EPIZODE YA 3

«Ni jewe nyene»

«Ni jewe nyene»

Yezu asigurira Nikodemu ibijanye no kuvyarwa n’amazi be n’impwemu (gnj 3 00:00–04:43)

Umwana w’umuntu azomanikwa nk’uko Musa yamanitse inzoka mu bugaragwa (gnj 3 04:43–05:02)

Imana ntiyarungitse Umwana wayo w’ikinege kugira acire urubanza isi, ahubwo yamurungitse kugira ayikize (gnj 3 05:02–07:52)

Yohani ashingira intahe Yezu ubwa nyuma (gnj 3 08:08–10:19)

Kwizera Umwana ava hejuru, bisobanura ubuzima budahera (gnj 3 10:19–11:45)

Yohani apfungwa (gnj 3 11:45–13:28)

Yezu ashika kw’iriba rya Yakobo i Sikara muri Samariya arushe (gnj 3 13:28–14:35)

Yezu atangura kuyaga n’Umusamariyakazi (gnj 3 14:35–16:52)

Yezu yigisha Umusamariyakazi ibijanye n’ugusenga kw’ukuri (gnj 3 16:52–18:39)

Yezu ahishurira Umusamariyakazi ko ari we Mesiya (gnj 3 18:39–19:06)

Umusamariyakazi abwira abandi ivyo yumvise (gnj 3 19:06–19:45)

Yezu agereranya ugukora ukugomba kw’Imana n’ibifungurwa; avuga ibijanye n’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu (gnj 3 19:45–21:15)

Abasamariya benshi bemera ko Yezu ari «umukiza w’isi» (gnj 3 21:15–22:07)

Yezu atangura kwamamaza i Galilaya (gnj 3 22:07–23:07)

Yezu akiza umuhungu w’umusuku w’umwami i Kana muri Galilaya (gnj 3 23:07–26:20)

Abantu b’i Nazareti banka kwumviriza Yezu (gnj 3 26:20–30:48)

Yezu aja i Kaperinawumu (gnj 3 30:53–31:56)

Bafata amafi ku gitangaro; Yezu ahamagara abigishwa biwe bambere (gnj 3 31:56–39:34)