Ja ku birimwo

Guhindura ata kwandika

Guhindura ata kwandika

Ivyabona vya Yehova baramaze guhindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya babikura mu congereza babishira mu ndimi zirenga 900. Guhindura igisomwa canditse ugishira mu rurimi rwandikwa ubwavyo ntivyoroshe. Guhindura mu rurimi rw’ibimenyetso vyo ni ibindi bindi. Abaragi benshi bakoresha intoki n’ibimenyetso vyo mu maso mu kuyaga. Abahindura mu rurimi rw’ibimenyetso rero bafata igisomwa bakagihindura mu mavidewo. Ivyabona baramaze guhindura ibitabu mu ndimi z’ibimenyetso zirenga 90.

Ni bande bahindura mu rurimi rw’ibimenyetso?

Cokimwe n’abandi bahinduzi b’Ivyabona, abahindura mu rurimi rw’ibimenyetso baba bazi neza urwo rurimi. Benshi ni abaragi bakuze bakoresha ururimi rw’ibimenyetso. Abandi barumva ariko bakaba bakuranye n’incuti z’abaragi. Abo bahinduzi kandi bariga Ijambo ry’Imana babigiranye umwete.

Abahinduzi bashasha baramenyerezwa cane ibijanye n’ubuhinduzi. Nk’akarorero, Andrew avuga ati: “Naho nari narize kw’ishure ry’abaragi kandi nkaba nakoresha ururimi rw’ibimenyetso, ukumenyerezwa naronse mu gikorwa c’ubuhinduzi kwaramfashije kumenya neza amategeko y’urwo rurimi. Abandi bahinduzi baranyigishije kuryohora ingene ngira ibimenyetso, ingene ngira ibimenyetso vyo mu maso n’ingene nkoresha umubiri wose kugira nserure ivyiyumviro mu buryo butarimwo amakosa.”

Baritwararika guhindura neza

Abahinduzi bakorera mu migwi. Umwe wese aba afise ico ajejwe muri ibi bitatu: guhindura, gusuzuma ko bihuye neza n’icongereza, no kuraba neza ko hakoreshejwe ibimenyetso vyumvikana. Igihe cose bishoboka, bararondera abaragi bo mu turere dutandukanye kugira basuzume ivyo baba bahinduye. Baca baryohora bisunze ivyiyumviro vyatanzwe n’abo baragi. Ivyo birabafasha kwiyemeza ko ibimenyetso bakoresheje vyumvikana be n’uko ubutumwa batanze mw’ividewo ari ubw’ukuri kandi ko butomoye.

Umugwi uhindura mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Finlande uriko uraganira ku gisomwa c’icongereza

Abahindura mu rurimi rw’ibimenyetso akenshi usanga bitaba amakoraniro agirwa muri urwo rurimi. Vyongeye, akenshi barigisha Bibiliya abaragi batari Ivyabona. Ivyo birabafasha kuguma bajana n’iterambere ry’urwo rurimi.

Umuhinduzi wo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Brezile ariko arafata ividewo ya mbere

Kubera iki bitanga gutyo?

Bibiliya yerekana ko abantu bo “mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose” bazokwumviriza ubutumwa bwo muri yo butanga icizigiro. (Ivyahishuwe 7:9) Muri bo harimwo n’abakoresha ururimi rw’ibimenyetso.

Abahinduzi barahimbarwa no gukoresha umwanya wabo n’ubuhanga bwabo muri ico gikorwa ciza cane. Umuhinduzi yitwa Tony avuga ati: “Kubera ko ndi umuragi, ndazi neza ingorane abaragi bagenzanje bagira. Namye nipfuza cane kubwira abaragi benshi bashoboka ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro.”

Amanda, na we nyene akaba ahindura mu rurimi rw’ibimenyetso, yongerako ati: “Igikorwa co guhindura ibitabu bifasha abaragi kumenya ubutumwa bwo muri Bibiliya gituma numva ko mfise akamaro kuruta igihe nakora akazi gasanzwe.”

Woronka gute amavidewo mu rurimi rw’ibimenyetso ukoresha?

Ja kuri jw.org ahavuga ngo “Ingene woronka videwo zo mu rurimi rw’ibimenyetso.