1 Abakorinto 14:1-40
14 Mukurikirane urukundo, yamara mugume muronderana umwete ingabirano z’impwemu+, ariko canecane kugira muvuge ubuhanuzi+.
2 Kuko uwuvuga mu rundi rurimi atabwira abantu, ahubwo abwira Imana, kuko ata n’umwe yumviriza+, ahubwo avuga amabanga meranda+ biciye ku mpwemu.
3 Ariko uwuvuga ubuhanuzi arubaka+, akaremesha, akirura abantu biciye kw’ijambo ryiwe.
4 Uwuvuga mu rundi rurimi ariyubaka, mugabo uwuvuga ubuhanuzi yubaka ishengero.
5 Nanje nashaka ko mwese muvuga mu zindi ndimi+, mugabo noshima ko muvuga ubuhanuzi+. Vy’ukuri, uwuvuga ubuhanuzi araruta uwuvuga mu zindi ndimi+, kiretse koko uno asobanuye, kugira ngo ishengero ribone kwubakwa.
6 Ariko ubu ga bene wacu, hamwe noza iwanyu ndababwira mu zindi ndimi, ni iciza nyabaki noba ndabakoreye kiretse ndababwiye mfise ivyahishuwe+ canke ubumenyi+ canke ubuhanuzi canke inyigisho?
7 Nkako, ibidafise ubuzima birarekura ijwi+, waba umwironge canke inanga; hatabaye imyanya hagati y’amajwi, homenyekana gute ibiriko biravuzwa ku mwironge canke ku nanga?
8 Kuko vy’ukuri, nimba urumbete ruvugije akamo katamenyekana, ni nde yokwitegurira urugamba+?
9 Muri ubwo buryo nyene, mudakoresheje urundi rurimi mu kuvuga ijambo ritahurika bitagoranye+, homenyekana gute ibiriko biravugwa? Mu vy’ukuri, muzoba muriko muravugira mu kirere+.
10 Mw’isi hashobora kuba hari ubwoko bwinshi bw’amajwi asohorwa n’indimi, yamara nta na bumwe budafise insobanuro.
11 Nimba rero ntategera ico ijwi risohowe n’ururimi rivuze, nzoba ndi umunyamahanga+ ku wuriko aravuga, n’uwuriko aravuga azoba ari umunyamahanga kuri jewe.
12 Na mwebwe rero, ko mwipfuza n’umwete ingabirano z’impwemu+, nimurondere kugwira muri zo kugira ngo ishengero ryubakwe+.
13 Uwuvuga mu rundi rurimi rero nasenge kugira ashobore gusobanura+.
14 Kuko nimba ndiko nsenga mu rundi rurimi, ni ingabirano yanje y’impwemu iba iriko irasenga+, mugabo umuzirikanyi wanje uba urumvye.
15 Hakorwe iki none? Nzosengana ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzosengana umuzirikanyi wanje. Nzoririmbana ishemezo+ ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzoririmbana ishemezo umuzirikanyi wanje+.
16 Ahandiho, niwashikana ishemezo biciye ku ngabirano y’impwemu, uwicaye mu kibanza c’umuntu asanzwe azovuga gute ngo “Amen+” ku gukenguruka kwawe, ko ataba azi ivyo uriko uravuga?
17 Ego ni ko, urakenguruka mu buryo bwiza, mugabo uwo wundi muntu ntaba ariko arubakwa+.
18 Ndakengurukira Imana kuba mvuga mu zindi ndimi ziruta izanyu mwese+.
19 Yamara rero, mw’ishengero nopfuma mvuga amajambo atanu n’umuzirikanyi wanje kugira nigishe n’abandi ku munwa, hako mvuga amajambo ibihumbi cumi mu rundi rurimi+.
20 Bene wacu, ntimube abana batoyi mu bubasha bwo gutegera+, mugabo mube inzoya ku bijanye n’ububi+; yamara mube abakuze mu bubasha bwo gutegera+.
21 Mw’Itegeko handitswe ngo: “‘Nzobwira iki gisata+ nkoresheje indimi z’abanyamahanga n’iminwa ya ba kavantara+, yamara n’ico gihe nyene ntibazonyumvira,’ ni ko Yehova avuga+.”
22 Indimi rero ni iz’ikimenyetso+, atari ku bemera, ahubwo ku batemera+; ukuvuga ubuhanuzi na kwo si ukw’abatemera, ahubwo ni ukw’abemera+.
23 Hamwe none ishengero ryose ryokoranira mu kibanza kimwe maze bose bakavuga mu zindi ndimi+, hanyuma hakinjira abantu basanzwe canke abatemera, mbega ntibazovuga ko musara?
24 Mugabo iyo mwese muriko muvuga ubuhanuzi hanyuma umuntu atemera canke asanzwe akinjira, akangirwa na bose+, agasuzumwa neza na bose;
25 amabanga yo mu mutima wiwe araja ahabona+, ku buryo azokwubarara hasi agasenga Imana, akamenyesha ati: “Ni ukuri Imana iri kumwe namwe+.”
26 Hakorwe iki none ga bene wacu? Iyo mukoraniye hamwe, umwe aba afise izaburi, uwundi inyigisho, uwundi ivyahishuwe, uwundi urundi rurimi, uwundi insobanuro+. Vyose nibibe ku bw’ukwubaka+.
27 Kandi nimba umuntu avuga mu rundi rurimi, nibigarukirizwe kuri babiri canke batatu babaye benshi, kandi bakurakuranwe; kandi hagire uwusobanura+.
28 Mugabo nimba ata musobanuzi ahari, nagume acereje mw’ishengero, yibwire+ abwire n’Imana.
29 Bitayeko, abahanuzi+ babiri canke batatu nibavuge, abandi na bo batahure insobanuro+.
30 Mugabo nimba uwundi+ ahishuriwe igihe yicaye ng’aho, umwe wa mbere nacereze.
31 Kuko mwese mushobora kuvuga ubuhanuzi+ umwumwe, kugira ngo bose bige kandi bose baremeshwe+.
32 Kandi ingabirano z’impwemu z’abahanuzi zibwirizwa gucungerwa n’abahanuzi.
33 Kuko Imana atari Imana y’umuvurungano+, ahubwo ni iy’amahoro+.
Nk’uko biri mu mashengero y’aberanda yose,
34 abagore nibacereze+ mu mashengero, kuko bitemewe ko bavuga; mugabo nibayoboke+, nk’uko Itegeko+ rivuga.
35 Nimba rero hari kintu bashaka kwiga, nibabaze abagabo babo bwite i muhira, kuko ari agaterasoni+ ku mugore kuvuga mw’ishengero.
36 Ngw’iki? Mbega ijambo ry’Imana ryaje riva iwanyu+, canke ryarabashikiriye gusa?
37 Nimba umuntu yiyumvira ko ari umuhanuzi canke ko afise ingabirano y’impwemu, niyemange ibintu ndabandikiye, kuko ari ibwirizwa ry’Umukama+.
38 Mugabo nimba umuntu adashaka kumenya, aguma mu kutamenya.
39 Nuko rero, bene wacu, mugume muronderana umwete ukuvuga ubuhanuzi+, yamara ntimubuze ukuvuga mu zindi ndimi+.
40 Mugabo vyose bibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde+.