Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Barerekanye diyama y’ubundi bwoko

Barerekanye diyama y’ubundi bwoko

Botswana ni co gihugu kirimwo diyama nyinshi kw’isi. Kuva ku wa 22 gushika ku wa 28 Myandagaro 2016, muri ico gihugu harabaye ihayanishwa rya diyama rigenewe abaguzi. Ivyabona vya Yehova barerekanye diyama y’ubundi bwoko. Mu vyo berekanye harimwo ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, urubuga rwacu rwa jw.org hamwe n’amavidewo agenewe gufasha imiryango.

Abavyeyi n’abana baje kuri iryo hayanishwa barakunze cane twa tuvidewo twa Kalebu twigisha abana gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Kubera yuko hari utuvidewo twa dessins animés duke cane mu rurimi rw’igisetswana rukoreshwa cane muri ico gihugu, benshi barabajije ukuntu boronka utwo tuvidewo twa Kalebu.

Abantu mu mihingo itandukanye y’ico gihugu bitavye iryo hayanishwa baratoye ibitabu bishika ku 10.000, kandi 120 muri bo barasavye kwiga Bibiliya. Benshi baratangajwe no kubona ingene Ivyabona bo mu mashengero y’icongereza n’ay’igisetswana basenyera ku mugozi umwe kuri iryo hayanishwa.

Ivyabona vya Yehova ni bo bahawe agashimwe ka mbere n’abajejwe gusuzuma ivyerekanywe kuri iryo hayanishwa.