1 Abakorinto 10:1-33
10 Sinshaka rero ko mutamenya, bene wacu, yuko ba sogokuruza bacu bose bari munsi y’igicu+ be n’uko bose baciye mu kiyaga+,
2 kandi bose babatijwe muri Musa+ biciye mu gicu no mu kiyaga;
3 kandi bose bariye ibifungurwa vy’impwemu bimwe+,
4 kandi bose banyoye ikinyobwa c’impwemu kimwe+. Kuko banywa ku gitandara c’impwemu+ cabakurikira, ico gitandara+ kikaba cagereranya Kristu+.
5 Yamara rero, benshi muri bo Imana ntiyabashimye+, kuko bahonerejwe+ mu gahinga.
6 Ivyo bintu rero vyatubereye uburorero, kugira ngo ntitube abipfuza ibintu bibi+, nk’uko na bo bavyipfuje.
7 Eka kandi ntimucike abasenga ibigirwamana, nk’uko bamwe muri bo babaye+; nk’uko vyanditswe ngo: “Abantu baricara ngo barye bongere banywe, maze bava hasi ngo baryoherwe+.”
8 Eka kandi ntituze turakora ubusambanyi, nk’uko bamwe muri bo bakoze ubusambanyi+, hakagwa ibihumbi mirongo ibiri na bitatu muri bo ku musi umwe+.
9 Eka kandi ntitukageze Yehova+, nk’uko bamwe muri bo bamugejeje+, bakamarwa n’inzoka+.
10 Eka kandi ntimukabe abidodomvyi, nk’uko bamwe muri bo bidodomvye+, bakamarwa n’umuranduzi+.
11 Ivyo bintu rero vyababako nk’uburorero, kandi vyanditswe ngo bitubere imburi+ twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe+.
12 Nuko rero, uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe+.
13 Nta kigeragezo cabashikiye atari igisanzwe gishikira abantu+. Ariko Imana ni inyizigirwa+, ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira+, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo+ kugira mushobore kucihanganira.
14 Nuko rero, bakundwa banje, muhunge+ ugusenga ibigirwamana+.
15 Mvuga nk’uwubwira abari n’ugutahura+; nimwirabire ivyo mvuga.
16 Igikombe+ c’umuhezagiro duhezagira, mbega si ugusangira mu maraso ya Kristu? Umukate tumanyura+, mbega si ugusangira mu mubiri wa Kristu+?
17 Kubera ko hari umukate umwe, twebwe naho turi benshi+, turi umubiri umwe+, kuko twese dufungura kuri uwo mukate umwe+.
18 Nimurabe Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri+: Mbega abarya ku bimazi ntibasangira n’igicaniro+?
19 None mvuge iki? Yuko ivyashikaniwe ikigirwamana hari ico bimaze, canke ko ikigirwamana hari ico kimaze+?
20 Oya; ahubwo mvuga yuko ibintu amahanga ashikana abishikanira amadayimoni*+, ntabishikanira Imana; nanje sinshaka ko muba abasangira n’amadayimoni+.
21 Ntimushobora kunywa igikombe ca Yehova+ n’igikombe c’amadayimoni; ntimushobora gufungura ku “meza ya Yehova+” no ku meza y’amadayimoni.
22 Canke “turiko dutera Yehova ishari+”? Mbega turamurusha inkomezi+?
23 Vyose biremerwa, mugabo si vyose bifise akarusho+. Vyose biremerwa+, mugabo si vyose vyubaka+.
24 Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite+, ahubwo arondere ak’uwundi+.
25 Ibigurishwa mu kaguriro k’inyama vyose mubandanye kubirya+ ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima+;
26 kuko “isi n’ibiyuzuye+ ari ivya Yehova+.”
27 Nihagira uwo mu batemera abatumira mugashima kugenda, murarye ibishizwe imbere yanyu vyose+ ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima+.
28 Mugabo hagize uwubabwira ati: “Ivyo ni ivyatanzweko ikimazi,” ntimurye kubera uwo abibahishuriye no kubera ijwi ryo mu mutima+.
29 “Ijwi ryo mu mutima” mvuga, si iryawe, ahubwo ni iry’uwo wundi. Kubera iki none umwidegemvyo wanje wocirwa urubanza n’ijwi ryo mu mutima ry’uwundi+?
30 Nimba mfungura nkenguruka, kubera iki notukwa kubera ico nshimiye+?
31 Nuko rero, mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana+.
32 Mwirinde kuba ibitsitaza+ ku Bayuda no ku Bagiriki no kw’ishengero ry’Imana,
33 nk’uko na jewe nshimisha bose muri vyose+, sindondere akarusho+ kanje bwite, ahubwo ndondera aka benshi, kugira bakizwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.