1 Abatesalonika 4:1-18

4  Ubwa nyuma, bene wacu, turabasaba kandi tukabahimiriza biciye ku Mukama Yezu, nk’uko twababwirije ku vy’ukuntu mukwiye kugenda+ no guhimbara Imana, nk’uko mbere muriko muragenda, yuko mwoguma murushiriza rwose kubigira+.  Kuko muzi amategeko+ twabahaye biciye ku Mukama Yezu.  Kuko ico Imana igomba ari iki: ni uko mwezwa+, mukirinda ubusambanyi+,  umwe wese muri mwebwe akamenya kuganza umubiri*+ wiwe bwite mu kwezwa+ no mw’iteka,  atari mu nambu y’umubiri y’intahomwa+ nk’iyo ayo mahanga+ atazi Imana afise+;  kugira ngo ntihagire n’umwe ashika aho agirira nabi mwene wabo kandi akarenga ku burenganzira bwiwe muri ivyo+, kuko Yehova ari we atanga igihano ku bw’ivyo bintu vyose+, nk’uko twabibabwiye imbere y’igihe tukanabishingira intahe inogangije kuri mwebwe+.  Kuko Imana itaduhamagariye kwirengagiza ubuhumane, ahubwo yaduhamagariye kwezwa+.  Nuko rero, uwubikengera+ ntaba akengereye umuntu, ahubwo aba akengereye Imana+, yo ishira impwemu nyeranda+ yayo muri mwebwe.  Ariko ku bijanye n’urukundo rwa kivukanyi+, ntimukeneye ko tubandikira, kuko mwebwe ubwanyu mwigishijwe n’Imana+ gukundana+; 10  kandi nkako, muriko murabigirira bene wacu bose b’i Makedoniya hose. Mugabo turabahimiriza, bene wacu, mubandanye kurushiriza rwose kubigira, 11  no kwishingira intumbero yo kubaho mutekanye+ no kuraba ivyanyu bwite+ no gukoresha amaboko yanyu+, nk’uko twabibategetse; 12  kugira ngo mugende mu buryo bubereye+ ku bantu bo hanze+, ata co mukena+. 13  Vyongeye, bene wacu, ntidushaka ko mutamenya ivyerekeye abasinzira+ mu rupfu; kugira ngo ntimugire agahinda nk’uko abandi bakagira, bamwe badafise icizigiro+. 14  Kuko nimba twizera yuko Yezu yapfuye akongera akazuka+, n’abasinziriye mu rupfu muri Yezu na bo nyene Imana izobazanana na we+. 15  Kuko ibi ari vyo tubabwira biciye kw’ijambo rya Yehova+, yuko twebwe abazima bazoba bakiriho gushika mu gihe c’ukuhaba kw’Umukama+ tutazotanga mu buryo na bumwe abasinziriye mu rupfu; 16  kuko Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru+ n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru+ be n’urumbete rw’Imana+, maze abapfiriye muri Kristu bazobanza kuzuka+. 17  Mu nyuma twebwe abazima tuzoba tukiriho, hamwe na bo+, tuzojanwa+ mu bicu+ gusanganira+ Umukama mu kirere; gutyo tuzokwama turi kumwe n’Umukama+. 18  Nimugume rero muhozanya muri ayo majambo.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “icombo.”