Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Amafoto y’i Warwick (Igice ca 3: Nzero—Ndamukiza 2015)

Amafoto y’i Warwick (Igice ca 3: Nzero—Ndamukiza 2015)

Ivyabona vya Yehova bariko barubaka ahazokwimukira icicaro gikuru cabo. Ayo mafoto arerekana ibikorwa vyaranguwe kuri iyo shantiye kuva muri Nzero gushika muri Ndamukiza 2015.

Uko hazoba hameze nibaheza kuhubaka. Uhereye hejuru ibubamfu:

  1. Garaje

  2. Parikingi y’abashitsi

  3. Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

  4. Inyubakwa y’uburaro ya B

  5. Inyubakwa y’uburaro ya D

  6. Inyubakwa y’uburaro ya C

  7. Inyubakwa y’uburaro ya A

  8. Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Ku wa 2 Nzero 2015: Garaje

Harold Corkern, akaba ari umufasha muri Komite nshingwasohora yo mu Nama Nyobozi, ariko ashikiriza insiguro ivuga ngo: “Nukoreshe ubushobozi bwawe bwose.” Insiguro nk’izo zihora zishikirizwa n’abagendera i Warwick mu ntumbero yo kuremesha abahakorera.

Ku wa 14 Nzero 2015: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Iryo hema ryera rirakingira abakozi rikongera rikabafasha kubandanya igikorwa cabo mu gihe c’urushana. Ico gice c’inyubakwa kizoba kirimwo uburiro, ivuriro, igikoni hamwe n’imesuriro.

Ku wa 16 Nzero 2015: Inyubakwa y’uburaro ya D

Abakora ivy’umuyagankuba bariko barategura ahazoja intsinga. Intsinga zirenga imetero 12.000 ziramaze gushirwa mu nyubakwa z’uburaro. Igikorwa kijanye n’umuyagankuba catanguye i Warwick haheze igihe gito haguzwe kandi kizobandanya gushika ubwubatsi burangiye.

Ku wa 16 Nzero 2015: Inyubakwa y’uburaro ya A

Umukozi ariko arapfuka akabaraza imbere y’uko bashiraho ibintu bikinga amazi. Aha ni kw’igorofa yo hejuru, utubaraza tw’aho dupfukishijwe n’ibintu bibuza amazi kwinjira (polyméthacrylate de méthyle).

Ku wa 23 Nzero 2015: Inyubakwa y’uburaro ya A

Umukobwa na se bariko baratunganya intsinga zitwara umuyagankuba mu vyumba vy’uburaro.

Ku wa 6 Ruhuhuma 2015: Garaje

Abakozi bariko barivuna umusase mu buriro bw’imfatakibanza. Buri musi, harafungurirwa abantu barenga 2.000.

Ku wa 12 Ruhuhuma 2015: Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

Abakora ibijanye n’imigero bariko barashinga amaferabeto mu gice co munsi c’aho bazobika ibikoresho.

Ku wa 12 Ruhuhuma 2015: Inyubakwa y’uburaro ya C

Amakete avuye ku bana bakengurukira abakozi. Benshi baritanga kugira bamare igihe gito bariko barahakorera. Muri rusangi, buri ndwi haraza abakozi bashasha bababa 500. Muri Ruhuhuma, nk’abantu 2.500 ni bo bakoze buri musi.

Ku wa 24 Ruhuhuma 2015: Ishantiye y’i Warwick

Hafi ibice 60 kw’ijana vy’ibikorwa biramaze kurangira. Kuva muri Nzero gushika muri Ndamukiza 2015, hari hamaze kurangira igice co hejuru c’inyubakwa z’uburaro kandi inkingi z’inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo zari zimaze gushirwaho. Muri ico kiringo, abakozi baratanguye gushira impome zikozwe mw’ibeto kw’igaraje, gukora utuyira dufatanya inyubakwa z’uburaro hamwe no gusubiramwo urugomero rw’ikiyaga c’ubururu.

Ku wa 25 Ruhuhuma 2015: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Ifoto yafatiwe mu ntango y’aho bazoca mu kuduga mw’igorofa. Abakozi bahawe ikiraka ni bo bateguye ahategekanywa gushingwa ingazi ishika kw’igorofa ya kane hama Ivyabona vya Yehova na bo basukamwo ibeto.

Ku wa 26 Ruhuhuma 2015: Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

Abakora ibijanye n’imigero bariko barashinga amaferabeto muri etaje ya mbere mu gihe c’imbeho. Kuva muri Nzero gushika muri Ntwarante, i Warwick haraguye hafi santimetero 127 z’urubura bita neige. Abajejwe gukubura urwo rubura barafashije kugira hagume habona, ivyuma na vyo bitanga ubushuhe bituma abakozi baguma basusurutse.

Ku wa 12 Ntwarante 2015: Parikingi y’abashitsi

Amabati amanitswe ku gisenge kiba carakozwe. Mu mpera za Ndamukiza, ibisenge nka vyose vyo ku nyubakwa z’uburaro vyari bimaze gukorwa vyongera biramanikwa. Igisenge ca nyuma co ku nyubakwa y’uburaro ya B camanitswe ukwezi kwa Ruheshi kugeze hagati.

Ku wa 18 Ntwarante 2015: Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

Ifoto yafashwe n’uwuri hejuru mu cuma kiduza ibintu, ariko araraba inyubakwa y’uburaro ya B.

Ku wa 18 Ntwarante 2015: Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

Abakora ivy’amazi bariko barasuzuma imigero, bari kuri parikingi y’abazoba ng’aho. Kugira ico gikorwa kiranguke, hazokenerwa impapuro ziriko imigero zirenga 3.400.

Ku wa 23 Ntwarante 2015: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Abakozi bari ku cuma kiduza ibintu bariko bashiraho ihema rikingira iyo nyubakwa. Haragirwa imyimenyerezo myinshi kugira biyemeze ko bakoresha neza ivyo vyuma kugira birinde impanuka. Amanama yo kwirinda amasanganya aba arimwo ingene bokoresha ivyuma biduza ibintu, ivyuma bitangira abantu ngo ntibakoroke, kwambara ibintu bikingira umunwa n’izuru hamwe n’ubundi buryo bwo kwikingira.

Ku wa 30 Ntwarante 2015: Ishantiye y’i Warwick

Ifoto y’inyubakwa z’uburaro uziravye uri mu burengero. Mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza, harakozwe ibikorwa vyinshi vyerekeye umuyagankuba n’ivyuma ku nyubakwa z’uburaro za A, B na D, zerekanywe kuri iyi foto. Mu nyubakwa y’uburaro ya C (itari ng’aha kw’ifoto), baratanguye gushiramwo amakaro no gusiga irangi.

Ku wa 15 Ndamukiza 2015: Inyubakwa y’uburaro ya B

Abakozi babiri bari mu cuma kiduza ibintu bariko bashira ku bihome vy’inyuma ibintu bituma ubushuhe budahinduka imbere biturutse ku kuntu ikirere cifashe hanze. Kugira buri nyubakwa y’uburaro ishobore gukingirwa muri ubwo buryo, bitwara nk’amezi abiri.

Ku wa 27 Ndamukiza 2015: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Abubatsi bariko barubaka uruhome rw’amabuye. Ico gice c’inyubakwa kizoba kirimwo aho bapakururira ibintu n’aho gukorera ibindi bikorwa.

Ku wa 30 Ndamukiza 2015: Ishantiye y’i Warwick

Umukozi yahawe ikiraka yibiye mu Kiyaga c’Ubururu gusubiriza icuma bita valve. Ufyonze gusa kw’ibuto amazi y’ico kiyaga aca agabanuka, ivyo bikaba bituma hataba imyuzurira igihe hateye ibihuhusi.

Raba n'ibindi

Baritanze babikunze—Muri New York

Ni igiki catumye umugabo umwe n’umugore wiwe bari mu bihinda, bava mu nzu yabo iteye igomwe bakimukira mu kazu gatoyi?