Ja ku birimwo

Isekeza ryagizwe kw’isi yose ku bwo kumenyekanisha umuhora JW.ORG

Isekeza ryagizwe kw’isi yose ku bwo kumenyekanisha umuhora JW.ORG

Mu kwezi kwa Myandagaro 2014, Ivyabona vya Yehova baratanze agapapuro k’inkuru nziza mu ntumbero yo gutuma abantu bijukira umuhora wa jw.org. Ico vyavuyemwo ni uko igitigiri c’abantu baja kuri uwo muhora congerekanye kirarenga ibice 20 kw’ijana muri ukwo kwezi, gishika hafi ku bantu imiliyoni 65. Kw’isi yose, abantu bashika hafi 10.000 barasavye biciye kuri internet kwigishwa Bibiliya ku buntu bari iwabo, ni kuvuga ko habaye iyongerekana ry’ibice 67 kw’ijana ugereranije n’ukwezi kwa Mukakaro! Iryo sekeza ryarafashije abantu bo mu mihingo yose.

Ryarafashije abarondera inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima

Umugore umwe w’Icabona wo muri Kanada yararamukije Madeline bari muri ascenseur aca amwereka agapapuro k’inkuru nziza kariko karatangwa mw’isekeza kavuga ngo, Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima? Madeline yavuze ko mw’ijoro ari kw’ibaraza yari yasenze Imana n’ubwira kugira ngo imufashe kuronka inyishu z’ibibazo mwene ivyo. Yari aherutse kwitura amadini atari make asaba ko yo kwigishwa Bibiliya, ariko nta n’umwe yigeze amugendera. Ntiyatevye gutangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.

Ryarafashije abantu batamenyereye Bibiliya

Muri Filipine, Rowena yarayaze n’umugabo umwe w’umushinwa yari ahagaze imbere y’iresitora. Yaramuhaye agapapuro k’inkuru nziza yongera aramusigurira ko Ivyabona vya Yehova bipfuza gufasha abantu kubona ivyiza biva ku kwiga Bibiliya ku buntu.

Uwo mugabo yavuze ko atarigera akubita ijisho Bibiliya. Ikiyago cakurikiye catumye uwo mugabo yitaba igikorane c’Ivyabona vya Yehova. Mu nyuma yaravuze ko yipfuza kumenya vyinshi ku bijanye na Bibiliya kandi ko afise umugambi wo kuyivoma ku muhora wacu.

Ryarafashije abaragi

Guillermo umuragi w’Icabona wo muri Espanye, yarahuye na Jorge umuragi mugenziwe bahoze bigana. Jorge yavuze ko nyina wiwe aheruka gupfa kandi ko yari afise ibibazo vyinshi n’amakenga menshi. Guillermo yaciye amuha agapapuro k’inkuru nziza kariko karatangwa mw’isekeza yongera aramusigurira ukuntu kuri jw.org ashobora kuronka amakuru mu rurimi rw’ibimenyetso ayashobora ku muronsa inyishu z’ibibazo vyinshi afise. Guillermo yaratumiye Jorge ngo aze gusenga ku Ngoro y’Ubwami. Jorge yaraje kandi kuva ico gihe ntarigera asiba na rimwe naho aba ku bilometero 60 uvuye ahari Ingoro y’Ubwami.

Ryarafashije abantu baba mu turere turi kure y’ibisagara

Ivyabona vya Yehova bane, ni ukuvuga abagabo babiri n’abagore babo, bo muri Groenland barakoresheje amahera menshi kugira ngo bagire urugendo rw’amasaha atandatu bari mu bwato butoyi bagiye mu gace kabamwo abantu 280. Bari aho muri ako gace, baramamaje, baratanga udupapuro tw’inkuru nziza, bongera barereka abantu ividewo iri kuri jw.org mu rurimi rwitwa groenlandais. Baratanguye kandi kwigisha Bibiliya umugabo n’umugore wiwe bari bahuye. Ubu babigisha Bibiliya kabiri mu ndwi bakoresheje telefone.

Utwo twigoro twagizwe ntitwagarukiye gusa muri ako karere ko mu Buraruko. Ivyabona bo muri Nikaragwa baratunganije ivyo gutanga ako gapapuro k’inkuru nziza ku bantu bavuga ururimi rwitwa mayangna ruvugwa n’abantu bo mu kibira co muri Karayibe. Bamaze kugenda badahagarara amasaha 20 bari mw’ibisi ishaje, baca mw’ibarabara ryuzuye ibinogo, baciye bagenda n’amaguru urugendo rw’amasaha 11, rimwe na rimwe bakaba baca mu vyondo kugira ngo bashike ahantu haba abantu. Bashitse, baratanze udupapuro tw’inkuru nziza bongera barerekana ividewo mu rurimi rwitwa mayangna. Abantu bo ng’aho baratangaye cane bongera baranezerwa rwose.

Uwitwa Estela yarahaye ka gapapuro k’inkuru nziza umugabo umwe yariko araca mu gasagara gatoya ko mw’ishamba rya Amazone ryo muri Brezile. Uwo mugabo yarakiriye ako gapapuro, aca agashira mu mufuko mu kwerekana ko katamushimishije. Ariko arataha, imoteri y’ubwato bwiwe yarakwamye maze aca aguma aho nyene mu ruzi. Mu kurindira ko baza kumufasha, uwo mugabo yaciye aba arasoma ako gapapuro. Akoresheje telefone yiwe yarinjiye kuri jw.org, arasoma ibiganiro bitandukanye yongera aravoma amavidewo amwamwe. Haciye imisi mikeyi, uwo mugabo yarahuye n’umugabo wa Estela amutuma ngo ashimire Estela kubona yaramuhaye ako gapapuro. Uwo mugabo yavuze ati: “Ibiganiro nasomye igihe nari nkiri mu ruzi vyaratumye nguma ntekanye gushika ubwato bwaje ku mfasha bushitse”. Yongeyeko ati: “Abana banje barakunda amavidewo ya Kalebu. Nzokwama nja kuri jw.org.”