Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 18:1-17

18  Inyuma y’ivyo, Dawidi atangura gukubita Abafilisitiya+ no kubamara igabo, maze afata i Gati+ n’ibisagara bihakukira ahakuye mu kuboko kw’Abafilisitiya.  Hanyuma atsinda Mowabu+, maze Abanyamowabu baba abasuku ba Dawidi bamuzanira ikibuguro+.  Dawidi atsindira kandi Hadadezeri+ umwami wa Zoba+ i Hamati+, mu gihe uno yariko aja gushinga ububasha bwiwe ku ruzi Efurate+.  Vyongeye, Dawidi amutwara imikogote igihumbi n’abagendera ku mafarasi ibihumbi indwi n’abagabo ibihumbi mirongo ibiri bari ku maguru+. Maze Dawidi aca ibitsi+ amafarasi yose y’imikogote+, mugabo asigaza muri yo amafarasi ijana y’imikogote.  Siriya y’i Damasiko ije gutabara Hadadezeri umwami wa Zoba+, Dawidi aca asasika mu Basiriya abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bibiri.  Inyuma y’ivyo, Dawidi ashira ibirindiro muri Siriya y’i Damasiko+, maze Abasiriya baba abasuku ba Dawidi bamuzanira ikibuguro+. Yehova yaguma aha ubukiriro Dawidi aho yaja hose+.  Vyongeye, Dawidi atora inkinzo z’umuzingi+ z’inzahabu zari ku basuku ba Hadadezeri hanyuma azijana i Yeruzalemu+.  Dawidi atwara umujumpu mwinshi cane awukuye i Tibuhati+ n’i Kuni, ibisagara vya Hadadezeri. Salomo awukoramwo ca kiyaga c’umujumpu+ na za nkingi+ be n’ibikoresho vy’umujumpu+.  Toyu* umwami wa Hamati+ yumvise ko Dawidi yari yasasitse inteko za gisirikare zose za Hadadezeri+ umwami wa Zoba, 10  aca atuma Hadoramu+ umuhungu wiwe ku Mwami Dawidi kumubaza uko amerewe no kumukeza kubera yari yarwanije Hadadezeri akamutsinda (kuko Hadadezeri yari amaze kumenyera kurwanya Toyu), kandi yari kumwe n’ubwoko bwose bw’ibintu vy’inzahabu n’ifeza+ n’umujumpu. 11  Ivyo na vyo nyene Umwami Dawidi avyereza+ Yehova, kumwe n’ifeza be n’inzahabu yari yarakuye mu mahanga yose+: muri Edomu n’i Mowabu+ no kuri bene Amoni+ no ku Bafilisitiya+ no kuri Amaleki+. 12  Nayo Abishayi+ mwene Zeruwiya+, asasika Abanyedomu mu Mubande w’Umunyu+, asasika ibihumbi cumi n’umunani. 13  Ashira rero ibirindiro muri Edomu, maze Abanyedomu bose baba abasuku ba Dawidi+. Yehova yaguma akiza Dawidi aho yaja hose+. 14  Nuko Dawidi abandanya kuganza Isirayeli yose+, kandi yaguma ashitsa ingingo y’ubutungane be n’ubugororotsi ku bw’abantu biwe bose+. 15  Yowabu mwene Zeruwiya ni we yagaba ingabo+, Yehoshafati+ mwene Ahiludi na we akaba umukarani. 16  Zadoki+ mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari+ bari abaherezi, Shavusha+ na we akaba umunyamabanga. 17  Benaya+ mwene Yehoyada+ ni we yagaba Abakereti+ n’Abapeleti+; kandi bene Dawidi bari bafise ikibanza ca mbere iruhande y’umwami+.

Amakuru yiyongereye

Muri 2Sm 8:9, 10 ni “Toyi.”