Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ingoro z’Ubwami igihumbi be n’izindi ziri inyuma

Ingoro z’Ubwami igihumbi be n’izindi ziri inyuma

Muri Myandagaro 2013, Ivyabona vya Yehova bo muri Filipine barashitse ku kintu c’intibagirwa igihe biciye kuri ya porogarama idasanzwe y’ubwubatsi hubakwa Ingoro y’Ubwami igira igihumbi. Nk’uko biri mu bihugu bitari bike, amashengero yo muri Filipine akenshi ntiyaronka amahera canke ngo abe afise ubuhanga mu vyo kwubaka kugira bashobore kwiyubakira Ingoro y’Ubwami ikomeye ata wubafashije. Haraheze imyaka myinshi bamwe bikoraniriza mu mihana y’abantu, abandi na bo bagakoranira mu tuzu twubakishije imigano.

Uko igitigiri c’Ivyabona vya Yehova caguma ciyongera muri Filipine no mu bindi buhugu ni ko haguma harushiriza gukenerwa Ingoro z’Ubwami. Ku bw’ivyo, mu 1999 Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yarashizeho porogarama yo kwubaka Ingoro z’Ubwami mu bihugu bifise uburyo buke. Biciye kuri iyo ntunganyo, Ivyabona bo ng’aho baraterera ivyo bashoboye, maze amahera y’intererano avuye mu bindi buhugu akaza yunganira. Abari mu bwubatsi bamenyerejwe baragaburwa mu migwi kugira ngo bafashe abagize amashengero kwiyubakira Ingoro y’Ubwami yabo bwite. Muri Munyonyo 2001, iyo porogarama yo kw’isi yose yaratanguye muri Filipine.

Iluminado ni umwe mu bagize ishengero ry’i Marilao, muri Bulacan, ahubatswe ya Ngoro y’Ubwami igira igihumbi. Yavuze ati: “Nariboneye vy’ukuri ubucuti buri hagati y’abakirisu. Abantu benshi baritanga, uri abagabo n’abagore, abakiri bato n’abitereye mu myaka. Twakorera hamwe ku zuba rimena imbwa agahanga. Naho mbere twaba turushe inyuma y’umusi wose w’ibikorwa, vyari ibintu bitera umunezero turavye ivyo twaba twakoze turi hamwe.”

Abatari Ivyabona na bo nyene baratangajwe n’utwigoro twagirwa n’abitanga. Nyene ikamyo yazana umusenyi n’igaraviye kw’ishantiye yavuze ati: “Mumeze nk’ibimonyo, muri benshi! Umwe wese arakora. Sinari bwigere mbona ikintu nk’ico.”

Ingoro y’Ubwami yuzuye

Abitanze bahejeje kwubaka iyo nyubakwa haciye indwi zidashika zitandatu kuva ku musi batanguriyeko umushinge. Kuba iyo Ngoro y’Ubwami yaranyarutse kwubakwa, vyaratumye abagize ishengero babandanya kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa gihambaye kuruta ibindi co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.Matayo 24:14.

Ellen , uwundi wo mu bagize iryo shengero ryubakiwe ingoro, avuga ati: “Twese ntitwashobora gukwira mu Ngoro yacu ya kera, kandi benshi muri twebwe babwirizwa kwicara hanze. Ingoro y’Ubwami nshasha irabereye ijisho kandi iragutse, ku bw’ivyo twese turashobora kurushiriza kwungukira ku nyigisho n’indemesho turonkera ku makoraniro yacu.”

Raba n'ibindi

Baritanze babikunze muri Filipine

Numenye icatumye bamwebamwe baheba ubuzi bwabo, bakagurisha ivyo batunze, maze bakimukira mu turere turi ukwa twonyene two muri Filipine.