1 Abakorinto 11:1-34

11  Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu+.  Ndabakeza rero kubera ko mu bintu vyose munzirikana kandi mukagumya ivyo nabashikirije+ nk’uko nabibahereje.  Mugabo nshaka ko mumenya yuko umutwe w’umugabo wese ari Kristu+; umutwe w’umugore na wo ni umugabo+; umutwe wa Kristu na wo ni Imana+.  Umugabo wese asenga canke avuga ubuhanuzi afise ikintu ku mutwe aba amaramaje umutwe wiwe+;  mugabo umugore wese asenga canke avuga ubuhanuzi+ umutwe udatwikiriye aba amaramaje umutwe wiwe+, kuko ari cokimwe n’uko yoba ari umugore amoye umutwe+.  Kuko nimba umugore atitwikiriye, nagabanishe umushatsi rero; mugabo nimba ari agaterasoni ku mugore kugabanisha umushatsi canke kwimosha+, niyitwikire+.  Kuko umugabo atabwirizwa kwitwikira umutwe, kubera ari ishusho+ n’ubuninahazwa+ vy’Imana; mugabo umugore ni ubuninahazwa bw’umugabo+.  Kuko umugabo atava mu mugore, ariko umugore ava mu mugabo+;  kandi vyongeye, umugabo ntiyaremwe kubera umugore, mugabo umugore yaremwe kubera umugabo+. 10  Ni co gituma umugore abwirizwa kugira ikimenyetso c’ubukuru ku mutwe wiwe+ kubera abamarayika+. 11  Nakare, mu bijanye n’Umukama, nta mugore hatari umugabo kandi nta mugabo hatari umugore+. 12  Kuko, nk’uko umugore ava mu mugabo+, ni ko n’umugabo ariho biciye ku mugore+; mugabo ibintu vyose biva ku Mana+. 13  Nimuruce namwe ubwanyu: Mbega birabereye ko umugore asenga Imana atitwikiriye? 14  Mbega uko ibintu bisanzwe bimeze ubwakwo ntikubigisha yuko iyo umugabo afise umushatsi muremure, aba ari agateterwe kuri we; 15  mugabo ko iyo umugore afise umushatsi muremure, aba ari ubuninahazwa+ kuri we? Kuko umushatsi wiwe yawuhawe mu kibanza c’icambarwa co mu mutwe+. 16  Ariko nimba hari uwusa n’uwuharira+ ashigikira uwundi mugenzo kanaka+, nta wundi dufise, n’amashengero y’Imana ni ukwo. 17  Mugabo mu gutanga aya mabwirizwa sindabakeza, kuko mukoranira hamwe atari ku bw’ineza, ahubwo ku bw’inabi+. 18  Kuko ubwa mbere hoho, iyo mukoraniye hamwe mw’ishengero, numva ngo hariho ukwicamwo ibice muri mwebwe+; kandi ku rugero kanaka ndavyemera. 19  Kuko hategerezwa kandi kubaho imice+ muri mwebwe, kugira ngo abashimwa na bo nyene bibonekeze muri mwebwe+. 20  Igihe rero mukoraniye mu kibanza kimwe, ntibishoboka kurya imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba+. 21  Kuko igihe muzirya, umwe wese abanza kurya imfungurwa zo ku mugoroba ziwe bwite, ku buryo umwe aba ashonje mugabo uwundi aborewe. 22  Mbega vy’ukuri ntimufise amazu yo kuriramwo no kunyweramwo+? Canke musuzugura ishengero ry’Imana mukamaramaza abatagira ikintu+? Mbega ndababwire iki? Ndabakeze? Muri ivyo sindabakeza. 23  Kuko nahawe n’Umukama ico nanje nabahereje, yuko Umukama Yezu mw’ijoro+ yagira atangwemwo, yatoye umukate, 24  hanyuma amaze gukenguruka arawumanyura+, avuga ati: “Iki gisobanura umubiri+ wanje utanzwe ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka+.” 25  Yagize kuno no ku gikombe+, amaze kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, avuga ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha+ hishimikijwe amaraso yanje+. Muragume mugira ibi igihe cose muzokinywa, mu kunyibuka+.” 26  Kuko igihe cose+ murya uyu mukate mukanywa n’iki gikombe, muguma mutangaza urupfu+ rw’Umukama, kugeza ashitse+. 27  Nuko rero, uwo wese arya umukate canke anywa igikombe c’Umukama mu buryo butabereye azogira ikimwagira+ ku bijanye n’umubiri be n’amaraso+ vy’Umukama. 28  Umuntu nabanze arabe ko abereye amaze kwisuzuma neza+, gutyo abone kurya ku mukate no kunywa ku gikombe. 29  Kuko uwurya kandi akanywa aba ariye kandi anyoye urubanza+ kuri we ubwiwe nimba adatahura umubiri ico ari co. 30  Ni co gituma benshi muri mwebwe bagoyagoya bakanarwaragurika, n’abatari bake bakaba basinziriye+ mu rupfu. 31  Mugabo hamwe twotahura ico twebwe ubwacu turi, ntitwocirwa urubanza+. 32  Ariko iyo duciriwe urubanza+, tuba dutojwe indero na Yehova+, kugira ntidutsindirwe+ hamwe n’isi+. 33  Nuko rero, bene wacu, iyo mukoraniye hamwe ngo muzirye+, be murindirana. 34  Nimba hari uwushonje, narye i muhira iwe+, kugira ntimukoranire hamwe ku bwo gucirwa urubanza+. Mugabo ibisigaye nzobitunganya ninashika hiyo.

Utujambo tw'epfo