EPIZODE YA 2
«Uyu ni Umwana wanje»
Yohani Umubatizi atangura igikorwa ciwe (gnj 2 00:00–01:01)
Yohani ashingira intahe umuco (gnj 2 01:01–01:35)
Yohani yigisha ibijanye n’ibatisimu (gnj 2 01:46–10:36)
Ibatisimu ya Yezu (gnj 2 10:36–15:04)
Impwemu iyobora Yezu mu bugaragwa (gnj 2 15:05–15:50)
Amamuko ya Yezu Kristu (gnj 2 15:50–21:03)
Yezu atsinda ibigeragezo vya Shetani (gnj 2 21:03–26:02)
Yohani avuga ko atari Kristu ahubwo ko ari ijwi ry’umuntu asemerera mu bugaragwa (gnj 2 26:02–29:36)
Yohani abwira abantu ko Yezu ari «Umwagazi w’intama w’Imana» (gnj 2 29:36–30:31)
Yohani ashinga intahe y’uko impwemu yamanutse kuri Yezu akongera akavuga ubuhanuzi bujanye no kubatizwa mu mpwemu nyeranda (gnj 2 30:31–31:20)
Abigishwa ba Yohani bakurikira Yezu (gnj 2 31:20–32:41)
Andereya ajana mwenewabo Petero kuri Yezu (gnj 2 32:41–33:51)
Filipo na Natanayeli bacika abigishwa ba Yezu (gnj 2 33:51–36:53)
Yezu ahindura amazi umuvinyu ku bugeni bw’i Kana muri Galilaya (gnj 2 36:54–45:29)
Yezu atyorora ubwa mbere urusengero rw’i Yeruzalemu (gnj 2 45:30–50:05)
Yezu abwira abayuda bamurwanya ibijanye no gusubira kwubaka urusengero mu misi itatu (gnj 2 50:06–51:13)
Abantu benshi bizera Yezu kubera ibitangaro akora (gnj 2 51:13–52:45)

