1 Abakorinto 13:1-13

13  Hamwe novuga mu ndimi+ z’abantu n’iz’abamarayika mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga canke icuma kivuzwa kigasāma+.  Kandi naho noba mfise ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi+ nkamenya n’amabanga meranda+ yose n’ubumenyi+ bwose, kandi naho noba mfise ukwizera kwose ku buryo nimura imisozi+, mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ndi ubusa+.  Kandi naho notanga ivyo ntunze vyose kugira ngaburire abandi+, naho notanga umubiri wanje+ kugira nirate, mugabo nkaba ntagira urukundo+, nta co vyogenda bimariye.  Urukundo+ ruriyumanganya+ kandi rugira ubuntu+. Urukundo ntirugira ishari+, ntirwiyemera+, ntirwivyimvya+,  ntirwigenza ukutabereye+, ntirurondera inyungu zarwo bwite+, ntirukaza ishavu+. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe+.  Ntirunezererwa ibitagororotse+, ahubwo runezeranwa n’ukuri+.  Rurenzako muri vyose+, rwemera vyose+, rwizigira vyose+, rwihanganira vyose+.  Urukundo ntirwigera runanirwa+. Mugabo zaba ingabirano z’ukuvuga ubuhanuzi, zizokurwaho; zaba indimi, zizohagarara; bwaba ubumenyi, buzokurwaho+.  Kuko dufise ubumenyi bw’igice+ kandi tukavuga ubuhanuzi igice+; 10  mugabo igikwiye nicashika+, ivy’igice bizokurwaho. 11  Igihe nari uruyoya, navuga nk’uruyoya, nkiyumvira nk’uruyoya, nkazirikana nk’uruyoya; mugabo ubu ko nabaye umugabo+, narakuyeho uturanga tw’uruyoya. 12  Kuko ubu tubona ivyijiji mu cirore c’icuma+, mugabo ico gihe hoho bizoba ari amaso mu yandi+. Ubu nzi igice, mugabo ico gihe hoho nzomenya neza nk’uko nanje nzwi neza+. 13  Ariko ubu hagumaho ukwizera, icizigiro, urukundo, ivyo bitatu; mugabo ikiruta ivyo vyose ni urukundo+.

Utujambo tw'epfo