1 Abatesalonika 5:1-28
5 Nayo ku vyerekeye ibihe n’ibiringo+, bene wacu, nta co mukeneye kwandikirwa.
2 Kuko mwebwe ubwanyu muzi neza cane yuko umusi+ wa Yehova uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro+.
3 Igihe bazoba+ bavuga ngo: “Amahoro+ n’umutekano!” ni ho agatikizo+ ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene nk’uko ububabare bw’ibise buza ku mugore yibungenze+; kandi ntibazogenda barusimvye+.
4 Mugabo mwebwe ga bene wacu, ntimuri mu mwiza+ ngo uwo musi uze ubahwikire nk’uko wohwikira ibisuma+,
5 kuko mwese muri abana b’umuco+ n’abana b’umurango+. Ntituri ab’ijoro canke ab’umwiza+.
6 Nuko rero, ntidusinzire+ nk’uko abandi bagira+, ahubwo tugume turikanuye+ kandi tuzigame ubwenge bwacu+.
7 Kuko abasinzira+ bamenyereye gusinzira mw’ijoro+, n’ababorerwa bagakunda kuborerwa mw’ijoro.
8 Nayo twebwe ab’umurango, tuzigame ubwenge bwacu kandi twambare ukwizera+ n’urukundo nk’igikingira igikiriza+, twambare n’icizigiro+ c’ubukiriro nk’inkofero+;
9 kuko Imana itadutoreye uburake+, ahubwo yadutoreye ukuronka ubukiriro+ biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu+.
10 Uyo yaradupfiriye+, kugira ngo twaba tuguma turikanuye canke dusinziriye, tubaneho na we+.
11 Mugume rero muhozanya+ mwongera mwubaka bagenzi banyu, nk’uko mbere muriko murabigira+.
12 Turabasaba rero, bene wacu, guha iteka abakora cane muri mwebwe kandi babahagarikira+ mu Mukama bakongera bakabakebura;
13 no kubiyumvira mu buryo burengeye ubudasanzwe, mu rukundo, kubera igikorwa cabo+. Mubane amahoro+.
14 Ariko turabahimiriza, bene wacu, mukebure abatagendera ku rutonde+, muyagishe abadendebukiwe n’ijwi ryirura+, mufate mu mugongo abagoyagoya, mwiyumanganye+ kuri bose.
15 Murabe ntihagire uwishura uwundi ikibi ku kindi+, ahubwo mwame mukurikirana iciza ku bijanye na bagenzi banyu no ku bandi bose+.
16 Mwame munezerwa+.
17 Musenge ubudahengeshanya+.
18 Mukenguruke muri vyose+. Kuko ukwo ari kwo kugomba kw’Imana mu bumwe na Kristu Yezu ku biberekeye.
19 Ntimuzimye umuriro w’impwemu+.
20 Ntimukengere ivy’ukuvuga ubuhanuzi+.
21 Mwiyemeze neza ibintu vyose+; mugumye ivyiza+.
22 Mwirinde ubwoko bwose bw’ububisha+.
23 Ya Mana y’amahoro+ ubwayo ibeze rwose+. Impwemu n’ubuzima n’umubiri vyanyu, bene wacu, bizigamwe ata gahonzi muri vyose kandi ata mugayo, mu gihe c’ukuhaba kw’Umukama wacu Yezu Kristu+.
24 Uwubahamagara ni umwizigirwa, kandi azobikora.
25 Bene wacu, mubandanye kudusengera+.
26 Muramukishe bene wacu bose ugusomana kweranda+.
27 Ndabategetse nshimitse biciye ku Mukama yuko iri kete risomerwa bene wacu bose+.
28 Ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe.