Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igikorwa co gufata amajwi igisomwa ca Bibiliya hakoreshejwe abantu amajana

Igikorwa co gufata amajwi igisomwa ca Bibiliya hakoreshejwe abantu amajana

“Biraryoshe, birakabura ubwenge.”

“Bituma wiha ishusho y’ivyo usoma muri Bibiliya.”

“Birakora ku mutima! Nca ndushiriza kubona ko ivyo nahora nsoma ari ibintu bibaho vy’ukuri.”

Ivyo ni ivyashikirijwe n’abumvirije igisomwa co muri Bibiliya cafashwe amajwi dusanga muri Matayo, kikaba kiri mu congereza kuri jw.org.

Kuva mu 1978, Ivyabona vya Yehova baratanguye gusohora ibisomwa vyafashwe amajwi vya Bibiliya. Haciye igihe, igisomwa cafashwe amajwi ca Bibiliya, yaba yose canke igice cayo, carabonetse mu ndimi 20.

Mu 2013, igihe hasohorwa ya Bibiliya y’isi nshasha isubiwemwo, vyabaye ngombwa ko n’ibisomwa vyafashwe amajwi bisubirwamwo. Mu bisomwa vy’ubu hakoreshwa amajwi atandukanye ku bantu barenga 1.000 bavugwa muri Bibiliya magingo mu bisomwa vya kera hakoreshejwe abasomyi batatu gusa.

Kuba hakoreshwa abasomyi batandukanye birafasha abumviriza kwiha ishusho y’ibivugwa muri Bibiliya. Naho ico gisomwa atari igikino gifise umuziki n’amajwi yongewemwo, kiratuma umuntu yiha ishusho y’ibiriko biravugwa.

Igisomwa kirimwo abasomyi benshi gisaba gutunganya ibintu mu buryo bwitondewe. Habanza kugirwa ubushakashatsi kugira hamenyekane uwuvuga muri buri gisomwa, insobanuro y’ivyo avuga be ukuntu aba amerewe. Nk’akarorero, hokoreshwa ijwi rya nde mu gihe ari amajambo yavuzwe n’imwe mu ntumwa ariko izina ryiwe rikaba ritavugwa muri ico gisomwa? Igihe ivyavuzwe biba birimwo ugukekeranya, haca hakoreshwa Toma, mu gihe na ho harimwo ukwitanganiza, haca hakoreshwa Petero.

Harisunzwe kandi imyaka y’uwuba ariko aravuga. Nk’akarorero, igihe Yohani avuga ibintu akiri muto, hakenerwa ijwi ry’umusore, igihe na ho avuga ageze mu zabukuru, hagakenerwa ijwi ry’umutama.

Vyongeye, hararonderwa abasomyi beza. Benshi batorwa mu bakorera kw’ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Abasomyi baba bacaguwe barasabwa gutegura no gusoma ingingo zo muri Be maso! be n’imirongo yo muri Bibiliya iserura ishavu, umubabaro, umunezero canke ugucika intege. Kwumviriza abo basomyi birafasha kumenya ubushobozi bwabo bwo gusoma be n’igisomwa boshobora gusoma neza.

Abasomyi bamaze guhabwa igisomwa bazosoma, baca baja gufatwa amajwi muri stidiyo y’i Brooklyn canke i Patterson. Uwubamenyereza ariyemeza ko basoma n’ijwi ribereye. Abasomyi n’umumenyereza barakoresha igisomwa categuwe kibibutsa nk’akarorero aho umusomyi akwiye kuruhuka gatoyi be n’aho akwiye gushimika. Uwo mumenyereza arikora kandi ku gisomwa cafashwe amajwi c’integuro ya kera ya Bibiliya y’isi nshasha.

Amwamwe mu majwi afatwa aca atunganywa muri ako kanya nyene. Kugira haboneke ijwi ryiza, hari igihe abafata amajwi baterateranya udupande dutandukanye twafashwe.

Ntituzi ikiringo tuzomara turiko turafata amajwi iyo nteguro yose yo mu 2013 ya Bibiliya y’isi nshasha. Ariko rero, igihe cose igitabu co muri Bibiliya kizoba kirangiye, kizoca gishirwa kuri jw.org ahavuga ngo “Ibitabu vya Bibiliya,” hama hazoca hashirwako akamenyetso iruhande yaco kerekana ko ico gitabu kimaze gufatwa amajwi.

Raba n'ibindi

Kubera iki Ivyabona vya Yehova basohoye Bibiliya y’isi nshasha?

Ni ibiki bituma iyo mpinduro y’Ijambo ry’Imana iba iyitandukanye n’izindi?

Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Bibiliya iriko irafasha abantu amamiliyoni kw’isi yose kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye cane mu buzima. Woba nawe wobishima?