Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bamenyesha i Paris icizigiro Bibiliya itanga

Bamenyesha i Paris icizigiro Bibiliya itanga

Kuva itariki 30 Munyonyo gushika itariki 12 Kigarama 2015, i Paris mu Bufaransa harabereye inama ya ONU yerekeye ihindagurika ry’ibihe. Abaserukira ibihugu 195 bashika 38.000, barayitavye kugira bayage ukuntu bogabanya ivyo abantu bakora bigira ingaruka ku kirere. Harimwo abategetsi, abanyasiyansi, abajejwe kubungabunga ibidukikije n’abakuru b’abadandaza. Abandi ibihumbi n’ibihumbi baraje hafi y’ahariko harabera iyo nama, hakaba hariko haramenyeshwa ibijanye n’ihindagurika ry’ikirere.

Naho Ivyabona vya Yehova batitavye iyo nama, baritayeho ibidukikije. Muri ico gihe Ivyabona amajana bari mw’isekeza ridasanzwe i Paris ryo kubwira abantu icizigiro gishingiye kuri Bibiliya bafise co kuba kw’isi itagira ibiyonona.

Igihe Icabona umwe yari muri bisi, yarayaze n’umugabo ava muri Peru yari yambaye impuzu ndangakaranga z’aho. Uwo mugabo yaravuze ko yari arajwe ishinga na kazoza k’iyi si yacu naho yari afise amagara meza kandi aba mu misozi yo muri Peru iteye igomwe. Yarakozwe ku mutima n’icizigiro gihimbaye ico Cabona yamubwiye, maze arakirana akamwemwe agakarata kamenyesha urubuga rwacu www.jw.org.

Mw’igariyamoshi, Ivyabona babiri barayaze n’umunyamerika w’umuhinga mu bijanye n’ibidukikije. Uwo muhinga yaratangaye yumvise ko Ivyabona vya Yehova bamaze kuronka incuro zibiri agashimwe ruheta kitwa Quatre Green Globes bitumwe n’uko bubahirije ibidukikije mu kuntu bubatse inyubakwa zabo nshasha i Wallkill muri New York. Na we nyene yarakiriye abikunze agakarata kamenyekanisha urubuga rwacu.

Hari benshi bemeye kuja ku rubuga rwacu kubera ukuntu Ivyabona bitwararika cane ibidukikije. Igihe uwaserukiye Kanada yumva ko Ivyabona vya Yehova bagize utwigoro two gukingira inyoni zarika mu karere ka Warwick muri New York, ahari icicaro gikuru cabo, yavuze ati: “Imbere y’uko nja mu vyo kwitwararika ibidukikije, nari umushakashatsi mu bijanye n’inyoni. Sinari nzi ko Ivyabona vya Yehova bitwararika cane ibikoko vyo mw’ishamba. Ngiye kuza ndasoma ibinyamakuru vyanyu nongere nje ku rubuga rwanyu kugira menye vyinshi ku biberekeye!”