1 Abakorinto 14:1-40

14  Mukurikirane urukundo, yamara mugume muronderana umwete ingabirano z’impwemu+, ariko canecane kugira muvuge ubuhanuzi+.  Kuko uwuvuga mu rundi rurimi atabwira abantu, ahubwo abwira Imana, kuko ata n’umwe yumviriza+, ahubwo avuga amabanga meranda+ biciye ku mpwemu.  Ariko uwuvuga ubuhanuzi arubaka+, akaremesha, akirura abantu biciye kw’ijambo ryiwe.  Uwuvuga mu rundi rurimi ariyubaka, mugabo uwuvuga ubuhanuzi yubaka ishengero.  Nanje nashaka ko mwese muvuga mu zindi ndimi+, mugabo noshima ko muvuga ubuhanuzi+. Vy’ukuri, uwuvuga ubuhanuzi araruta uwuvuga mu zindi ndimi+, kiretse koko uno asobanuye, kugira ngo ishengero ribone kwubakwa.  Ariko ubu ga bene wacu, hamwe noza iwanyu ndababwira mu zindi ndimi, ni iciza nyabaki noba ndabakoreye kiretse ndababwiye mfise ivyahishuwe+ canke ubumenyi+ canke ubuhanuzi canke inyigisho?  Nkako, ibidafise ubuzima birarekura ijwi+, waba umwironge canke inanga; hatabaye imyanya hagati y’amajwi, homenyekana gute ibiriko biravuzwa ku mwironge canke ku nanga?  Kuko vy’ukuri, nimba urumbete ruvugije akamo katamenyekana, ni nde yokwitegurira urugamba+?  Muri ubwo buryo nyene, mudakoresheje urundi rurimi mu kuvuga ijambo ritahurika bitagoranye+, homenyekana gute ibiriko biravugwa? Mu vy’ukuri, muzoba muriko muravugira mu kirere+. 10  Mw’isi hashobora kuba hari ubwoko bwinshi bw’amajwi asohorwa n’indimi, yamara nta na bumwe budafise insobanuro. 11  Nimba rero ntategera ico ijwi risohowe n’ururimi rivuze, nzoba ndi umunyamahanga+ ku wuriko aravuga, n’uwuriko aravuga azoba ari umunyamahanga kuri jewe. 12  Na mwebwe rero, ko mwipfuza n’umwete ingabirano z’impwemu+, nimurondere kugwira muri zo kugira ngo ishengero ryubakwe+. 13  Uwuvuga mu rundi rurimi rero nasenge kugira ashobore gusobanura+. 14  Kuko nimba ndiko nsenga mu rundi rurimi, ni ingabirano yanje y’impwemu iba iriko irasenga+, mugabo umuzirikanyi wanje uba urumvye. 15  Hakorwe iki none? Nzosengana ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzosengana umuzirikanyi wanje. Nzoririmbana ishemezo+ ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzoririmbana ishemezo umuzirikanyi wanje+. 16  Ahandiho, niwashikana ishemezo biciye ku ngabirano y’impwemu, uwicaye mu kibanza c’umuntu asanzwe azovuga gute ngo “Amen+” ku gukenguruka kwawe, ko ataba azi ivyo uriko uravuga? 17  Ego ni ko, urakenguruka mu buryo bwiza, mugabo uwo wundi muntu ntaba ariko arubakwa+. 18  Ndakengurukira Imana kuba mvuga mu zindi ndimi ziruta izanyu mwese+. 19  Yamara rero, mw’ishengero nopfuma mvuga amajambo atanu n’umuzirikanyi wanje kugira nigishe n’abandi ku munwa, hako mvuga amajambo ibihumbi cumi mu rundi rurimi+. 20  Bene wacu, ntimube abana batoyi mu bubasha bwo gutegera+, mugabo mube inzoya ku bijanye n’ububi+; yamara mube abakuze mu bubasha bwo gutegera+. 21  Mw’Itegeko handitswe ngo: “‘Nzobwira iki gisata+ nkoresheje indimi z’abanyamahanga n’iminwa ya ba kavantara+, yamara n’ico gihe nyene ntibazonyumvira,’ ni ko Yehova avuga+.” 22  Indimi rero ni iz’ikimenyetso+, atari ku bemera, ahubwo ku batemera+; ukuvuga ubuhanuzi na kwo si ukw’abatemera, ahubwo ni ukw’abemera+. 23  Hamwe none ishengero ryose ryokoranira mu kibanza kimwe maze bose bakavuga mu zindi ndimi+, hanyuma hakinjira abantu basanzwe canke abatemera, mbega ntibazovuga ko musara? 24  Mugabo iyo mwese muriko muvuga ubuhanuzi hanyuma umuntu atemera canke asanzwe akinjira, akangirwa na bose+, agasuzumwa neza na bose; 25  amabanga yo mu mutima wiwe araja ahabona+, ku buryo azokwubarara hasi agasenga Imana, akamenyesha ati: “Ni ukuri Imana iri kumwe namwe+.” 26  Hakorwe iki none ga bene wacu? Iyo mukoraniye hamwe, umwe aba afise izaburi, uwundi inyigisho, uwundi ivyahishuwe, uwundi urundi rurimi, uwundi insobanuro+. Vyose nibibe ku bw’ukwubaka+. 27  Kandi nimba umuntu avuga mu rundi rurimi, nibigarukirizwe kuri babiri canke batatu babaye benshi, kandi bakurakuranwe; kandi hagire uwusobanura+. 28  Mugabo nimba ata musobanuzi ahari, nagume acereje mw’ishengero, yibwire+ abwire n’Imana. 29  Bitayeko, abahanuzi+ babiri canke batatu nibavuge, abandi na bo batahure insobanuro+. 30  Mugabo nimba uwundi+ ahishuriwe igihe yicaye ng’aho, umwe wa mbere nacereze. 31  Kuko mwese mushobora kuvuga ubuhanuzi+ umwumwe, kugira ngo bose bige kandi bose baremeshwe+. 32  Kandi ingabirano z’impwemu z’abahanuzi zibwirizwa gucungerwa n’abahanuzi. 33  Kuko Imana atari Imana y’umuvurungano+, ahubwo ni iy’amahoro+. Nk’uko biri mu mashengero y’aberanda yose, 34  abagore nibacereze+ mu mashengero, kuko bitemewe ko bavuga; mugabo nibayoboke+, nk’uko Itegeko+ rivuga. 35  Nimba rero hari kintu bashaka kwiga, nibabaze abagabo babo bwite i muhira, kuko ari agaterasoni+ ku mugore kuvuga mw’ishengero. 36  Ngw’iki? Mbega ijambo ry’Imana ryaje riva iwanyu+, canke ryarabashikiriye gusa? 37  Nimba umuntu yiyumvira ko ari umuhanuzi canke ko afise ingabirano y’impwemu, niyemange ibintu ndabandikiye, kuko ari ibwirizwa ry’Umukama+. 38  Mugabo nimba umuntu adashaka kumenya, aguma mu kutamenya. 39  Nuko rero, bene wacu, mugume muronderana umwete ukuvuga ubuhanuzi+, yamara ntimubuze ukuvuga mu zindi ndimi+. 40  Mugabo vyose bibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde+.

Utujambo tw'epfo