1 Abakorinto 11:1-34
11 Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu+.
2 Ndabakeza rero kubera ko mu bintu vyose munzirikana kandi mukagumya ivyo nabashikirije+ nk’uko nabibahereje.
3 Mugabo nshaka ko mumenya yuko umutwe w’umugabo wese ari Kristu+; umutwe w’umugore na wo ni umugabo+; umutwe wa Kristu na wo ni Imana+.
4 Umugabo wese asenga canke avuga ubuhanuzi afise ikintu ku mutwe aba amaramaje umutwe wiwe+;
5 mugabo umugore wese asenga canke avuga ubuhanuzi+ umutwe udatwikiriye aba amaramaje umutwe wiwe+, kuko ari cokimwe n’uko yoba ari umugore amoye umutwe+.
6 Kuko nimba umugore atitwikiriye, nagabanishe umushatsi rero; mugabo nimba ari agaterasoni ku mugore kugabanisha umushatsi canke kwimosha+, niyitwikire+.
7 Kuko umugabo atabwirizwa kwitwikira umutwe, kubera ari ishusho+ n’ubuninahazwa+ vy’Imana; mugabo umugore ni ubuninahazwa bw’umugabo+.
8 Kuko umugabo atava mu mugore, ariko umugore ava mu mugabo+;
9 kandi vyongeye, umugabo ntiyaremwe kubera umugore, mugabo umugore yaremwe kubera umugabo+.
10 Ni co gituma umugore abwirizwa kugira ikimenyetso c’ubukuru ku mutwe wiwe+ kubera abamarayika+.
11 Nakare, mu bijanye n’Umukama, nta mugore hatari umugabo kandi nta mugabo hatari umugore+.
12 Kuko, nk’uko umugore ava mu mugabo+, ni ko n’umugabo ariho biciye ku mugore+; mugabo ibintu vyose biva ku Mana+.
13 Nimuruce namwe ubwanyu: Mbega birabereye ko umugore asenga Imana atitwikiriye?
14 Mbega uko ibintu bisanzwe bimeze ubwakwo ntikubigisha yuko iyo umugabo afise umushatsi muremure, aba ari agateterwe kuri we;
15 mugabo ko iyo umugore afise umushatsi muremure, aba ari ubuninahazwa+ kuri we? Kuko umushatsi wiwe yawuhawe mu kibanza c’icambarwa co mu mutwe+.
16 Ariko nimba hari uwusa n’uwuharira+ ashigikira uwundi mugenzo kanaka+, nta wundi dufise, n’amashengero y’Imana ni ukwo.
17 Mugabo mu gutanga aya mabwirizwa sindabakeza, kuko mukoranira hamwe atari ku bw’ineza, ahubwo ku bw’inabi+.
18 Kuko ubwa mbere hoho, iyo mukoraniye hamwe mw’ishengero, numva ngo hariho ukwicamwo ibice muri mwebwe+; kandi ku rugero kanaka ndavyemera.
19 Kuko hategerezwa kandi kubaho imice+ muri mwebwe, kugira ngo abashimwa na bo nyene bibonekeze muri mwebwe+.
20 Igihe rero mukoraniye mu kibanza kimwe, ntibishoboka kurya imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba+.
21 Kuko igihe muzirya, umwe wese abanza kurya imfungurwa zo ku mugoroba ziwe bwite, ku buryo umwe aba ashonje mugabo uwundi aborewe.
22 Mbega vy’ukuri ntimufise amazu yo kuriramwo no kunyweramwo+? Canke musuzugura ishengero ry’Imana mukamaramaza abatagira ikintu+? Mbega ndababwire iki? Ndabakeze? Muri ivyo sindabakeza.
23 Kuko nahawe n’Umukama ico nanje nabahereje, yuko Umukama Yezu mw’ijoro+ yagira atangwemwo, yatoye umukate,
24 hanyuma amaze gukenguruka arawumanyura+, avuga ati: “Iki gisobanura umubiri+ wanje utanzwe ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka+.”
25 Yagize kuno no ku gikombe+, amaze kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, avuga ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha+ hishimikijwe amaraso yanje+. Muragume mugira ibi igihe cose muzokinywa, mu kunyibuka+.”
26 Kuko igihe cose+ murya uyu mukate mukanywa n’iki gikombe, muguma mutangaza urupfu+ rw’Umukama, kugeza ashitse+.
27 Nuko rero, uwo wese arya umukate canke anywa igikombe c’Umukama mu buryo butabereye azogira ikimwagira+ ku bijanye n’umubiri be n’amaraso+ vy’Umukama.
28 Umuntu nabanze arabe ko abereye amaze kwisuzuma neza+, gutyo abone kurya ku mukate no kunywa ku gikombe.
29 Kuko uwurya kandi akanywa aba ariye kandi anyoye urubanza+ kuri we ubwiwe nimba adatahura umubiri ico ari co.
30 Ni co gituma benshi muri mwebwe bagoyagoya bakanarwaragurika, n’abatari bake bakaba basinziriye+ mu rupfu.
31 Mugabo hamwe twotahura ico twebwe ubwacu turi, ntitwocirwa urubanza+.
32 Ariko iyo duciriwe urubanza+, tuba dutojwe indero na Yehova+, kugira ntidutsindirwe+ hamwe n’isi+.
33 Nuko rero, bene wacu, iyo mukoraniye hamwe ngo muzirye+, be murindirana.
34 Nimba hari uwushonje, narye i muhira iwe+, kugira ntimukoranire hamwe ku bwo gucirwa urubanza+. Mugabo ibisigaye nzobitunganya ninashika hiyo.