Kwamamaza inkuru nziza ku nkengera y’Uruzi Xingu
Mu ntango z’ukwezi kwa Mukakaro 2013, hari umugwi w’Ivyabona vya Yehova 28 bo muri Brezile bafashe urugendo bava mu gisagara ca São Félix do Xingu, baja mu karere k’Abahindi bo mu bwoko bw’Abakayapo n’ubw’Abayuruna. Bafashe ubwato bwareha n’imetero 15, bagenda bagana iyo Uruzi Xingu ruzanana, rukaba rutemba ruja mu buraruko ahareha n’ibilometero 2.092 kugira ruhure n’Uruzi rwa Amazoni.
Urwo rugendo barugize kugira ngo baje kubwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana abantu baba mu bigwati vyo ku nkengera y’urwo Ruzi Xingu. Ku musi ugira gatatu, bari bashitse mu kigwati ca Kokraimoro. Bahawe ikaze n’abantu bakirana kandi bamwenyura. Umugore umwe bahuye yariko avuga akoresheje ibimenyetso vyinshivyinshi. Umugabo wo muri ako karere yari aherekeje ivyo Vyabona yarabasiguriye ibimenyetso uwo mugore yariko aragira, ababwira ati: “Ariko arababwira ngo ‘Ingo mwese. Twipfuza kubamenya!’ ”
Ivyo Vyabona barayaze n’abantu bose. Bamwe babayagishije mu rurimi rw’igiportigale, abandi na bo babayagisha bakoresha ibimenyetso. Amashusho afise amabara aryoheye ijisho ari mu bitabu bari bitwaje bishingiye kuri Bibiliya yarabafashije cane, kandi abantu benshi baba muri ico kigwati barakiriye ibitabu, canecane agatabu Niwumvirize Imana.
Uwitwa Gerson, akaba amara umwanya munini yamamaza inkuru nziza (umutsimvyi adasanzwe) i São Félix do Xingu, aribuka ivyo umuntu umwe yaba muri ico kigwati yakoze igihe yaronka Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Avuga ati: “Yaracihweje, aragifata arakigumya n’amaboko yompi. Ntiyipfuza na gato kukirekura.”
Ivyo Vyabona vya Yehova barahaye ibitabu, ibinyamakuru be n’udutabu bishika 500 abantu babishimye bo muri ako karere ko ku nkengera y’uruzi. Mu kigwati c’i Kawatire, abantu baho barateze yompi babishashaye umuhango Bibiliya itanga w’uko isi izoba Iparadizo. Uwitwa Tonjaikwa, akaba ari Umuhindi yakirana cane wo mu bwoko bw’Abakayapo yavuze ati: “Niyumvira ko abantu bazoba mw’Iparadizo bazogira ubuzima nk’ubu tubayemwo.”
Abantu benshi bo mu gisagara c’i São Félix do Xingu baramenye ivy’urwo rugendo. Uwitwa Simone, akaba ari umwe mu bafashe urwo rugendo, yavuze ko hari abantu bo mu gisagara abamwo bagize amakenga biyumvira yuko we n’abo bari bafadikanije urwo rugendo batokwemerewe kwinjira muri ivyo bigwati. Yamara, si ko vyabaye. Simone yavuze ati: “Baratwakiriye, kandi turabwira inkuru nziza abantu bose.”