Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Abakorinto 7:1-40

7  Nayo ku vyo mwanditse, ni vyiza ko umugabo adakora+ ku mugore;  yamara kubera ugukwiragira kw’ubusambanyi+, umugabo wese nagire umugore+ wiwe bwite, n’umugore wese agire umugabo wiwe bwite.  Umugabo nahe umugore wiwe ivyiwe+; umugore na we nyene agirire kuno umugabo wiwe+.  Umugore ntafise ububasha ku mubiri wiwe, ahubwo umugabo wiwe ni we abufise+; n’umugabo nyene ntafise ububasha ku mubiri wiwe, ahubwo umugore wiwe ni we abufise+.  Ntimuvyimane+, kiretse mwumvikanye ku bw’igihe kanaka+, kugira muhebere umwanya ugusenga hanyuma mwongere kuja hamwe, kugira ngo Shetani ntagume abagerageza+ kubera ukutigumya kwanyu+.  Ariko ivyo ndabivuze mu kwerekana gusa ko birekuwe+, si itegeko+.  Mugabo noshima ko abantu bose baba nkanje+. Yamara rero, umwe wese ari n’ingabirano+ yiwe bwite iva ku Mana, umwe uku, uwundi kuriya.  Ubu na ho mbwira abatubatse+ n’abapfakazi: ni vyiza ko bigumira nk’uko ndi+.  Mugabo nimba bibananiye kwigumya+, nibubake, kuko ari vyiza kwubaka+ kuruta kururumba inambu+. 10  Abubatse ndabaha aya mabwirizwa, yamara si jewe ahubwo ni Umukama+, yuko umugore atovana n’umugabo wiwe+; 11  mugabo aramutse avanye na we vy’ukuri, nagume atubatse canke na ho asubirane n’umugabo wiwe; kandi umugabo ntakwiye guta umugore wiwe. 12  Mugabo abandi ndababwira, egome jewe, si Umukama+: nimba hari mwene wacu afise umugore atemera, yamara nya mugore agashima kubana na we, ntamute; 13  kandi umugore afise umugabo atemera, yamara nya mugabo agashima kubana na we, ntate umugabo wiwe. 14  Kuko nya mugabo atemera yezwa mu bijanye n’umugore wiwe, nya mugore atemera na we akezwa mu bijanye na nya muvukanyi; ahandiho, abana banyu boba vy’ukuri bahumanye+, ariko noneho ni beranda+. 15  Mugabo nimba uwutemera agiye+, nagende; mwene wacu canke mushiki wacu ntahambirwa igihe ibintu vyifashe gutyo, mugabo Imana yabahamagariye amahoro+. 16  Kuko ga mugore, uzi gute ko utazokiza umugabo wawe+? Canke ga mugabo, uzi gute ko utazokiza umugore wawe+? 17  Kimwe gusa, nk’uko Yehova yahaye umwe wese umugabane+, umwe wese nagende nk’uko Imana yamuhamagaye+. Kandi ukwo ni ko ntegeka+ mu mashengero yose. 18  Hoba hari uwahamagawe yaragenyerewe+? Ntacike uwutagenyerewe. Hoba hari uwahamagawe atagenyerewe+? Ntagenyerwe+. 19  Ukugenyerwa+ nta co kuvuze, n’ukutagenyerwa+ nta co kuvuze, ukwubahiriza amabwirizwa y’Imana ni kwo guhambaye+. 20  Uko umwe wese yahamagawe ameze kwose+, nagume gutyo+. 21  Woba wahamagawe uri umushumba? Ntibiguhagarike umutima+; ariko nimba ushobora no kuba uwidegemvya, ntugishe riho ako karyo. 22  Kuko, umuntu wese mu Mukama yahamagawe ari umushumba ni uwidegemvya w’Umukama+; n’uwahamagawe ari uwidegemvya+ ni umushumba+ wa Kristu. 23  Mwaguzwe ikiguzi+; nimureke kuba abashumba+ b’abantu. 24  Uko umwe wese yahamagawe ameze kwose+ ga bene wacu, nagume gutyo yifatanije n’Imana. 25  Nayo ku vy’abigeme b’isugi, nta tegeko mfise riva ku Mukama, mugabo ndatanga iciyumviro canje+ nk’uwagiriwe imbabazi n’Umukama+ ngo abe umwizigirwa+. 26  Niyumvira rero ko ibi ari vyiza kubera ingorane ziri ino iwacu: yuko ari vyiza ko umuntu aguma uko ari+. 27  Woba wabohewe ku mugore+? Reka kurondera kubohorwa+. Woba wabohowe ku mugore? Reka kurondera umugore. 28  Mugabo naho wokwubaka, nta gicumuro woba ukoze+. Kandi umuntu w’isugi aramutse yubatse, uwo muntu nta gicumuro yoba akoze. Ariko abubaka bazogira amakuba mu mubiri wabo+. Mugabo jewe nshaka kuyabakingira. 29  Vyongeye, iki ni co mvuga, bene wacu: igihe gisigaye ni kigufi+. Kuva ubu abafise abagore babe nk’aho ata bo bafise+, 30  kandi n’abarira babe nk’abatarira, n’abanezerewe babe nk’abatanezerewe, n’abagura babe nk’abadafise, 31  n’abakoresha isi+ babe nk’abatayikoresha rwose; kuko ibintu* vyo kuri iyi si biriko birahinduka+. 32  Mu vy’ukuri, nshaka ko mutagira amaganya+. Umugabo atubatse aganyishwa n’ivy’Umukama, ingene yoshimwa n’Umukama. 33  Ariko umugabo yubatse aganyishwa+ n’ivy’isi, ingene yoshimwa n’umugore wiwe+, 34  kandi aba abangikanije. Vyongeye, umugore atubatse, n’umwigeme w’isugi, aganyishwa n’ivy’Umukama+, ko yoba mweranda mu mubiri no mu mutima wiwe. Ariko umugore yubatse aganyishwa n’ivy’isi, ingene yoshimwa n’umugabo wiwe+. 35  Mugabo ivyo ndabivuze ku neza yanyu bwite, atari kugira ndabatege umutego, mugabo kugira ndabajane ku kibereye+ no ku cotuma muguma mukorera Umukama ata kibasamaza+. 36  Mugabo nimba umuntu yiyumvira ko ariko yigenza ukutabereye ku bijanye n’ubusugi bwiwe+, nimba amaze kurengana ishurika ry’ubuto kandi akaba ari ko bibwirizwa kugenda, nakore ico ashaka; ntaba acumuye. Nibubake+. 37  Mugabo nimba umuntu yiyemeje mu mutima wiwe kugumya ubusugi bwiwe, akaba ata kimugobera mugabo akaba ategeka ukugomba kwiwe bwite kandi akaba yafashe iyo ngingo mu mutima wiwe bwite, azoba agize neza+. 38  N’uwutanze rero ubusugi bwiwe mu kwubaka aba agize neza+, mugabo uwutabutanze mu kwubaka azoba agize neza kuruta+. 39  Umugore abohwa mu gihe cose umugabo wiwe akiriho+. Ariko iyo umugabo wiwe asinziriye mu rupfu, nta kimubuza kwubakana n’uwo ashaka, ariko mu Mukama gusa+. 40  Mugabo uko jewe ndavyiyumvira, arushiriza guhirwa yigumiye uko ari+. Ndibaza ata kwihenda yuko na jewe mfise impwemu y’Imana+.

Amakuru yiyongereye

Canke, “ibirori.”