Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Videwo ifasha urwaruka guhangana n’ikibazo co gutotezwa kw’ishure

Videwo ifasha urwaruka guhangana n’ikibazo co gutotezwa kw’ishure

Hugo ni agahungu k’imyaka cumi. Abagiraneza b’Abongereza baherutse kumuha agashimwe kitiriwe Diana kubera ukuntu yafashije abanyeshure bo kw’ishure yigako kwihanganira gutotezwa.

Hugo avuga ati: “Ako gashimwe ndagakesha ya videwo ivuga ngo Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara. Ikintu conyene catumye ndusha abandi kurwanya ugutotezwa ni ivyo nabonye muri iyo videwo iri kuri jw.org.”

“Abana bo hirya no hino kw’isi baratotezwa buri musi . . . , ariko rero . . . urashobora kugira ico uterereye mu kubirwanya.” (Agace ka ya videwo ivuga ngo Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara)

Hugo yabanje kwereka iyo videwo abigisha biwe. Kubera ko bakozwe ku mutima n’iyo videwo, baciye batunganya ivy’uko abanyeshure bose bamenyeshwa umuhora wa jw.org. Ubu abanyeshure benshi biga kw’ishure rimwe na Hugo bafise imyaka iri hagati ya munani na cumi, bama bakoresha jw.org. Bavuga ko uwo muhora utabafashije gusa guhangana n’ingorane nk’ugutotezwa, ariko kandi ko wabafashije kuronka inyishu z’ibibazo bitandukanye harimwo nk’iki: Noshobora gute kuronka abagenzi nyakuri?

Ikintu cofasha urwaruka

Ku rindi shure ryo mu Bwongereza, agahungu k’imyaka munani kitwa Eliya kariko karatotezwa. Kari kumwe n’abagize umuryango wako bararavye bitonze iyo videwo ivuga ngo Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara. Baragize agakino kerekana ico yovuga n’ico yokora igihe yoba ariko aratotezwa. Ivyo vyaratumye Eliya yumva ko ashoboye gutsinda iyo ngorane. Mu nyuma, mu ndwi yahariwe kurwanya agatotezo, umuyobozi w’ishure Eliya yigako yareretse abanyeshure bose iyo videwo.

Ariko ntiwumve, ugutotezwa si ingorane yo mu Bwongereza gusa. Ni ingorane ikwiye kw’isi yose, kandi iyo videwo iriko irafasha abakiri bato bo hirya no hino kw’isi.

Muri Amerika, hari agakobwa k’imyaka cumi kitwa Ivie katinya umunyeshure bigana yagatoteza. Ivie amaze kuraba ya videwo twavuga, yaciye agira umutima rugabo wo guhangana n’uwo mukobwa yamutoteza. Ivie yarabiganiriye n’umwigisha wiwe, uno akaba yarafashije gutorera umuti iyo ngorane. Uwo munyeshure yarasavye imbabazi kandi ubu we na Ivie barumvikana.

Ivyabona vya Yehova bararajwe ishinga n’ineza y’urwaruka. Tuzobandanya gusohora ibiganiro birimwo impanuro zifasha urwaruka kwihanganira ingorane bagira buri musi, nk’ugutotezwa.

Raba n'ibindi

Noba nkwiye guheba ishure?

Woba ukwiye guheba ishure? Ni ibiki ukwiye kuzirikana?

Wokora iki igihe hari uwugutoteza?

Benshi mu batotezwa bumva ko batagira gitabara. Iki kiganiro kirasigura icokorwa kugira ibintu birushirize kugenda neza.