Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 20:1-8

20  Nuko umwaka utanguye+, igihe abami basanzwe basohoka ku rugamba+, Yowabu ayobora inteko zo kurwana zo mu ngabo+ maze ageseza igihugu ca bene Amoni yongera aja gusugereza Raba+, mu gihe Dawidi yaba i Yeruzalemu; maze Yowabu asasika+ Raba, ayisenyurira hasi.  Mugabo Dawidi akura urugori rwa Malikamu* ku mutwe wayo+, maze asanga uburemere bwarwo bupima italanto y’inzahabu, kandi rwarimwo amabuye y’agaciro; nuko ruba ku mutwe wa Dawidi. Isahu ry’ico gisagara, iryo yasohoye, ryari ryinshi cane+.  Abantu bari muri co arabasohora, maze abakoresha+ mu gikorwa co kugegenesha amabuye imisumeno n’ico gukoresha ibikoresho bikarishe vy’icuma be n’ico gukoresha amashoka+; ukwo ni ko Dawidi yagirira ibisagara vyose vya bene Amoni. Amaherezo Dawidi n’abantu bose basubira i Yeruzalemu.  Inyuma y’ivyo haduka intambara i Gezeri+ yo kurwana n’Abafilisitiya+. Ico gihe ni ho Sibekayi+ Umuhusha yagarika Sipayi* wo mu bavutse ku Barefayimu+, ku buryo Abafilisitiya bamarwa igabo.  Hongera kwaduka intambara yo kurwanya Abafilisitiya; nuko Elihanani+ mwene Yayiri agarika Lahumi mwene wabo na Goliyati+ Umugiti, uruti rw’icumu ryiwe rukaba rwari rumeze nk’igiti kizingirwako inyuzi c’abajishi b’impuzu+.  Hongera kandi kwaduka intambara i Gati+, mu gihe hari umugabo w’igihagararo c’akataraboneka+ yari afise intoke n’amano bitandatubitandatu, vyose hamwe bikaba vyari mirongo ibiri na bine+; na we nyene yari yavutse ku Barefayimu+.  Nuko aguma acokora+ Isirayeli. Amaherezo Yonatani umuhungu wa Shimeya+ mwene wabo na Dawidi aramugarika.  Abo ni bo bari bavutse ku Barefayimu+ i Gati+; nuko bagwa+ biciye ku kuboko kwa Dawidi no ku kuboko kw’abasuku biwe.

Amakuru yiyongereye

Raba 2Sm 12:30, akajambo k’epfo.
Muri 2Sm 21:18 ni “Safu.”