1 Abakorinto 10:1-33

10  Sinshaka rero ko mutamenya, bene wacu, yuko ba sogokuruza bacu bose bari munsi y’igicu+ be n’uko bose baciye mu kiyaga+,  kandi bose babatijwe muri Musa+ biciye mu gicu no mu kiyaga;  kandi bose bariye ibifungurwa vy’impwemu bimwe+,  kandi bose banyoye ikinyobwa c’impwemu kimwe+. Kuko banywa ku gitandara c’impwemu+ cabakurikira, ico gitandara+ kikaba cagereranya Kristu+.  Yamara rero, benshi muri bo Imana ntiyabashimye+, kuko bahonerejwe+ mu gahinga.  Ivyo bintu rero vyatubereye uburorero, kugira ngo ntitube abipfuza ibintu bibi+, nk’uko na bo bavyipfuje.  Eka kandi ntimucike abasenga ibigirwamana, nk’uko bamwe muri bo babaye+; nk’uko vyanditswe ngo: “Abantu baricara ngo barye bongere banywe, maze bava hasi ngo baryoherwe+.”  Eka kandi ntituze turakora ubusambanyi, nk’uko bamwe muri bo bakoze ubusambanyi+, hakagwa ibihumbi mirongo ibiri na bitatu muri bo ku musi umwe+.  Eka kandi ntitukageze Yehova+, nk’uko bamwe muri bo bamugejeje+, bakamarwa n’inzoka+. 10  Eka kandi ntimukabe abidodomvyi, nk’uko bamwe muri bo bidodomvye+, bakamarwa n’umuranduzi+. 11  Ivyo bintu rero vyababako nk’uburorero, kandi vyanditswe ngo bitubere imburi+ twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe+. 12  Nuko rero, uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe+. 13  Nta kigeragezo cabashikiye atari igisanzwe gishikira abantu+. Ariko Imana ni inyizigirwa+, ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira+, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo+ kugira mushobore kucihanganira. 14  Nuko rero, bakundwa banje, muhunge+ ugusenga ibigirwamana+. 15  Mvuga nk’uwubwira abari n’ugutahura+; nimwirabire ivyo mvuga. 16  Igikombe+ c’umuhezagiro duhezagira, mbega si ugusangira mu maraso ya Kristu? Umukate tumanyura+, mbega si ugusangira mu mubiri wa Kristu+? 17  Kubera ko hari umukate umwe, twebwe naho turi benshi+, turi umubiri umwe+, kuko twese dufungura kuri uwo mukate umwe+. 18  Nimurabe Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri+: Mbega abarya ku bimazi ntibasangira n’igicaniro+? 19  None mvuge iki? Yuko ivyashikaniwe ikigirwamana hari ico bimaze, canke ko ikigirwamana hari ico kimaze+? 20  Oya; ahubwo mvuga yuko ibintu amahanga ashikana abishikanira amadayimoni*+, ntabishikanira Imana; nanje sinshaka ko muba abasangira n’amadayimoni+. 21  Ntimushobora kunywa igikombe ca Yehova+ n’igikombe c’amadayimoni; ntimushobora gufungura ku “meza ya Yehova+” no ku meza y’amadayimoni. 22  Canke “turiko dutera Yehova ishari+”? Mbega turamurusha inkomezi+? 23  Vyose biremerwa, mugabo si vyose bifise akarusho+. Vyose biremerwa+, mugabo si vyose vyubaka+. 24  Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite+, ahubwo arondere ak’uwundi+. 25  Ibigurishwa mu kaguriro k’inyama vyose mubandanye kubirya+ ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima+; 26  kuko “isi n’ibiyuzuye+ ari ivya Yehova+.” 27  Nihagira uwo mu batemera abatumira mugashima kugenda, murarye ibishizwe imbere yanyu vyose+ ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima+. 28  Mugabo hagize uwubabwira ati: “Ivyo ni ivyatanzweko ikimazi,” ntimurye kubera uwo abibahishuriye no kubera ijwi ryo mu mutima+. 29  “Ijwi ryo mu mutima” mvuga, si iryawe, ahubwo ni iry’uwo wundi. Kubera iki none umwidegemvyo wanje wocirwa urubanza n’ijwi ryo mu mutima ry’uwundi+? 30  Nimba mfungura nkenguruka, kubera iki notukwa kubera ico nshimiye+? 31  Nuko rero, mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana+. 32  Mwirinde kuba ibitsitaza+ ku Bayuda no ku Bagiriki no kw’ishengero ry’Imana, 33  nk’uko na jewe nshimisha bose muri vyose+, sindondere akarusho+ kanje bwite, ahubwo ndondera aka benshi, kugira bakizwe+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.