Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igishasha i Manhattan

Igishasha i Manhattan

Igishasha i Manhattan

Muri Munyonyo 2011, hari umugwi w’Ivyabona vya Yehova watanguje uburyo bushasha bwo kubwira ubutumwa bwo muri Bibiliya abantu b’i Manhattan mu gushira ibitabu ku mameza no ku tuntu dufise amapine bagenda barasunika. Iryo sekeza ririko ribera mu bumanuko bwa Manhattan, kino kikaba ari igisigara ca kera cane co muri New York City kirimwo uruja n’uruza rudasanzwe.

Ico gisagara kigabuwe mu turere tune. Buri karere usanga karimwo ibibanza bitari bike aho abahita bashobora kubona imeza canke akantu gafise amapine basunika bapanzeko neza ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, hakaba kandi hari Icabona ca Yehova wo muri ako karere ajejwe kubafasha. Nya bitabu usanga akenshi bishirwa ahantu abantu ibihumbi mirongo bakunda guca ku musi ku musi.

Uwuhicishije wese arashobora kuronka inyishu Bibiliya itanga ku bibazo bitari bike. Uwudashaka kuhamara akanya na we arashobora gutora igitabu aja kwisomera.

Haba hari ibitabu vyo mu ndimi nyinshi. Nimba hari uwushimye igitabu mugabo kikaba kitari mu rurimi yipfuza, arashobora kugisaba mu rurimi yipfuza maze akazogitora inyuma y’imisi mike gusa.

Abanyagihugu cokimwe n’abategetsi barashima ico gikorwa. Hari umupolisi umwe yavuze ati: “Kubera iki mwatevye? Murafise koko ibintu abantu bakeneye.”

Hari umugabo yahagaze bukwi na bukwi aboneye igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Yavuze ko yari yabonye abantu bariko baragisoma maze aribaza aho bari bagikuye. Yari agiye yahamenya.

Hari umusore umwe yamaze amayinga atandatu aza ararengana ahari imwe muri ayo mameza igihe yaba agiye ku kazi. Amaherezo yarahagaze maze avuga ati: “Nkeneye ko mumfasha.” Ivyabona bari aho barahimbawe no kumufasha. Baramuhaye Bibiliya bongera baramwereka ingene Bibiliya ishobora kumufasha.

Abahaca, babikunze barahagarara bakaganira n’Ivyabona ibijanye na Bibiliya. Mu kwezi kumwe gusa, ico gikorwa c’i Manhattan catumye abantu baronka ibinyamakuru 3.797 n’ibitabu 7.986.