1 Abatesalonika 1:1-10
1 Paulo na Silivano+ na Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Abatesalonika ryunze ubumwe+ n’Imana ari yo Data hamwe n’Umukama Yezu Kristu:
Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro+.
2 Twama dukengurukira Imana iyo tubashize mwese mu masengesho yacu+,
3 kuko tuguma twibuka igikorwa canyu kiva ku kwizera+, ukubira akuya kwanyu kuvuye ku rukundo, be n’ukwihangana kwanyu, kubera icizigiro+ mufise mu Mukama wacu Yezu Kristu imbere y’Imana yacu ikaba na Data.
4 Kuko tuzi ko yabatoye+, yemwe bene wacu bakundwa n’Imana,
5 kubera ko inkuru nziza twamamaza itaje iwanyu mu majambo gusa, ahubwo kandi yazananye ububasha+ n’impwemu nyeranda n’ukujijuka gukomeye+, nk’uko muzi uko twari tumeze kuri mwebwe ku bwanyu+;
6 kandi mwacitse abatwigana bakigana+ n’Umukama+, kuko mwemeye rya jambo mu makuba menshi+ muri n’akanyamuneza k’impwemu nyeranda+,
7 ku buryo mwabereye akarorero abemera bose i Makedoniya n’i Akaya.
8 Uko biri, si uko gusa ijambo rya Yehova+ ryasamiranye i Makedoniya n’i Akaya rivuye i wanyu, ahubwo ukwizera kwanyu+ kwerekeye Imana kwarakwiragiye hose+, ku buryo tudakeneye kugira ico tuvuze.
9 Kuko bo ubwabo baguma bavuga ukuntu twinjiye iwanyu ari bwo bwa mbere be n’ingene mwahindukiriye Imana mugaheba ibigirwamana+ vyanyu kugira ngo mushumbire ya Mana nzima+ kandi y’ukuri+,
10 no kugira ngo murindire+ Umwana wayo ava mw’ijuru+, uwo yazuye mu bapfuye+, ni we Yezu, umwe aturokora akadukiza uburake buriko buraza+.