Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

“Naracitse uwo mw’ibarabara”

“Naracitse uwo mw’ibarabara”
  • Yavutse mu 1955

  • Igihugu akomokamwo: Espanye

  • Kahise: Yaranywa ibiyayuramutwe, akaborerwa, akaba n’inkazi

KAHISE KANJE

Hari abantu bafata igihe kirekire kugira bakure icigwa ku bibi baciyemwo. Na jewe ni ko nari meze. Navukiye muri Barcelone, igisagara ca kabiri mu bunini muri Espanye, kandi ni ho nakuriye. Umuryango wacu waba ahitwa Somorrostro, ku nkengera y’ikiyaga. Hari hazwi kubera ubukozi bw’ikibi be n’urudandaza rw’ibiyayuramutwe.

Twavutse turi abana icenda, nkaba ndi imfura. Kubera twari dukenye cane, dawe yaciye andungika aho bakinira tenisi kugira nkore akazi ko kuza ndatora udupira turenze ikibuga. Nari mfise imyaka cumi, nkaba nakora amasaha cumi buri musi. Ivyo vyatumye ntaja kw’ishure nk’abandi bana twangana. Nshikanye imyaka 14, naratanguye akazi ko gukoresha imashini y’aho badandaza ivyuma.

Mu 1975, narinjiye mu ngabo za Espanye zakorera mu bindi bihugu zari muri Afrika ya Ruguru, nkaba nari nambaye umwambaro ubaranga

Mu 1975, narasabwe kwinjira mu gisirikare, rikaba ryari itegeko muri Espanye. Naripfuza kwubura ibintu bishasha mu buzima bwanje. Naciye rero nifatanya n’umugwi w’ingabo za Espanye zikorera mu bindi bihugu zari muri Melilla, akarere ko muri Afrika ya Ruguru katwarwa na Espanye. Ico gihe, naciye nivobeka mw’isi yuzuye ibiyayuramutwe n’akaborerwe.

Igihe nava muri uwo mugwi w’ingabo, narasubiye muri Barcelone nca nshinga akagwi k’inkozi z’ikibi. Twariba ikintu cose twaba duhambije, tugaca tukigurisha kugira turonke amahera yo kugura ibiyayuramutwe. Naratanguye gufata ibiyayuramutwe bikaze vyitwa LSD be n’ivyitwa amphétamines, nca nisuka mu buhumbu, mu kaborerwe n’akamari. Izo ngeso mbi zatumye ndushiriza kuba inkazi. Nama nitwaza imbugita, agashoka, canke umupanga, kandi sinatinya kubikoresha mbonye bikenewe.

Igihe kimwe, jewe na ka kagwi kanje twarivye umuduga, igipolisi gica kitwoma inyuma. Wamengo ni isenema. Twaratwaye uwo muduga nk’ibilometero 30, abapolisi baca batangura kuturasa. Amaherezo, uwari atwaye uwo muduga yaragonze, twese duca turiruka. Dawe abimenye, uca wuma nawe ko yaciye anyirukana mu nzu yiwe.

Mu myaka itanu yakurikiye, nacitse uwo mw’ibarabara. Narara imbere y’amazu, mu bikamyo, ku ntebe zo mu busitani abantu bisamarizamwo canke mu bibanza bahambamwo ababo. Naramaze igihe mbere nibera mw’isenga. Ubuzima bwanje nta ntumbero bwari bufise na gato, kandi nabona ko kubaho canke gupfa ata co vyari bivuze. Ndibuka ingene nikebagura ku bikonjo no ku maboko ndabitumwe n’ibiyayuramutwe. Gushika n’ubu ndacafise inkovu.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

Mfise imyaka 28, mawe yaraje kundondera aca ansaba ngo nsubire muhira. Naremeye nca ndamusezeranira ko ngiye kwisubirako, ariko vyarantwaye igihe kugira nshitse ivyo nari niyemeje.

Umusi umwe ku muhingamo, Ivyabona vya Yehova babiri baraje iwacu. Igihe nariko ndabumviriza, dawe yarankankamiye ari mu nzu, antegeka ngo ndabugarireko umuryango. Narirya ntigeze nkunda uwumpa amategeko, sinamwumvirije. Barampaye ibitabu bitoyi bitatu, ndavyakirana umunezero. Narababajije aho basengera, maze haciye imisi ndaja ku Ngoro y’Ubwami.

Ikintu ca mbere nabonye, ni ingene bose bari bambaye neza. Jeho nari mfise ibishatsi birebire, ivyanwa bisanzaye be n’impuzu z’imishambara. Vyaragaragara ko ntari mbereye kuba aho hantu, nca nigumira hanze. Ariko rero naratangaye ngiye mbona Juan, uwo twahoranye muri ka kagwi k’inkozi z’ikibi, yambaye ikoti n’ikaruvati. Nahavuye menya ko hari haciye umwaka abaye Icabona ca Yehova. Kubona ari ho ari vyaranyeretse ko nkwiye kwinjira ngakurikira amakoraniro. Aho ni ho vyose vyatanguriye kugira mpinduke.

Naremeye ko banyigisha Bibiliya kandi sinatevye gutahura ko nategerezwa guheba ubukazi be n’ubuhumbu kugira nshimwe n’Imana. Ntivyanyoroheye kugira ayo mahinduka. Naratahuye ko nategerezwa “guhindura umuzirikanyi [wanje] ukaba musha,” kugira nshimishe Yehova Imana. (Abaroma 12:2) Narakozwe ku mutima cane n’imbabazi z’Imana. Naho nari nakoze ayo makosa yose, narabonye ko yari ampaye akaryo ko kwikubita agashi. Ivyo nize ku vyerekeye Yehova Imana vyaranyengetereye gushika i bwina mu mutima. Naratahuye neza ko hariho Umuremyi ambabaye.​—1 Petero 5:6, 7.

Ivyo vyaratumye ntangura kugira ivyo mpinduye. Nk’akarorero, igihe niga ibijanye n’itabi muri Bibiliya, naciye nibwira nti: ‘Ko Yehova Imana ashaka ko nguma ntahumanye kandi ntanduye mu buryo bwose, aya matabi ntegerezwa kuyasezerera!’ (2 Abakorinto 7:1) Yose naciye njugunyira mw’iyarara!

Nategerezwa kandi guheba kunywa ibiyayuramutwe no kubidandaza. Ivyo vyansavye umwanya n’utwigoro. Kugira ndabishobore, nari nzi ko ntegerezwa kuvavanura n’abo twagendana. Akosho bangirako katuma ntatera imbere mu vy’impwemu. Ariko nahavuye ntangura kwisunga cane Imana be n’impanuro z’abagenzi naheruka kuronka mw’ishengero. Ukuntu bankunda bakongera bakanyitwararika cari ikintu ntari bwigere mbona. Uko amezi yarengana, nahavuye mvavanura n’ibiyayuramutwe “[nda]mbara wa muntu mushasha,” bikaba vyatumye nshimwa n’Imana. (Abanyefeso 4:​24) Muri Myandagaro 1985, narabatijwe mba Icabona ca Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE

Bibiliya yaratumye ubuzima bwanje bumera neza. Yatumye mpeba ingendo mbi yanyononera amagara ikantesha n’ubuntu. Nkako, abarenga 30 mu bo twahoze tugendana barapfuye bakiri bato kubera SIDA canke izindi ndwara ziva ku biyayuramutwe. Ese ukuntu nkenguruka kubona narashoboye kwirinda izo ngorane mu kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya!

Imbugita n’udushoka nahoze nitwaza nkiri umusore w’inkazi, ubu vyaribagiranye. Sinari bwigere nibaza ko umusi uri izina nogiye nditwaza Bibiliya kugira mfashe abandi. Muri iki gihe, twe n’umugore wanje turi Ivyabona vya Yehova bitanga mu murimo w’igihe cose.

Abavyeyi banje ntibigeze baba Ivyabona vya Yehova, ariko barashimye ivyiza nironkeye kubera nize Bibiliya. Nkako, dawe yaranavugiye Ivyabona imbere y’abo bakorana bose. Yariboneye neza ko ukwizera kwanje gushasha kwatumye ubuzima bwanje buhinduka bumera neza. Mawe we yakunda kwivugira ko vyari kumbera vyiza iyo niga Bibiliya hakiri kare. Emwe, ivyo yavuze nta co norenzako!

Ivyo naciyemwo vyaranyigishije ko ari ubujuju kurondera umunezero mu biyayuramutwe be n’izindi ngeso mbi. Ubu ndironkera umunezero nyakuri mu kwereka abandi inyigisho ziri mw’Ijambo ry’Imana, ari na zo vy’ukuri zarokoye ubuzima bwanje.