Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Impumyi zo muri Afrika ntizibagiwe

Impumyi zo muri Afrika ntizibagiwe

Mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, impumyi ntizitaweho nkuko biri mu bihugu biteye imbere. Izo mpumyi usanga rimwe na rimwe zititwararikwa kandi zidafashwa no mu bintu abandi babona ko ari ibisanzwe. Nk’akarorero, birazigora cane kwiyunguruza, kuja gusuma canke guharura amahera. Icibagiwe co ni ugusoma. Si bose bazi gusoma inyuguti z’impumyi. N’ababizi si ko boroherwa no kuronka ibitabu vy’impumyi biri mu rurimi rwabo.

Haraciye imyaka irenga 100, Ivyabona vya Yehova basohora ibitabu vy’impumyi bishingiye kuri Bibiliya. Baragize umugambi wo gucapura ibitabu vy’impumyi biri mu rurimi rw’igicicewa ruvugwa muri Malawi. Ku bw’iyo mpamvu, baheruka kurungikayo imashini zivuye mu Buholande zicapura bene ivyo bitabu.

Leo ni Icabona akorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Brezile. Kubera ko asanzwe afise ubuhanga mu vyo gucapura ibitabu vy’impumyi, yaragiye muri Malawi kugira yigishe umugwi w’abantu batanu ingene bakoresha imashini zo gucapura ibitabu vy’impumyi. Yaranabigishije porogarama ya orodinateri ikoreshwa mu kwandika inyuguti z’impumyi. Iyo porogarama yakozwe n’Ivyabona ubwabo kandi ikaba ishoboye kwandika igisomwa mu nyuguti z’impumyi. Mu kuyikoresha, umuntu abanza kuyiha indome, ibitigiri n’ibimenyetso vyo mu rurimi rusanzwe agaca ayereka ico bihuye mu nyuguti z’impumyi. Iyo porogarama ni yo ica ishira igisomwa mu nyuguti kandi ikacandika mu buryo bworohereza impumyi gusoma. Ehe ivyavuzwe n’impumyi zo muri Malawi:

Munyaradzi: ni umukenyezi akiri muto akora akazi ko kuremesha ikiganiro kw’iradiyo. Buri kwezi aramara amasaha 70 ariko arigisha abantu Bibiliya. Yavuze ati: “Kera naronka ibitabu vy’impumyi biri mu congereza, ariko kuba ubu ndabironka mu rurimi nonse, birankora ku mutima cane. Ndakenguruka utwigoro twose Ivyabona bagenzanje bagize kugira haboneke ibitabu vy’impumyi biri mu rurimi rwacu. Bituma numva ko tutibagiwe kandi ko turi n’agaciro.”

Francis: ni Icabona ca Yehova aba mu buraruko bwa Malawi. Kubera ari impumyi, yahora akenera ko abandi bamusomera. Igihe yaronka ari bwo bwa mbere igitabu c’impumyi kiri mu gicicewa, yatangaye ati: “Sindavyumva! Noba ndiko ndarota?”

Loyce: ni impumyi kandi akaba amara umwanya munini yigisha Bibiliya. Yarafashije abantu 52 barahindura ubuzima bwabo burarushiriza kumera neza. Uti abigenza gute? We yigisha afise ibitabu vy’impumyi ariko abo yigisha bagakoresha ibitabu bisanzwe, ivyo vyose bikaba bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova.

Loyce ariko yigisha umuntu Bibiliya

Leo, umwe twavuga ko yavuye muri Brezile, yavuze ati: “Nta kintu kimpimbara nk’igihe mpaye impumyi ibitabu bishingiye kuri Bibiliya biri mu nyuguti, nkibonera ingene banezerwa iyo basanze biri mu rurimi rwabo. Benshi muri bo baravuga ko bakengurukira cane Yehova kandi ko akamwemwe kabasya kuba bashobora ubwabo gutegura amakoraniro y’ivy’ugusenga be n’igikorwa co kwamamaza. Ntibaba bagikenera ko hagira uwubasomera. Iyo bakeneye kwiyigisha, ubwabo bariyigisha. Barashobora kurushiriza gukomeza ukwizera kw’abagize imiryango yabo. Emwe, ivyo bitabu birabafasha kwiyegereza Yehova.”

Raba n'ibindi

UMUNARA W’INDERETSI

Woba ushobora kubona Imana itaboneka?

Niwige ingene wokoresha “amaso y’umutima” wawe.