Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 11:1-47

11  Mu nyuma Abisirayeli+ bose bakoranira kuri Dawidi i Heburoni+, bavuga bati: “Ehe turi igufa ryawe n’umubiri wawe+.  Ejo be n’imbere yaho, mbere n’igihe Sauli yari umwami, ni wewe wasohokana Isirayeli ku rugamba ukongera ukayigarukana+; maze Yehova Imana yawe akubwira ati: ‘Ni wewe uzoragira+ igisata canje Isirayeli, kandi ni wewe uzoba indongozi+ y’igisata canje Isirayeli.’”  Abagabo b’inararibonye ba Isirayeli bose baza rero ku mwami i Heburoni, maze Dawidi agirana isezerano na bo i Heburoni imbere ya Yehova; hanyuma barobanuza amavuta*+ Dawidi ngo abe umwami wo kuganza Isirayeli, nk’uko ijambo rya Yehova+ ryari, iryo yavuze biciye kuri Samweli+.  Mu nyuma Dawidi na Isirayeli yose baja i Yeruzalemu+, ari yo Yebusi+, ahantu Abayebusi+ baba muri ico gihugu.  Nuko ababa i Yebusi batangura kubwira Dawidi bati: “Ntuzokwinjira ng’aha+.” Ariko Dawidi atangura gufata igihome gikomeye ca Siyoni+, ni ukuvuga Igisagara ca Dawidi+.  Dawidi avuga rero ati: “Uwuzotangura gukubita+ Abayebusi wese, azoba umukuru n’umuganwa.” Nuko Yowabu+ mwene Zeruwiya aba ari we atangura kuduga, maze aba umukuru.  Nuko Dawidi aba mu kibanza kigoye gushikamwo+. Ni co gituma bacise Igisagara ca Dawidi+.  Hanyuma yubaka ico gisagara irya n’ino, guhera ku Kidunduri gushika mbere no ku karere kari irya n’ino yaco, mugabo Yowabu aba ari we asanura+ igice gisigaye c’ico gisagara.  Nuko Dawidi aguma arushiriza kuba uwukomeye+, kuko Yehova nyen’ingabo* yari kumwe na we+. 10  Aba rero ni bo bakuru ba ba bagabo b’abanyenkomezi+ bari aba Dawidi, bamushigikiye rwose mu ngoma yiwe bari kumwe na Isirayeli yose, kugira ngo bamugire umwami nk’uko ijambo rya Yehova+ ryari ku vyerekeye Isirayeli. 11  Uru ni rwo rutonde rwa nya bagabo b’abanyenkomezi bari aba Dawidi: Yashobeyamu+ umuhungu w’Umuhakimoni, umukuru wa bamwe batatu. Yari abanguriye icumu ku bantu amajana atatu biciwe icarimwe+. 12  Inyuma yiwe hari Eleyazari+ mwene Dodo Umwahohi+. Yari muri ba bagabo b’abanyenkomezi batatu+. 13  Ni we yari kumwe na Dawidi i Pasi-damimu+, aho Abafilisitiya bari bakoraniye ku bw’intambara. Kandi hariho igice c’itongo cari cuzuye sayiri*, abantu bakaba bari barahunze kubera Abafilisitiya+. 14  Mugabo we ahagarara hagati muri nya gice c’itongo, arakirokora maze aguma asasika Abafilisitiya, ku buryo Yehova akirisha+ ubukiriro bukomeye+. 15  Maze batatu muri ba bakuru mirongo itatu+ bamanuka kuri ca gitandara, aho Dawidi yari, kw’isenga ry’i Adulamu+, mu gihe ikambi y’Abafilisitiya yari ikambitse mu kiyaya co hasi ca Refayimu+. 16  Ico gihe Dawidi yari mu kibanza kigoye gushikamwo+; kandi ico gihe ikirindiro c’Abafilisitiya+ cari i Betelehemu. 17  Haciye igihe, Dawidi aserura icipfuzo gikomeye afise, avuga ati: “Icompa nkanywa+ ku mazi yo mw’itangi ry’i Betelehemu+ riri kw’irembo!” 18  Bamwe batatu baca binjira ku nguvu mw’ikambi y’Abafilisitiya, bavoma amazi muri iryo tangi ry’i Betelehemu riri kw’irembo, maze barayatwara, bayazanira Dawidi+. Dawidi ntiyemera kuyanywa, mugabo ayasuka imbere ya Yehova+. 19  Hanyuma avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, ku bijanye n’Imana yanje, gukora ico kintu! Mbega nonywa amaraso+ y’aba bagabo bemeye gushira ubuzima bwabo mu kaga? Kuko bayazanye barinze gushira ubuzima bwabo mu kaga.” Nuko ntiyemera kuyanywa+. Ivyo ni vyo ba bagabo b’abanyenkomezi batatu bakoze. 20  Nayo Abishayi+ mwene wabo na Yowabu+, aba umukuru wa bamwe batatu; yari abanguriye icumu ryiwe ku bantu amajana atatu bishwe, kandi yari rurangiranwa nka bamwe batatu. 21  Muri bamwe batatu, yaravugangwa kurusha babiri bandi; nuko aba umukuru wabo; yamara ntiyashikira+ bamwe batatu ba mbere. 22  Nayo Benaya+ mwene Yehoyada+, umuhungu w’umugabo w’intwari, uwakoze ibikorwa vyinshi i Kabuzeyeli+, agarika ba bahungu babiri ba Ariyeli w’i Mowabu; ni we yamanutse kugarika intambwe+ mu cobo c’amazi ku musi urubura rwariko ruragwa. 23  Kandi ni we yagaritse umugabo w’Umunyamisiri, umugabo w’igihagararo c’akataraboneka, yareha n’amatambwe*+ atanu. Kandi mu kuboko kw’uwo Munyamisiri hari icumu+ rimeze nk’igiti kizingirwako inyuzi c’abajishi b’impuzu; yamara yaramanutse aho ari yitwaje inkoni maze ashikura nya cumu mu kuboko kw’uwo Munyamisiri, araheza amwicisha iryo cumu ryiwe bwite+. 24  Ivyo ni vyo Benaya mwene Yehoyada yakoze; yari afise izina muri ba bagabo b’abanyenkomezi batatu. 25  Naho yari rurangiranwa kurusha bamwe mirongo itatu, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu ba mbere+. Ariko Dawidi amuha kugaba abamucungerera ubuzima+. 26  Ku bijanye n’abagabo b’abanyenkomezi bo mu nteko za gisirikare, hari Asaheli+ mwene wabo na Yowabu, Elihanani+ mwene Dodo w’i Betelehemu, 27  Shamoti+ Umuharori, Helezi Umupeloni+, 28  Ira+ mwene Ikeshi Umunyatekowa, Abi-ezeri Umunyanatoti+, 29  Sibekayi+ Umuhusha, Ilayi Umwahohi+, 30  Maharayi+ Umunyanetofa+, Heledi+ mwene Bayana Umunyanetofa, 31  Itayi mwene Ribayi+ w’i Gibeya+ ha bene Benyamini+, Benaya Umunyapiratoni+, 32  Hurayi wo mu myonga y’i Gayashi+, Abiyeli Umunyarabati, 33  Azimaveti Umunyabaharumi+, Eliyahuba Umunyashayaluboni, 34  bene Hashemu Umugizoni, Yonatani+ mwene Shage Umuharari, 35  Ahiyamu mwene Sakari+ Umuharari, Elifali+ mwene Uri, 36  Heferi Umumekerati, Ahiya Umupeloni, 37  Heziro Umunyakarumeli+, Nayarayi mwene Ezibayi, 38  Yoweli mwene wabo na Natani+, Mibuhari mwene Hagiri, 39  Zeleki Umwamoni, Naharayi Umunyaberoti, uwatwaza ibirwanisho Yowabu mwene Zeruwiya, 40  Ira Umwituri, Garebu+ Umwituri, 41  Uriya+ Umuheti+, Zabadi mwene Ahilayi, 42  Adina mwene Shiza Umurubeni, umukuru w’Abarubeni, iruhande yiwe hakaba hari abantu mirongo itatu; 43  Hanane mwene Mayaka, na Yoshafati Umumitini, 44  Uziya Umunyashitaroti, Shama na Yeyeli, bene Hotamu Umunyaroweri, 45  Yediyayeli mwene Shimuri, na Yoha mwene wabo Umunyatizi, 46  Eliyeli Umumahavi, Yeribayi na Yoshaviya bene Elinayamu, Itima Umunyamowabu. 47  Eliyeli na Obedi na Yayasiyeli Umumezobayi.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.
Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.