Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 16:1-43

16  Gutyo binjiza isandugu y’Imana y’ukuri+, bayishira mw’ihema Dawidi yari yarayishingiye+; maze batangura gushikiriza imbere y’Imana y’ukuri amashikanwa aturirwa n’ibimazi vy’ugusangira+.  Dawidi arangije gushikana ishikanwa riturirwa+ n’ibimazi vy’ugusangira+, atangura guhezagira+ abantu mw’izina rya Yehova+.  Vyongeye, agabanganiriza+ ibifungurwa Abisirayeli bose, umugabo n’umugore, umwe wese amuha akamanyu k’umukate k’umuzingi n’agatsima ko mu ngazi z’itende n’agatsima k’inzabibu zumye.  Maze ashira imbere y’isandugu ya Yehova bamwe mu Balewi+ ngo babe abasuku+, kugira ngo bibutse+ abantu no kugira ngo bakengurukire+ bongere bashemeze+ Yehova Imana ya Isirayeli:  Asafu+ umukuru, uwugira kabiri kuri we akaba yari Zekariya, hanyuma Yeyeli na Shemiramoti na Yehiyele na Matitiya na Eliyabu na Benaya na Obedi-edomu na Yeyeli+, bafise ibicurarangisho vyo mu bwoko bw’ibifise imirya, n’inanga+, Asafu+ akaba yari afise ivyuma bisāma vyo kuvuza n’ijwi ryumvikana+,  na Benaya na Yahaziyeli abaherezi bafise inzumbete+ ubudasiba imbere y’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.  Kuri uwo musi ni ho rero Dawidi yatanga intererano+ ari bwo bwa mbere kugira akengurukire+ Yehova biciye kuri Asafu+ no kuri bene wabo:   “Nimukengurukire Yehova+; nimwambaze izina ryiwe+, Mumenyeshe ibikorwa vyiwe mu bisata vy’abantu+!   Nimumuririmbire+, mumuhibongoreze+, Mwitwararike ibikorwa vy’agatangaza vyiwe vyose+. 10  Nimwiratire izina+ ryiwe ryeranda+, Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+. 11  Nimurondere Yehova be n’inkomezi ziwe+, Murondere mu maso hiwe nantaryo+. 12  Nimwibuke ibikorwa vyiwe vy’agatangaza yaranguye+, Ibitangaro vyiwe n’ingingo z’ubutungane* z’akanwa kiwe+, 13  Yemwe ruvyaro rwa Isirayeli umusavyi wiwe+, Mwebwe bene Yakobo, abo yatoye+. 14  Ni we Yehova Imana yacu+; mw’isi yose hari ingingo ziwe z’ubutungane+. 15  Nimwibuke isezerano ryiwe, egome, gushika igihe kitagira urugero+, Mwibuke ijambo yategetse, gushika ku mayaruka igihumbi+, 16  Isezerano yagiranye na Aburahamu+, N’indahiro yarahiye Izahaki+. 17  Iyo yagumijeho bwa ngingo nyobozi kuri Yakobo+, Bwa sezerano ryamaho igihe kitagira urugero kuri Isirayeli+, 18  Akavuga ati: ‘Nzoguha igihugu ca Kanani+, Kibe wo mugabane w’intoranwa yanyu+.’ 19  Aho hari igihe mwari imparurwa+, Emwe, bake cane, mukaba na ba kavamahanga muri co+. 20  Kandi baguma bagendagenda bava mw’ihanga baja mu rindi+, Bava mu bwami bumwe bagana ikindi gisata+. 21  Ntiyemeye ko hagira n’umwe abagunga+, Mugabo kubera bo, yarakangiriye abami+, 22  Ati: ‘Ntimukore ku bo narobanuje amavuta, Kandi ntihagire ikintu kibi na kimwe mugirira abahanuzi banje+.’ 23  Ririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese+! Mutangaze umusi ku wundi ubukiriro atanga+! 24  Nimwigane mu mahanga ubuninahazwa bwiwe, Mwigane mu bisata vy’abantu vyose ibikorwa vyiwe vy’agatangaza. 25  Kuko Yehova ahambaye kandi ni uwo gushemezwa rwose+, Kandi akaba akwiye gutinywa kurusha izindi mana+ zose. 26  Kuko imana zose z’ibisata vy’abantu ari imana ata co zimaze+. Mugabo Yehova we, yakoze amajuru+. 27  Iteka n’ubwiza bwakaka biri imbere yiwe+, Inkomezi n’akanyamuneza biri ahantu hiwe+. 28  Nimuherereze kuri Yehova, yemwe miryango y’ibisata vy’abantu, Nimuherereze kuri Yehova ubuninahazwa n’inkomezi+. 29  Nimuhe Yehova ubuninahazwa bw’izina ryiwe+, Nimutware ingabirano mwinjire imbere yiwe+. Nimwunamire Yehova mu gushaza kweranda+. 30  Nimugire ububabare bukaze kubera we, yemwe abo kw’isi mwese! N’ubutaka bwimbuka burashimangiwe: Ntibuzokwigera bunyiganyizwa+. 31  Amajuru nahimbarwe, isi na yo inezerwe+, Nibivuge mu mahanga biti: ‘Yehova ubwiwe acitse umwami+!’ 32  Ikiyaga nigituragare be n’ibicuzuye+, Agahinga nikigine be n’ibiri muri ko vyose+. 33  Ico gihe nyene, ibiti vyo mu kibira nibiturikishe binezerwe kubera Yehova+, Kuko aje gucira imanza isi+. 34  Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+, Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+. 35  Muvuge muti: ‘Dukize, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+, Utwegeranye maze udukize udukuye mu mahanga+, Ngo dukengurukire izina ryawe ryeranda+, ngo tuvugane ukwigina tugushemeza+. 36  Hahezagirwe Yehova ya Mana ya Isirayeli kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero+.’” Nuko abantu bose bavuga bati: “Amen!” bongera bashemeza Yehova+. 37  Maze asiga Asafu+ na bene wabo ng’aho imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova ngo bame bakorera+ imbere y’iyo Sandugu, nk’uko bibwirizwa kugirwa ku musi ku musi+; 38  asiga na Obedi-edomu na bene wabo, mirongo itandatu n’umunani, na Obedi-edomu mwene Yedutuni na Hosa ngo babe abarinzi b’irembo; 39  asiga na Zadoki+ umuherezi na bene wabo abaherezi imbere y’itaberenakulo ya Yehova ku kibanza gikirurutse* cari i Gibeyoni+, 40  kugira ngo bame bashikanira Yehova amashikanwa aturirwa ku gicaniro c’ishikanwa riturirwa, mu gitondo no ku mugoroba, no kugira ngo bitwararike ibintu vyose vyanditswe mw’itegeko rya Yehova, iryo yategetse Isirayeli+; 41  kandi hamwe na bo ashiraho Hemani+ na Yedutuni n’abasigaye bo mu bagabo batowe, bavuzwe+ amazina, kugira ngo bakengurukire Yehova+, kuko “ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+”; 42  Hemani+ na Yedutuni+, abashira hamwe na bo kugira ngo bavuze inzumbete+ n’ivyuma bisāma n’ibicurarangisho vy’ururirimbo rw’Imana y’ukuri; bene+ Yedutuni na bo bashirwa kw’irembo. 43  Maze abantu bose baragenda, umwe wese ku nzu yiwe+. Nuko Dawidi aja guhezagira inzu yiwe.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.