Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyabona vya Yehova bashikira ibitigiri vy’intibagirwa

Ivyabona vya Yehova bashikira ibitigiri vy’intibagirwa

Mu 1987, Lyman Swingle, umwe mu bari bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarashikirije insiguro abantu 63.580 bari bakoraniye mu kibanza c’inkino Plaza Monumental mu gisagara ca Valencia muri Venezuwela. Benshi muri bo bari baraye baragenda n’amabisi baje kumwumviriza. Umuvukanyi Swingle yabwiye isinzi ryari aho ati: “Ntimukiri agashami gatoyi. Ubu muri ishami rigereranye. Kandi ndabihweje, nta gihe kinini gisigaye mutagiye mu mugwi w’amashami afise abavugabutumwa 100.000!”

Mu 1987, muri Venezuwela hari abavugabutumwa barenga 38.000, ni ukuvuga Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Muri ico gihe, ibihugu umunani vyonyene ni vyo vyari bifise abavugabutumwa barenga 100.000.

Iyongerekana ry’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose ryamye ritangaje. Inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose, ibihumbi bikeyi gusa ni bo bariko baramamaza ku mugaragaro Ubwami bw’Imana. Ivyo vyarahindutse. Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1943 kigira giti: “Raporo yose hamwe yo mu 1942, naho ituzuye kubera ingorane yo guhanahana amakuru, ni nziza cane . . . , kuko yerekana ko kw’isi yose hari abavugabutumwa barenga 106.000 bagira uruhara mu gikorwa [co kwamamaza inkuru nziza].” Mbere no mu ntureka y’Intambara ya kabiri y’isi yose, abantu benshi barakiriye neza ukuri kwo muri Bibiliya. Mu 1950, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika conyene cararengeje abavugabutumwa 100.000.

Igihugu cakurikiye gushikana abavugabutumwa 100.000 cabaye Nijeriya mu 1974.

Mu mwaka wakurikiye, igitigiri c’abavugabutumwa muri Brezile no mu Budagi cararenze 100.000. Iryo yongerekana ryabaye muri ivyo bihugu bine biri mu turere dutandukanye two kw’isi rirerekana ko ukuri kwo muri Bibiliya kwariko kurakirwa neza kw’isi yose.

Kw’isi yose, igitigiri c’abantu bakira inkuru nziza kiguma congerekana. Ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya yari yaravuze iti: “Umutoyi azocika igihumbi, uwo hasi na we acike ihanga rikomeye. Jewe Yehova, nzovyihutisha mu gihe cavyo.”Yesaya 60:22.

Twisunze raporo yo mu 2014, ibihugu bimaze kurenza Ivyabona 100.000 ni 24. Aho harimwo na Venezuwela, ikaba yashikanye ico gitigiri kidasanzwe mu 2007. Kw’isi yose hari amashengero 115.416 y’Ivyabona vya Yehova hamwe n’abavugabutumwa 8.201.545.

Ibihugu birenza abavugabutumwa 100.000

Umugabane w’isi

Igihugu

Abavugabutumwa

Afrika

Angola

108.607

Gana

125.443

Kongo (Kinshasa)

216.024

Nijeriya

362.462

Zambiya

178.481

Aziya

Filipine

196.249

Koreya

100.641

Ubuyapani

215.703

Uburaya

Espanye

112.493

Polonye

123.177

Ubudagi

166.262

Ubufaransa

127.961

Uburusiya

171.268

Ubutaliyano

251.650

Ubwongereza

138.515

Ukraine

150.906

Amerika ya ruguru

Kanada

116.312

Leta Zunze Ubumwe za Amerika

1.243.387

Megizike

829.523

Amerika y’epfo

Arjantine

150.171

Brezile

794.766

Kolombiya

166.049

Peru

123.251

Venezuwela

140.226

Raba n'ibindi

Ivyabona vya Yehova batunganya gute igikorwa cabo co kwamamaza?

Turakurikiza akarorero Yezu yatanze igihe yari kw’isi. Bumwebumwe muri ubwo buryo bwo kwamamaza ni ubuhe?