Utuvidewo twitwa ngo Nube umugenzi wa Yehova, uturimwo indirimbo na dessins animés zikinwa na Kalebu be na Soniya, twaramenyekanye hirya no hino kw’isi. Abavyeyi co kimwe n’abana baranditse kugira berekane ukuntu bakenguruka amavidewo atandukanye. Ng’aya amajambo amwamwe abana bavuze yarungutswe:

  • “Mwarakoze kuduha DVD ‘Umviriza, ugamburuke maze uhezagirwe.’ Buri musi nama ndayiraba ndi kumwe n’igipupe canje c’ingwe.”—Zach w’imyaka 5.

  • “Indirimbo nshasha zituma menya ko Yehova ankunda kandi ko ashaka ko ndamusenga igihe cose.”—Mikariah w’imyaka 6.

  • “Narize kwubaha abavyeyi banje no kugirira isuku aho nononye. Mwarakoze kudukorera ayo mavidewo yabana.”—Nicole w’imyaka 8.

  • “Mwarakoze kuduha iyo videwo. Iratwenza cane kandi iraryoshe cane. Narayikunze cane.”—Mckenzie w’imyaka 5.

  • “Ndakunda amavidewo yitwa ngo Nube umugenzi wa Yehova. Nama ndayaraba buri musi. Yehova vy’ukuri ameze neza kubera ari we yatumye mwiyumvira gutyo.”—Ava w’imyaka 8.

  • “Ndakunda kuraba ayo mavidewo. Ndiko ndiga kuririmba indirimbo zose. Ayo mavidewo aratuma nkunda Yehova cane.”—Devon w’imyaka 4.

  • “Si jewe mbona iyindi Kalebu iraje! Nimubandanye mukora ico gikorwa ciza!”—Vance w’imyaka 8.