Barihanganira ingorane

Ivyabona vya Yehova basanze ingorane z’amagara n’ubumuga bidakwiye kubatwara umunezero mu buzima.

DeJanerio Brown: Yaratuntuye ariko ntiyatanye n’akabando

Yehova afasha gute abashikiwe n’ivyago giturumbuka?

Gukorera Yehova mu bihe bigoye muri Venezuwela

Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Venezuwela bagumana umwete mu gikorwa co kwamamaza kandi bakabera abandi “imfashanyo ikomeza.”

Gukorera Imana ni wo muti wiwe!

Onesmus yavukanye ubumuga bwitwa ostéogenèse imparfaite, ikaba ari indwara ituma amagufa avunagurika. Imihango Imana yatanze yanditse muri Bibiliya yamuremesheje gute?

Kwegera Imana vyambereye vyiza

Igihe Sarah Maiga yari afise imyaka icenda, yararetse gukura ku mubiri, ariko ntiyaretse gukura mu vy’impwemu.

Nararonse icizigiro ngeze habi

Igihe Miklós Aleksza yari afise imyaka 20, yaragize isanganya aramugara. Bibiliya yamufashije gute kuronka icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza?

“Nimba Kingsley abishobora, jeho kuki?”

Kingsley wo muri Sri Lanka yararwanye urugamba rukomeye kugira ashikirize ikiganiro c’iminota mikeyi gusa.

Vyose ndabikesha intoke

James Ryan yavutse atumva mu nyuma na ho aca arahuma. Ni igiki catumye agira ubuzima buri n’intumbero nyakuri?

“Sinshaka kuguma niyumvira indwara yanje”

Ni igiki gifasha Elisa kwihanganira indwara idakira kandi ibabaza, mbere rimwe na rimwe akibagira n’uko arwaye?

Yarumiye ku vyo yemera

Naho amagara ya Song Hee Kang yari ageramiwe yarumiye ku vyo yemera igihe yari afise imyaka 14 gusa.