Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Ngoma 10:1-14

10  Nuko Abafilisitiya+ barwana na Isirayeli; maze abagabo ba Isirayeli barahunga bava imbere y’Abafilisitiya, baguma bagwa bagandaguwe ku musozi Gilibowa+.  Abafilisitiya baguma basatira Sauli n’abahungu biwe; Abafilisitiya bica Yonatani+ na Abinadabu+ na Maliki-shuwa+, abahungu ba Sauli+.  Urugamba rwo kurwanya Sauli ruba urukomeye; abarasisha umuheto amaherezo baramubona, maze akomeretswa n’abo barashi+.  Nuko Sauli abwira uwumutwaza ibirwanisho+ ati: “Sokora inkota yawe+ uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe+ ntibaze, ngo bangirire koko ivy’agashinyaguro+.” Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka+, kuko yatinye cane. Nuko Sauli afata inkota, ayīsukako+.  Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sauli apfuye, na we nyene aca yīsuka ku nkota yiwe, arapfa+.  Gutyo Sauli n’abahungu biwe batatu barapfa+, n’abo mu nzu yiwe bose bapfira hamwe.  Abagabo ba Isirayeli bose bari mu kiyaya co hasi babonye ko bahunze be n’uko Sauli n’abahungu biwe bapfuye, batangura rero guta ibisagara vyabo, barahunga+; hanyuma Abafilisitiya barashika maze babibamwo.  Ku musi ukurikira, Abafilisitiya baje kwambura+ abagandaguwe, bubuka kuri Sauli n’abahungu biwe baguye ku musozi Gilibowa+.  Nuko baramwambura baraheza bamukurako umutwe+ n’ibirwanisho vyiwe maze batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya hirya no hino kumenyesha+ ayo makuru ibigirwamana vyabo+ be n’abantu. 10  Amaherezo bashira ibirwanisho vyiwe mu nzu y’imana yabo+, agahanga kiwe na ko bakamanika ku nzu ya Dagoni+. 11  Ab’i Yabeshi+ muri Gileyadi bose bumva ivyo Abafilisitiya bari bagiriye Sauli vyose+. 12  Nuko abagabo b’intwari bose barahaguruka, batwara ikiziga ca Sauli n’ibiziga vy’abahungu biwe, babijana i Yabeshi, maze bahamba amagufa yabo munsi y’igiti kinini+ i Yabeshi+; hanyuma bamara imisi indwi bisonzesheje+. 13  Ukwo ni ko Sauli yapfuye bivuye ku buhemu bwiwe yari yarahemukiye+ Yehova, kubera ijambo rya Yehova atari yaragumije no kubera ko yituye uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+ kugira ngo abaze. 14  Ntiyasiguza Yehova+. Ku bw’ivyo aramwica maze ingoma ayiha Dawidi mwene Yese+.

Amakuru yiyongereye