Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 13:1-14

13  Nuko Dawidi aja inama n’abakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana be n’indongozi+ zose;  hanyuma Dawidi abwira ishengero rya Isirayeli ryose ati: “Nimba bibabereye vyiza kandi bikaba vyemerwa kuri Yehova Imana yacu, dutume intumwa kuri bene wacu basigaye mu turere twose twa Isirayeli+ no ku baherezi+ be n’Abalewi+ bari mu bisagara vyabo+ bifise amatongo y’uburagiriro, kugira ngo bakoranire aho turi.  Maze tuzane hafi yacu isandugu+ y’Imana yacu.” Kuko batari barayitayeho mu misi ya Sauli+.  Nuko ishengero ryose rivuga ko bigirwa gutyo, kuko ico kintu caboneka ko kibereye mu maso y’abantu bose+.  Dawidi akoranya+ rero Isirayeli yose, kuva ku ruzi rwa Misiri+ gushika ku bwinjiriro bwa Hamati+, kugira ngo bazane isandugu+ y’Imana y’ukuri bayikuye i Kiriyati-yeyarimu+.  Maze Dawidi na Isirayeli yose baduga i Bayala+, i Kiriyati-yeyarimu, ahegukira Yuda, kugira ngo bakureyo isandugu y’Imana y’ukuri, Yehova, uwicara ku bakerubi*+, iyitirirwa izina ryiwe.  Ariko buriza isandugu y’Imana y’ukuri ku mukogote mushasha+ bayikuye mu nzu ya Abinadabu, Uza na Ahiyo+ bakaba ari bo bari bayoboye uwo mukogote.  Dawidi na Isirayeli yose bariko bahimbaza+ ico kintu imbere y’Imana y’ukuri n’inkomezi zose, n’indirimbo+, n’inanga+, n’ibicurarangisho vy’imirya+, n’utugoma+, n’ivyuma bisāma be n’inzumbete+.  Amaherezo bashika ku mbuga y’ikubitiro ya Kidoni+, maze Uza atuma ukuboko kugira ngo afate nya Sandugu+, kuko amashūri yari ahatswe kuyitembagaza. 10  Ishavu rya Yehova rica rirurumbira Uza ku buryo amugarika, kuko yari atumye ukuboko kuri nya Sandugu+, apfira ng’aho nyene imbere y’Imana+. 11  Maze Dawidi ashavuzwa+ n’uko Yehova yari arandamuye* Uza; aho hantu rero bahita Perezi-uza gushika n’uyu musi. 12  Nuko uwo musi Dawidi atinya Imana y’ukuri+, avuga ati: “Nzozana gute iwanje isandugu y’Imana y’ukuri+?” 13  Dawidi ntiyimurira nya Sandugu iwe, mu Gisagara ca Dawidi, mugabo ayikebereza mu nzu ya Obedi-edomu+ Umugiti+. 14  Nya sandugu y’Imana y’ukuri ibandanya kubana n’urugo rwa Obedi-edomu, mu nzu yiwe+, amezi atatu; kandi Yehova yaguma ahezagira+ urugo rwa Obedi-edomu n’ivyiwe vyose.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “aturikiye kuri.”