Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 23:1-32

23  Kandi Dawidi yari amaze gusaza+, ahâze imisi; yimika rero Salomo+ umuhungu wiwe ngo abe umwami wa Isirayeli.  Maze akoranya abaganwa bose+ ba Isirayeli n’abaherezi+ n’Abalewi+.  Nuko Abalewi baraharurwa kuva ku myaka mirongo itatu kuduga+; igitigiri cabo, umwumwe ukwiwe, umuntu w’umugabo ukwiwe, kiba ibihumbi mirongo itatu n’umunani.  Muri abo, abo kuba abahagarikizi b’igikorwa c’inzu ya Yehova bari ibihumbi mirongo ibiri na bine; abo kuba abarongozi+ n’abacamanza+ bari ibihumbi bitandatu;  n’ibihumbi bine vy’abarinzi b’amarembo+, n’ibihumbi bine vy’abashemeza+ Yehova ku bicurarangisho+ Dawidi yavuze ku bivyerekeye ati: “Nabikoze ngo bikoreshwe ku bw’ugushemeza.”  Maze Dawidi abagabanganya mu mice + ku bwa bene Lewi+, ni ukuvuga ku bwa Gerishoni, Kohati na Merari.  Ku bw’Abagerishoni: Ladani na Shimeyi.  Bene Ladani bari Yehiyele+ umukuru, na Zetamu na Yoweli+: batatu.  Bene Shimeyi bari Shelomoti na Haziyeli na Harani: batatu. Abo ni bo bari abakuru ba ba se ku bwa Ladani. 10  Bene Shimeyi na bo bari Yahati, Zina na Yewushi na Beriya. Abo uko ari bane bari bene Shimeyi. 11  Yahati aba umukuru, Ziza na we uwugira kabiri. Yewushi na Beriya bobo, ntibaronse abahungu benshi; baba rero inzu imwe ya ba sekuru+ ku bw’umugwi ujejwe ibango umwe. 12  Bene Kohati+ bari Amuramu, Izihari+, Heburoni+ na Uziyeli+: bane. 13  Bene Amuramu bari Aroni+ na Musa+. Mugabo Aroni ashirwa ku ruhande+ kugira ngo yeze Aheranda Rwose*+, we n’abahungu biwe gushika igihe kitagira urugero, kugira ngo bafumbishe umwotsi w’ibimazi+ imbere ya Yehova, kugira ngo bamukorere+ no kugira ngo bahezagire+ mw’izina ryiwe gushika igihe kitagira urugero. 14  Nayo Musa wa muntu w’Imana y’ukuri+, abahungu biwe babandanya guharurwa mu muryango w’Abalewi+. 15  Bene Musa bari Gerishomu+ na Eliyezeri+. 16  Bene Gerishomu: Shebuweli+ umukuru. 17  Bene Eliyezeri na bo: Rehabiya+ umukuru; Eliyezeri ntiyaronka abandi bahungu, mugabo bene Rehabiya baba benshi bihebuje. 18  Bene Izihari+: Shelomiti+ umukuru. 19  Bene Heburoni bari Yeriya umukuru, Amariya uwugira kabiri, Yahaziyeli uwugira gatatu na Yekameyamu+ uwugira kane. 20  Bene Uziyeli+ bari Mika umukuru na Ishiya uwugira kabiri. 21  Bene Merari+ bari Mahili na Mushi+. Bene Mahili bari Eleyazari+ na Kishi. 22  Mugabo Eleyazari arapfa; nta bahungu yari yararonse, atari abakobwa gusa. Nuko abahungu ba Kishi bene wabo barababira+. 23  Bene Mushi bari Mahili na Ederi na Yeremoti+: batatu. 24  Abo ni bo bari bene Lewi, hakurikijwe inzu ya ba se+, abakuru ba ba se, hakurikijwe abashinzwe amabanga babo, hisunzwe igitigiri c’amazina, umwumwe ukwiwe, abarangura umurimo ujanye n’igikorwa+ c’inzu ya Yehova, kuva ku bafise imyaka mirongo ibiri kuduga+. 25  Kuko Dawidi yari yaravuze ati: “Yehova Imana ya Isirayeli yahaye akaruhuko abantu biwe+, kandi azoba i Yeruzalemu gushika igihe kitagira urugero+. 26  Bisubiye, Abalewi ntibizoba ngombwa ko barerura itaberenakulo canke ico ari co cose mu bikoresho vyayo bikoreshwa igikorwa cayo+.” 27  Kuko, hisunzwe amajambo+ ya nyuma ya Dawidi, abo bari igitigiri ca bene Lewi, kuva ku bafise imyaka mirongo ibiri kuduga. 28  Kuko igikorwa cabo cari ico gufasha bene Aroni+ ku bijanye n’igikorwa co ku nzu ya Yehova, ku vyerekeye ibigo+, ivyumba vy’uburiro+, ugutyorora ikintu ceranda cose+, be n’umurimo w’igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri, 29  egome, ku bijanye n’imikate igerekeranye+ no ku bijanye n’ifu inoze+ y’ishikanwa ry’intete no ku bijanye n’udukate+ tutagiramwo+ umwambiro no ku bijanye n’udutsima two kw’ikarayi+ no ku bijanye n’igicumbe kivanze+ no ku bijanye n’ingero zose z’ibiseseka n’iz’uburebure+; 30  no ku bijanye n’uguhagarara+ ng’aho buri gitondo+ kugira ngo bakengurukire+ bongere bashemeze+ Yehova, bakabigenza gutyo nyene no ku mugoroba; 31  no ku bijanye n’ugushikanira Yehova ibimazi biturirwa ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku biringo vy’imisi mikuru+, hakurikijwe igitigiri, hisunzwe ingingo ivyerekeye, bakama babigira imbere ya Yehova. 32  Kandi bitwararika ivyo kurinda+ ihema ry’ihuriro no kurinda ahantu heranda+ no kurinda abahungu ba Aroni bene wabo, ku bw’igikorwa c’inzu ya Yehova+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.