Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Hararungitswe utuntu two gushirako ibitabu turenga 165.000

Hararungitswe utuntu two gushirako ibitabu turenga 165.000

Ivyabona vya Yehova barazwi cane kubera ko bavuga inkuru nziza inzu ku nzu. Ubu usanga bahagaze mu bibanza bihuriramwo abantu benshi iruhande y’utuntu two gushirako ibitabu duteye igomwe.

Ubwo buryo bwo kuvuga inkuru nziza burashimikwako cane muri iki gihe. Muri Munyonyo  2011, umugwi w’Ivyabona vya Yehova mu gisagara ca New York waratanguye kubwira abantu ubutumwa bwo muri Bibiliya ukoresheje utumeza be na twa tuntu bashirako ibitabu. Ako kigoro bagize karavuyemwo ivyiza vyinshi kandi ubwo buryo ntibwatevye gukoreshwa mu bindi bisagara.

Muri Ntwarante 2015, utuntu 165.390 twararungikiwe amashengero y’Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi. Udukiyoske n’utumeza ibihumbi na two nyene twararungitswe.

Igikorwa co kwamamaza inzu ku nzu kiracari bwo buryo nyamukuru Ivyabona bakoresha mu kubwira abantu ukuri kwo muri Bibiliya. Ariko rero, utwo tuntu bashirako ibitabu twarabafashije cane. Rimbura uturorero tumwetumwe.

Muri Peru, umugabo umwe yitwa Raul yaregereye Ivyabona bari iruhande ya kamwe muri utwo tuntu, aca avuga ati: “Mbega mwahora hehe? Nari maze imyaka itatu ndondera Ivyabona! Igihe nabona aka kantu kanyu, naciye nshimira Imana.”

Naho nyene Ivyabona vya Yehova bagendera kenshi akarere Raul yabamwo, ntiyigera aba i muhira ku murango canke ku mpera z’imishamvu. Yavuze ko yari yarigeze kwiga Bibiliya n’Ivyabona be n’uko yashaka gusubira kuyiga. Baciye batunganya ukuntu bomwigisha.

Muri Biligariya, umugabo n’umugore bari baherutse kurushinga barahagaze iruhande ya ka kantu bashirako ibitabu maze batora igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo. Mu ndwi ikurikira, baragarutse batora ibindi bitabu bibiri ari vyo Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya na Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Icabona yari iruhande y’ako kantu yarababajije ati: “Mufise abana bangahe?” Na bo bati: “Nta bo dufise, mugabo nitwabaronka dutegekanya kubigisha ivyerekeye Imana. Ibi bitabu ni vyo neza na neza dukeneye.”

Muri Ukraine, umugabo umwe yari yambaye impuzu z’igisoda yaregereye Ivyabona bari iruhande y’ako kantu bashirako ibitabu. Yavuze ati: “Mwa bigeme mwe, nimumbwire igihe Harumagedoni izozira.” Uwo mugabo yari yaragize uruhara mu ndyane zaheruka kuba muri Ukraine. Ibiba mw’isi vyari vyaramujijuye ko Harumagedoni iri hafi, akaba yaribaza igituma Imana iteba kugira ico ikoze. Abo bamamaji baramusiguriye bakoresheje Bibiliya yuko Imana iri n’imvo yumvikana yo kutagira ico ikoze mu vyo abantu bakora be n’uko igiye gutikiza ababisha bose. Uwo mugabo yarakiriye ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! be n’igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous ?

Muri Macédoine, umusore umwe yarabwiye Ivyabona bari iruhande ya ka kantu bashirako ibitabu ko amenyereye ibinyamakuru vyabo, mugabo ko ico gihe yipfuza kuronka igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Yavuze ko aca agenda mu nyubakwa y’ububiko bw’ibitabo bugenewe abantu bose kugira atangure kugisoma.

Inyuma y’amasaha nk’abiri, uwo musore yaragarutse ahejeje gusoma impapuro 79 za mbere z’ico gitabu. Yavuze ati: “Iki gitabu kirahindura ubuzima. Ndatahuye ko vyinshi mu vyo nahora nemera ari ibinyoma. Ivyo iki gitabu gisigura vyose ndabona ko ari ukuri. Emwe, kirahinduye rwose ukuntu nahora mbona ubuzima!”

Raba n'ibindi

KWIGA BIBILIYA

Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Bibiliya iriko irafasha abantu amamiliyoni kw’isi yose kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye cane mu buzima. Woba nawe wobishima?

KWIGA BIBILIYA

Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya

Kw’isi yose, birazwi ko Ivyabona vya Yehova bagendera abantu kugira ngo babigishe Bibiliya ku buntu. Raba ingene bigenda.

IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA

Ivyabona vya Yehova boba ari abakirisu?

Raba ukuntu dutandukanye n’abandi bitwa abakirisu.