+, babiri kw’ibaraza. 19  Iyo ni yo yari imice y’abarinzi b’amarembo yo mu bahungu b’Aba-Kora+ n’iyo muri bene Merari+. 20  Ku bijanye n’Abalewi, Ahiya yari ajejwe amatunga+ y’inzu y’Imana y’ukuri n’amatunga y’ibintu vyagizwe vyeranda+. 21  Bene Ladani+, ari bo bahungu b’Umugerishoni begukira Ladani, bakaba bari abakuru b’amazu ya ba sekuru begukira Ladani Umugerishoni: Yehiyeli+. 22  Bene Yehiyeli, ari bo Zetamu na Yoweli+ mwene wabo, bari bajejwe amatunga+ y’inzu ya Yehova. 23  Ku bijanye n’Abamuramu, ku bijanye n’Abizihari, ku bijanye n’Abaheburoni, ku bijanye n’Abuziyeli+, 24  egome, Shebuweli+ mwene Gerishomu, Gerishomu wa Musa ni we yari indongozi ijejwe ububiko. 25  Ku bijanye na bene wabo: kuri Eliyezeri+ hari Rehabiya+ umuhungu wiwe na Yeshaya wa Rehabiya na Yoramu wa Yeshaya na Zikiri wa Yoramu na Shelomoti wa Zikiri. 26  Uwo Shelomoti na bene wabo bari bajejwe amatunga yose y’ibintu vyagizwe vyeranda+, ivyo Dawidi+ umwami, n’abakuru b’amazu ya ba sekuru+ babo, n’abakuru b’ibihumbi n’ab’amajana, n’abakuru b’ingabo bari baragize vyeranda. 27  Ku vyavuye mu ntambara+ no ku vyavuye mw’isahu+ hari ivyo bari baragize vyeranda kugira ngo bibungabunge inzu ya Yehova. 28  Bari bajejwe kandi ibintu vyose Samweli rubonyi+ na Sauli mwene Kishi na Abuneri+ mwene Neri na Yowabu+ mwene Zeruwiya+ bari baragize vyeranda. Ivyo umuntu wese yagira vyeranda vyagabwa na Shelomiti be na bene wabo. 29  Mu Bizihari+, Kenaniya n’abahungu biwe bari bajejwe ivyo hanze+ ari abarongozi n’abacamanza+ kuri Isirayeli. 30  Mu Baheburoni+, Hashabiya na bene wabo, abagabo babishoboye+ igihumbi n’amajana indwi, bari bajejwe ivy’ubuyobozi bwa Isirayeli mu karere ka Yorodani, mu burengero, ku bijanye n’igikorwa cose ca Yehova no ku bijanye n’igikorwa c’umwami. 31  Mu Baheburoni, Yeriya+ yari umukuru w’Abaheburoni hakurikijwe amayaruka yabo, nk’uko ba sekuruza bari. Nuko mu mwaka ugira mirongo ine+ w’ingoma ya Dawidi, barabarondera maze baronka muri bo abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi, i Yazeri+ muri Gileyadi+. 32  Bene wabo n’uwo, abagabo babishoboye+, bari ibihumbi bibiri n’amajana indwi, abakuru b’amazu ya ba sekuru+. Dawidi umwami abashinga rero kugaba Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango w’Abamanase+, ku bijanye n’ibintu vyose vy’Imana y’ukuri be n’ibintu+ vyose vy’umwami.

Amakuru yiyongereye